You are on page 1of 32

‘Urupfunguruzo rw'urugi rw'inzu Urupfunguruzo rw'urugi

yawe . . .’
rwawe …

ni igitabo cakozwe ku mahera


yatanzwe batitangiye itama na . . .

Umurongozi ku gukotesha
kwiza …

Afasha imiryango y'abahunze guta-


hura Ibijanye no 'gukotesha amazu'

64

Aka gatabo kateguwe ku mahera yatanzwe n'amashirahamwe Residential


Tenancies Authority (RTA), Interlink Housing & Support Assocociation Inc.
Urwandiko rwo gukora no kubungabunga ibintu
Intangamarara (Shirako) √ Hari igikenye gukorwa …
Aka gatabo kateguwe ngo gafashe abantu bava mu miry-
ango (CALD) itandatu yo muri Logan/mu ntara Gold
Coast, itanguye kumenyekana kubera imico yayo kandi
ivuga indimi zitandukanye. Intumbero ni iyo kubasha gu-
tahura uburenganzira n' amabanga bijanye no gukotesha
amazu.

Amahera yo kugategura yatanzwe n'amashirahamwe Ibomba Iziko Gusubizamwo


Residential Tenancies Authority (RTA) y'i Queensland itara
biciye mu mugambi w'amahera ritanga mu kwigisha
imiryango, Interlink Housing & Support Association Inc.
na Acces Services Inc., umurwi ujejwe kugira ubushaka-
shatsi kuri aka gatabo waratanguye gutahura neza ingo-
rane NYAKURI zigirwa n'imiryango CALD mu gukota. Iki
gikorwa categuwe na Interlink Housing & Support Asso-
ciation Inc.

Harashimwe cane intererano no gufashanya vyagizwe Amazi mu bwogero Akazu ka sugumwe Igufuri
n'imiryango itandatu y'impunzi yo muri Logan/mu ntara
Gold Coast muri iki gikorwa cose; inkuru y'ingirakamaro
yaronswe mu kuganira, mu bibazo no mu mirwi yatowe,
ivyo vyose vyafashije mu gukora aka gatabo- gako-
reshwa mu kwigisha no gushoboza imiryango CALD, ngo
bihindure mu buryo bwiza imiryango vyerekeye n'iyindi
myinshi.

Guhakana Amazi ashushe Urugi Idirisha


Iki gitabo kirongora mu buryo bwiyoroheje
kw'itegeko ryo gukota ry'i Queensland. Si itegeko
ryashizwe mu majambo yose. Ntutinye rero gusaba
ko bagusigurira igihe uzazaniwe uko ayo mategeko
woyashira mu ngiro mu vyo urimwo.

Inkuru yashizemwo yari iy'ukuri igihe candikwa kandi Itara ryo kwidari Igisenge Ako kwatsa
ishobora gufasha amashirahamwe y'ingirakamaro amatara
akorera mu miryango CALD. Ariko amashirahamwe KUMENYESHA IBIKORWA:
yipfuza kwimura canke guhindura iki gatabo mu Kugeza ku mezi 6 —Interlink: 3808 2206 CANKE 0419 794 391
buryo ubwo ari bwo bwose ategerezwa gusaba 2 Kuva ku mezi 6 —nyene inzu/intumwa canke 63
utuhusha ubwa mbere amashirahamwe Interlink na uhamagare inomero ziri ku rupapuro rw'amasezerano yo
Residential Tenancies Authority kuyemerera ivyo. gukotesha
Ibirimwo
Turabandanya: Amashirahamwe ngirakamaro yo Intangamarara……………………………………………….2
kumenya . . . Ibirimwo………………………………………………………3
Gukenguruka………………………………………………..4
Umurwi……………………………………………….………5
⇒ Multilink (Ishirahamwe rihuza ayandi) 3808 4463 Igice 1
Ivyo kumenya igihe umuntu akeneye aho akotesha
⇒ Tenancy Advice & Advocacy Igihe ari ubwa mbere uhashika …………………………...7
Service (TAAS) Logan 38261598 Gukota biciye muri Interlink………………………………..8
(Ishirahamwe ritanga impanuro kandi rikavugira abakose Gukota muri Queensland- Amategeko yo gukotesha……9
ry'i Logan) Gukota muri Queensland- Uburenganzira n'ivyega
umuntu…………………………………………………….....10
⇒ Tenancy Advice & Advocacy Service (TAAS) Gold Aho umuntu yoronka iyindi nzu akota..………….………..11
Gusaba gukota iyindi nzu……..…………………….……..12
Coast (Ishirahamwe ritanga impanuro kandi rikavugira
abakose ry'i Gold Coast) Igice 2
Rikorera ahantu habiri: Ivyo kumenya kugira bigende neza mu gukotesha
Southport 5591 1102 Ibikenewe mu ntango yo gukota……………………… 15-17
Kuriha amahera yo gukota………………..…………... 18-19
Palm Beach 5598 3230 Gukora ivyononekaye no kubibungabunga...………...20-25
Kubungabunga inzu imbere no hanze...…………… ..26-34
⇒ Tenants Union Queensland (TUQ) Ivyo kungendura inzu…………………………...………35-37
(Ishirahamwe riharanira agateka k'abakose b'i Ingorane ushobora kugira mu gihe ukotesheje……...38-40
Queensland) Amakete no kwandikiranira…..……………………….. 41-42
Hanze ya Brisbane 1800 177 761 Igice 3
Hanze ya Brisbane 3257 1108 Izindi mpanuro zijanye no gukotesha no kuba mu nzu muri
Australia
⇒ Translating & Interpreting Services (TIS) Gutekanirwa mu nzu…………………………………….. 44-46
Ivyo kuriha bijanye n'inzu..………………………………….48
(Ishirahwe rihindura kandi rigasigura ururimi) 131 450 Gukoresha neza amazi birakenewe……………………….49

⇒ Residential Tenancies Authority 1300 366 311 Igice 4


(Ishirahamwe riraba ivyo gukota inzu zo kubamwo) Amajambo nkenerwa yo gutahura
Igihe utanguye gukotesha………………………….……5252
Mu gihe ………………………………………………….…53-54
Ugize ingorane mu gihe ukotesheje…………………….……….55
Mu mpera zo gukotesha…………………………………….…..56
Ibindi bintu ukeneye kumenya…………………………..….57
62 3
Amashirahamwe ngirakamaro yo kumenya……………..59-62
Amashirahamwe ngirakamaro yo kumenya . . .
Uko mwovugana (Logan/Gold Coast)
Gukenguruka

Tugomba gushimira amashirahamwe akwirikira


kubera infashanyo yayo- iyo ataba yo aka ga- ⇒ Acces Services Inc. 3808 9299
tabo ntikari kwandikwa: (Ishirahamwe ryunganira)
⇒ Residential Tenancies Authority (RTA)
(Ishirahamwe Rifasha Abakota Inzu zo Kubamwo) ⇒ Department of Housing Logan 3884 9800
⇒ Acces Services Inc. (Igisata c'inzu za reta c'I Logan)
(Ishirahamwe ryo Kwunganira)
⇒ BCA’s (Bilingual Community Assistants) ⇒ Department of Housing Gold Coast 5583 2200
( Ishirahamwe ry'Abafasha Imiryango Ivuga Indimi (Igisata c'inzu za reta c'I Gold Coast)
Zibiri)
⇒ Multicultural Families Organisation
(Ishirahamwe ry'Ingo Zifise Imico Inyuranye) ⇒ Gold Coast Housing Company 5528 6650
(Ishirahamwe ry'inzu ry'i Gold Coast Housing)
⇒ Tenant’s Union of Queensland
(Isendika ry'Abakota b'i Queensland)
⇒ Multicultural Development Association ⇒ Interlink Housing & Support 3808 2206
(Ishirahamwe ry'Iterambere ry'Abantu b'Imico Association Inc.
Myinshi) (Ishirahamwe mpuza mazu no gufasha)
⇒ Youth Family Services
(Ibikorwa vy'Urwaruka Ruhurikiye Hamwe)
⇒ Multicultural Families 5571 0381
⇒ Anglicare Refugee and Migrant Services Organisation (MFO)
(ARMS)
(Ishirahamwe Ryitaho Impunzi n'Ibikorwa vyo Gu-
(Ishirahamwe ry'imiryango ifise imico itandukanye)
fasha Abimuka ryamuka kuri Angilikana)
⇒ Elder’s Real Estate Woodridge & others
(Ishirahamwe Woodridge ry'Amazu y'Abageze mu
za Bukuru n'ayandi)
4 61
Turabandanya: Amashirahamwe ngirakamaro yo Umurwi
kumenya ...
Umurwi watereye mu buryo ntangere mu
Ico akora …… bwenge bwabaye ubutunzi bwo gutangura '
Urupfunguruzo rw'urugi Rwawe:Umurongozi
mu Gukotesha Kwiza' warimwo abantu bafise
Translation and Interpreting Service (TIS) imico itandukanye.
Ni ishirahamwe rifasha abakose gutahura ivyo
bakeneye mu rurimi rwabo
Umurwi warimwo:

- Sue Boothroyd (Aroranya Ibikorwa)


Department of Housing
Ni igisafa Ca Reta Kijejwe Uburaro gifasha
- Jenny Schultz (Umuyobozi w'Ibikorwa)
abakorero amahera make
- Anne Siakisini (Araba ivy'Uburaro vya IHSS)
Brisbane Housing Company
Abashimirwa vy'umwihariko ni:
Ni igisafa ca Reta Kijejwe Uburaro muri Brisbane
⇒ Valentina Dimoska—Arongoye kwigisha
Abakuze (Rental Tenancies Authority)
Interlink Housing & Support
Association Inc. ⇒ Rya shirahamwe (BCA's) ry'abafasha imiry-
Rirafasha, rikitaho abantu bafise imishahara mito ango ivuga indimi zibiri y'aba Burmese, y'A-
kandi rikabaronderera inzu bashobora kuriha barundi, Afirika, y'Abasomaliya, y'ab'Afghani
n'Abanyasudani

⇒ Sylvia Vallender—Gushushanya

⇒ David Browning—Guhanura
n'ugufasha mu vy'ubuhinga.

60 5
Amashirahamwe ngirakamaro yo
kumenya . . .
Ico akora . . .

Residential Tenancy Authority (RTA)


RTA riraba ko uwukose n'uwukotewe batahura kandi baku-
rikiza ingingo z'Itegeko ry'ugukota inzu zo kubamwo ryo
1994 mu kubamenyesha izo ngingo zo gukota no kubika
Igice 1 neza ingwati ku gukotesha kwose

Ivyo kumenya igihe Small Claims Tribunal (SCT)


⇒ Ni Sentare itorera inyishu amatati ajanye
umuntu akeneye aho n'ugukotesha n'ayandi matati y'amahera atarenza
igitigiri runaka.
Kenshi rero ukwiye kugeragaza umbwa mbere
akotesha. ⇒
gutorera inyishu amatati biciye muri RTA imbere yo
kuja muri Sentare ijejwe ingorane zidahambaye ngw'
ibakiranure
⇒ Igihe ari ubwa mbere uhashika
⇒ Gukota biciye muri Interlink Centrelink
⇒ Gukota muri Queensland- ⇒ Ni ibiro vya reta bitanga amahera yo gufasha
abadakora, abarwaye, abavyeyi, abagenda
Amategeko yo gukotesha bimuka, impunzi, n'abo bafise ubumuga
⇒ Gukotesha muri Queensland-
Uburenganzira n'ivyega umuntu Tenant’s Union of Queensland (TUQ)
⇒ Aho umuntu yoronka iyindi nzu ⇒ Ni ishirahamwe ryubahiriza uburenganzira
bw'bakotesha
akota
⇒ Gusaba gukotesha iyindi nzu Tenant Advice and Advocacy Service (TAAS)
⇒ Ishirahamwe rifasha kandi rigaha inkuru abakose,
ryanonosoye ivyo amategeko yo gukotesha kandi
rikakumenyesha ivyo ukeneye
⇒ Rikaguherekeza muri ya Sentare y'amatati
6 adahambaye canke muri RTA igihe ukeneye 59
uwugufasha kuvuga ku ngorane ufitaniye n'uwo
ukoteye
Igihe ari ubwa mbere uhashika
Niho ugishika muri Australia nk'impunzi?

*Interlink izokuronderera inzu yo gukotesha.


Kugeza ku mezi 6- Kotesha ubicishije muri Interlink(ni
Amashirahamwe amasezerano y'igihe cashinzwe/ amezi 6)
ngirakamaro yo Uzokenera:
- kuriha amahera yo gukotesha
kumenya . . . - Kuriha ivyo ukoresha (akarorero amatara)
- Kuriha amahera y'ingwati
- Gushira umukono ku masezerano yo gukotesha (urupapuro
18a)
- Gushira umukono ku masezerano ajanye n'amahera y'ingwati
(Urupapuro 2)
……... Ivyo akora ...60 - kwuzuza n'ugushira umukono ku masezerano yemeza uko
ivyo mu nzu bimeze imbere yo kuyinjira (urupapuro 1a)
…... Uko mwovugana ...62 Ukwezi 1 imbere yuko igihe c'amasezerano cashinzwe gihera,
INTERLINK izogufasha gufata ingingo mu gihe woba ugomba:
1. Kuguma mu nzu ukotesheje CANKE
2. Kurondera iyindi nzu ukotesha

Kuva ku mezi atandatu— uvugana na nyene inzu/


uwumuserukira mu gukotesha
Uzokenera:
- kuriha amahera yo gukotesha
- Kuriha ivyo ukoresha (akarorero amatara)
- Kuriha amahera y'ingwati
- Gushira umukono ku masezerano yo gukota
- Gushira umukono ku masezerano ajanye n'amahera y'ing
wati (Urupapuro 2)
- kwuzuza n'ugushira umukono ku masezerano yemeza uko ivyo
mu nzu bimeze imbere yo kuyinjira (ukoteye nyene inzu)
Impanuro nziza ku bakotesha:
Igihe ugumye mu nzu imwe kandi ugashira umukono ku yandi
58 masezerano yo gukota (urupapuro 18a), ntutegerezwa 7
kwuzuza ayandi masezerano yemeza uko ivyo mu nzu
bimeze (urupapauro 1a)
Gukotesha ubicishije muri Ibindi bintu ngirakamari vyo
Interlink kumenya . . . . . .

Public Housing/Inzu za reta zo gukotesha


Hari INZIRA ukwirikiza mu kuriha amahera Inzu canke inzu ntoya zikoteshwa na Reta kuri abo
y'inzu. bakorera amahera makeya ku mahera make yo gukotesha
ugereranije n'abigenga

⇒ Wewe (ukotesheje) uzoriha Interlink Private Sector Rental/Inzu z'abigenga zo


(mu mahera y'infashanyo uhabwa na reta) gukotesha
Ni inzu ziganzwa n'abigenga bakazikotesha bo nyene
⇒ Interlink izoriha uwuserukira nyene inzu canke bakariha uwubaserukira ngo azikwirikirane

⇒ Uwuserukira nyene inzu izoriha uwukotesha/ Maintenance Lodgement Form/Urwandiko rwo


nyene inzu kubungabunga ibintu
Ni urwandiko ukoresha muri Interlink n'uwo
ukoteye mu kumenyesha ibikeye gukorwa. Urwo
rwandiko ntirujanye n'amategeko ya RTA, ariko
ruragufasha gusigurira uwo ukoteye/intumwa
ibirwaye ivyo ri vyo

Interlink
Centrepay
Ni amahera wemera ko bakura kuri amwe reta igu-
Housing &
Uwukotesheje fashisha ngo arihe ifagitire zo mu nzu (akarorero:
Support
amahera y'inzu, terefone, amatara)

Family Tax Benefit A&B/Urwandiko rwo


kubungabunga ibintu
Uwuseru-
Ni amahera reta iriha afasha umuryango Kurera umwana/
Uwukotesha kira nyene
abana
inzu
Uwudakora
NI umuntu atagira akazi ahemberwa

8 57
Gukotesha muri Queensland
Turabandanya: amajambo ngenderwako
yo gutahura . . . Amategeko yo gukotesha…
⇒ Igihe co gukotesha giheze Ukotesheje ubicishije muri Interlink, biciye ku nzu reta
itanga canke ukabikora ku giti cawe, hariho itegeko
Kwaka ingwati (urupapuro 4) muri Queensland ryerekeye gukotesha.
Urwandiko rwo kwaka ingwati mu mpera z'igihe
co gukotesha Iryo tegeko rivuga ivyo abakotesha n'abakotesheje
bashobora canke badashobora gukora igihe co
Urwandiko rwo kugaba (Urupapuro 12) gukotesha.
Uwukose aronka uru rwandiko igihe yarenze amasezerano
yo gukota kandi NTATORERE inyishu ingorane mu misi Hepfo hari amwe mu majambo uzokwumva canke
ndwi-inyuma y'urwandiko rumusaba gutorera inyishu im- ukabona igihe uriko urakotesha canke igihe
paka (urupapuro 11) usomye iki gitabo.

Urwandiko rw'umugambi wo kwimuka


(urupapuro 13) The Residential Tenancies Act 1994
Urwandiko ruvuga k'uwukose yipfuza kuva mu nzu akose. Iri ni itegeko ryerekana ingingo zikwirikizwa
mu gukotesha muri Queensland:
⇒Igihe cashinzwe c'masezerano —uwukose
ategerezwa gutanga urwandiko amayinga abiri imbere Agent/Uwuserukira nyene inzu
yuko igihe c'amasezerano gihera Igihe Ni umuntu akwirikirana inzu mu gishingo c'uwukotesha/
⇒Igihe c'amasezerano—uwukose ategerezwa gu- nyeneyo
tanga urwandiko amayinga abiri imbere igihe cose
Real Estate Agent/Uwuserukira nyene inzu
Urwandiko rwo kuvamwo (urupapuro 14a) Aganza inzu abikorera uwukotesha/nyeneyo
Urupapuro uwokose yuzuza igihe co gukota giheze
rwerekana uko ikibanza kimeze avuyemwo akandika Tenant/Uwukotesha
kw'ivyo mu nzu vyogeje , bikora, bitononekaye (akarorero: Ni umuntu ariha amahera y'ugukotesha inzu canke icumba
iziko). Urwo rwandiko rurabirwa hamwe n'urwo kwinjira mu kugira yemererwe kuyibamwo
nzu
Tenancy/Gukota
Igihe washize umukono ku masezerano yo gukotesha
Impanuro nziza ku bakotesha:
hanyuma ukaba uriko urariha amahera yiyo nzu, uba
Bungabunga ingwati yawe—igihe wononye inzu canke
nturihe amahera y'inzu, uwo ukoteye/ wakotesheje. Gukotesha birafise intango n'iherezo.
Intumwa azogumya igice CANKE amahera yawe 56 9
yose y'ingwati! Lessor/Uwukotesha
Ni nyene inzu ikoswe
Gukotesha muri Queensland Turabandanya: amajambo ngender-
wako yo gutahura . . .
⇒ igihe ufise ingorane zijanye no
gukotesha
Uburenganzira n'ivyega umuntu biciye
mu mategeko Amatati
UWUKOTESHA yegwa n'ibi: Kutumvikana canke kudahuza ivyiyumviro
hagati y'abantu babaye bake babiri
⇒ Kuba mu nzu nk'uko amasezerano yo gukota mwumvi-
kanye n'uwukotesha abivuga
⇒ Kuriha amahera y'inzu ku gihe (igitigiri kiri ma masez Impaka
erano) Igihe ingingo z'amasezerano yo gukotesha
⇒ Kugumiza inzu isa neza IMBERE n'INYUMA zitakurikijwe n'uwukose canke nyene inzu
⇒ Kutarenza urwamo ababanyi
⇒ Kumenyesha uwukotesha/uwuserukira nyene inzu Amahera y'inzu yacerewe
ivyononekaye canke ibikeneye kubungabungwa Amahera y'inzu atarishwe kugihe
⇒ Kudakoresha inzu ikintu kinyuranye n'itegeko rya
Australia. Gutorera inyishu amatati
⇒ Kuraba neza ko wewe canke abashitsi Ni igikorwa kitarihishwa kandi kigirirwa abakose
bawe mutonona n'ibigirankana inzu n'abakotesheje mw'ibanga na RTA kugira baganire
⇒ Kuriha ivyo wononye vyose ku matati yabo kandi bashike ku mwumvikano.
UWUKOTESHA/INTUMWA yegwa n'ibi: Ushobora gusaba gutorera inyushu amatati mu
kurungikira RTA urupapuro 16 . Ushobora
⇒ Kugumiza inzu imeze neza guhitamwo kureka umugenzi canke urya
⇒ Gukora ivyononekaye igihe babimusavye agukwirikirana ngo akuvugire muri RTA
⇒ Kukureka ukaba mu nzu nk'iwawe igihe
cose canditswe mu masezerano Urwandiko rwo gusaba gutorera inyishu
⇒ Kutinjira mu nzu yawe atabikwandikiye ngo amatati (urupapuo 16)
abikumenyeshe Ni urupapuro wuzuza igihe ugomba ko RTA
⇒ Gutanga inpfunguruzo z'inzu igufasha mu matati
⇒ Kuraba k'urupapuro mwashizeko umukono rwerekeye
amahera y'ingwati rwagiye muri RTA

Impanuro nziza ku bakotesha: Impanuro nziza ku bakotesha:


(RTA) irakoresha uwuhindura ururimi kuri gusa. Ukaba Wame uvugana n'uwo ukoteye/intumwa igihe ufise
ukeneye guhamagara RTA kw'iterefone, bicishe kuri ingorane igihe ukose, canke urondere uwukuvugira.55
10
(131 450) aho bahindura kandi bagasigura ururimi-
basabe kuvugana na RTA muri Queensland.
Turabandanya: amajambo ngender-
wako yo gutahura …. Aho umuntu yoronka iyindi nzu akotesha:
⇒ Mu gihe co gukotesha
⇒ Uwuserukira nyene inzu
⇒ Ibimenyeshamakuru
Kundera inzu ⇒ Umugenzi
Nyene inzu/intumwa ashobora kugendura inzu uko amezi ⇒ ABARANGA canke ABAKOTESHA
atatu aheze kugira abone uko uwukose afashe inzu kandi ⇒ Kuri interiniti (internet)
ko hari ibikeneye gukorwa. Iki rero ni igihe ciza c'uko
uwukose abwira nyene inzu/intumwa ibikeneye gukorwa
canke imyitwarariko afise
Igihe urondera iyindi nzu ukotesha
Urwandiko rwo kukugendera (urupapuro 9)
Urwandiko ruhabwa uwukose ko nyene inzu /intumwa
ashobora:
1) kugendura inzu (inyuma y'imisi ndwi) canke
2) gukora ivyononekaye (inyuma y'amasaha 24)

Amakete n'ukwandikirana
Amakete aca mu gasandugu ka ⇒ Iyumvire ayo ushobora kuriha
posita ⇒ Saba uwuserukira nyene inzu urutonde
rw'inzu bafise
⇒ Itegereze iyo nzu uhagaze mw ibarabara
⇒ Raba k'ushima aho iyo nzu iri

Impanuro nziza ku bakotesha:


Impanuro nziza ku bakotesha:
Ukaba udafise imodoka, urabe kw'iyo nzu urondera
Inzu yame imisi yose ikubuye, atari igihe gusa baza
yegereye aho uzoronka imodoka ikwunguruza
kuyigendura. 54 11
(ibasi, itereni)
Gusaba gukotesha iyindi nzu: Turabandanya: amajambo ngender-
wako yo gutahura …...

⇒ Mu gihe co gukotesha

Amahera y'inzu
Amahera yama arihwa kugira uwukose abe mu nzu atari
rwiwe

Kuriha Igice c'Ingwati (urupapuro 7)


Urwandiko ruvuga amahera y'ingwati arengako uwu-
kose ariha igihe umahera yo gukotesha aduze.
Wuzuze 'urupapuro rubisaba'
ushiremwo: Kubungabunga ikintu
Kwama witwararika ikintu (akarorero:gutema ivyatsi canke
⇒ Izina kwama ukubura umusezero n'imashini ikwega ibiriko)
⇒ Aho uba ubu
Aho wahora uba ukose

Gukora ivyononekaye
⇒ Uko bogutora
Gukora ikintu capfuye
⇒ Abazoba mu nzu uko bangana (amazina/imyaka)
⇒ Akazi/ivyerekana umushahara
Urwandiko rwa nyene inzu ruvuga kw'afise
⇒ Ibintu ijana bikuranga (ak. ikarata yo kwa muganga
⇒ Ikarata reta igufashirizako, igitabo c'inzira, impapuro umugambi wo kugurisha inzu (urupapuro 10)
urihirako amatara ziriko izina ryawe) Urwandiko rumenyesha uwukose umugambi wa nyene
⇒ Amazina y'ibikoko utunze n'imyaka yavyo inzu/intumwa wo kugurisha inzu akose
⇒ Abakuranga-nk'akarorero: ikete ry'uwo wahora uko-
teye/intumwa ryemeza ko woba warakwirikije ingingo
z'amasezerano yo gukotesha (ak. ko woba wariha
amahera y'inzu ku gihe)

Impanuro nziza ku bakotesha: Impanuro nziza ku bakotesha:


Usabe umuntu kugufasha kwuzuza urupapuro rwo Igihe hari ico udatahura cerekeye gukotesha ubaze
gusaba inzu igihe ugize ingorane canke ukeneye uwo ukoteye/intumwa—baraho ngo bagufashe.
uwugufasha 12 53
Turabandanya: amajambo ngender-
wako yo gutahura ……….

⇒ Mu ntango yo gukotesha
Kuguranya ingwati
Amahera aguranywa mu biro vya reta bifasha
abatifise ngo arihe ingwati. Aya amhera ATEGEREZWA
kurihwa

Amasezerano y'ingwati (urupapuro 2)


Ni urwandiko rushirwako umukono na wewe n'uwo uko-
teye rurungikirwa RTA n'uwukotesha hamwe n'amahera Igice 2
y'ingwati. Urwo rwandiko rubikwa na RTA hamwe
n'amahera y'ingwati y'uwukose kugeza amasezerano yo
gukotesha arangiye-uwukose canke uwukotesheje asho-
Ivyo kumenya kugira
bora rero gusaba ko bamuha iyo ngwati
bigende neza mu
Amasezerano yo kwinjira (urupapuro 1a)
Ni urwandiko uwukose yuzuza mu ntango yo
gukotesha yemeza ko ibiri mu nzu bisa neza, bikora,
gukotesha
bitononekaye (akarorero: iziko).
Urwo rwandiko barugereranya n'urwandiko rwo kuva ⇒ Ibikenewe mu ntango yo
mu nzu rw'uwahora akose kandi rukagereranywa gukotesha
n'urwandiko rwawe rwo kuva mu nzu igihe amasez-
erano yo gukotesha aheze.
⇒ Kuriha amahera yo gukotesha
⇒ Gukora ivyononekaye no
Gukotesha inzu: umurongozi w'uwukotesha kubibungabunga
ku ngingo zo gukotesha muri Queensland
⇒ Ivyo kungendura inzu
(Urwandiko rumemenyesha urupapuro 17a)
Ruha uwukose ubumenyi ku mategeko n'ingingo ⇒ Ingorane ushobora kugira
yo gukotesha muri Queensland. Utegerezwa gu- mu gihe ukotesheje
habwa urupapuro rumwe n'uwo ukoteye igihe ⇒ Amakete no kwandikiranira
utanguye ugukota kwawe.

Impanuro nziza ku bakotesha: 52 13


Kwama ukubura umusezero n'imashini ikwega ibiriko
biragabanya umukungungu.
Amajambo ngenderwako yo
1. Ibikenewe mu ntango yo gukotesha …………………...15 gutahura…
Amasezerano yo gukotesha
Urupapuro rwemeza ukw' inzu ⇒ Mu ntango yo gukotesha
n'ibirimwo bimeze
General Tenancy Agreement (urupapuro 18a)
2. Kuriha amahera yo gukotesha…....18 Amasezerano yubahiriza amategeko hagati y'uwukose
n'uw'awakoteye/intumwa. Igihe ushize umukono ku
Uburyo ukoresha mu kuriha masezerano yo gukotesha, uba wemeye kuba mu nzu
Impanuro ngirakamaro wubahiriza ingingo ziri mu masezerano

3. Gukora ivyononekaye no Igihe cumvikanyweko


kubibungabunga…………..….....20
Igihe cashinzwe uwokose aba mu nzu (akarorero: amezi
Gukora ivyononekaye ... atandatu 6 canke 12 )
Kumenyesha ibikeneye gukorwa no
kubungabungwa Ata gihe cashinzwe
Uko wosaba ko bagufasha Uwukose aba mu nzu ata GIHE CASHINZWE. Hari
Impapuro zerekeye ivyo gukorwa itariki yo gutangurirako ariko nta tariki yo
no kubungabungwa GUHEREZAKO. Ico gihe gitangura iyo igihe
Ivyo gukora bisanzwe cumvikanyweko caheze hanyuma uwukose
Ivyihutirwa gukorwa ntashire umukono ku masezerano avuga igihe
cumvikanyweko
Ivyo kubungabunga …….
Kubungabunga inzu yawe imbere n'inyuma Ingwati
4. Kugendura inzu ……….………….....35 Ni amahera arihwa mu ntango yo gukotesha, hanyuma
akarungikirwa RTA n'uwukotesha. Aya s'amahera
 Kwitegura ………………
Kugendura inzu ………..
y'inzu. Amasezerano yo gukotesha aheze urashobora
gusaba ko RTA igusubiza ingwati yawe. Uw'ukoteye/
 Abemerewe kwinjira ...
Abatemerewe kwinjira …
intumwa arashobora gusaba kugumya amwe muri iyo
ngwati canke yose kubera ivyo wononye ku nzu canke
canke uheranye amahera y'inzu igihe uyivuyemwo.
5. Amakete no kwandikirana ……………..40
- Mbega amakete uyakoza iki? Impanuro nziza ku bakotesha:
14 51
- Abo mukwiye kuvugana Itegeko ry'amazu y'ugukotesha ryo muri 1994 riruba-
hiriza uburenganzira bwawe n'ubwo uwo ukoteye
Ibikenewe mu ntango yo
. gukotesha
Mu ntango yo gukotesha inzu yawe uzokenera:

⇒ Kwuzuza no gushira umukono ku


masezerano yo gukotesha hagati yawe n'uwu koteye
(urupapuro 18a)
⇒ Kwuzuza no gushira umukono ku masezerano yere
keye ingwati
⇒ Gutora imfunguzo

Igice ca 4 ⇒ Urondere kuronka terefone/amatara canke umuyaga


bibe bikora

Amajambo ngender- ⇒ Tegura uwukwimurira ivyawe, ibirimwo


⇒ Ugendure inzu uzokotesha -hanyuma wuzuze kandi
wako yo gutahura… ushi reko umukono ku masezerano yo kwinjira mu nzu
(urupapuro 1a) hanyuma usubize urupapuro rumwe
uwukoteye/intumwa mu misi itatu y'akazi
⇒ mu ntango z'ugukotesha kwawe

⇒ mu gihe ukose

⇒ igihe ufise ingorane mu gukotesha kwawe

⇒ mu mpera z'ugukotesha

Impanuro nziza ku bakotesha:


Igihe hari ikintu udatahura cerekeye gukota, baza
uw'ukoteye/intumwa-baraho ngo bagufashe. Impanuro nziza ku bakotesha:
50 MWAME musaba uwubafasha igihe mudatahura! 15
Ibikenewe mu ntango yo
gukotesha
KUDASESAGURA AMAZI NI
Residential Tenancies Agreement NKENERWA . . .
(urupapuro 18a)

N'amasezerano yemewe n'amategeko ari hagati y'uwukotesha KORESHA AMAZI NEZA . . .


n'uwukoterwa/intumwa.

Igihe ushize umukono ku rupapuro 18a, uba wemeye kuba mu NOBISHOBORA?


nzu nk'uko ingingo ziri mu masezerano zibivuga. Urabe ko uta-
hura ivyo wemeye. ⇒ Kuvomerera umurima wanje, ubwatsi,
Nk'akarorero:
kwoza imodoka, inzu n'ibindi
Urazi igihe uzorihira amahera y'inzu?
Hari ico ugomba kumenya
Urazi igihe uzohagarikira ko gukotesha?
HAMAGARA:
Woba uzi kw'ari wewe vyega gutema ivyatsi
n'ugukorera umurima?
⇒ Logan City Council— 3412 3412
(Abatwara igisagara ca Logan)
Woba uzi ko wemerewe gutunga ibikoko?
⇒ Brisbane City Council— 3403 8888
Entry Condition Report (urupapuro 1a) (Abatwara igisagara ca Brisbane)
(Uko usanze biri) ⇒ Gold Coast City Council— 5582 8211
Ni urupapuro uwukota yuzuza mu ntango y'ugukota ruvuga
kw'ibiri mu nzu vyogeje, ko bikora, ko bitononekaye (akarorero:
(Abatwara igisagara ca Gold Coast)
iziko)
URENGEJE AMAZI ASABWA
Ukaba udatahura ibiri kuri urwo rupapuro, usabe umugenzi KUTARENZWA URASHOBORA GUHANWA
canke umukozi agufashe kurwuzuza. MU KUGUTANGISHA AMAHERA
Impanuro nziza ku bakotesha:
Ufate amasanamu y'ikintu cose cononekaye ku nzu im- Impanuro nziza ku bakotesha:
bere y'ukuyinjira - urwo rupapuro n'amasanamu bi- NTUREKE amazi ngw'agume aseseka igihe
rashobora kuba ivyimezo ngirakamaro igihe wewe 16 utariko urayakoresha 49
n'uwo ukoteye mutumvikanye mu kugusubiza ingwati
igihe co gukotesha caheze.
Ibikenewe mu ntango yo
Amafagitiri yo mu nzu gukota
Guhamagara kw'iterefone…
Mu bice vya Logan na Gold Coast

Telstra  hamagara: 132200 Impanuro ngenderwako zo


Origin  hamagara: 131253
kwibuka . . .
Mu ngorana (ata muyagankuba)
 hamagara: 131253
Umwuka wo guteka/ akarorero AGL
 hamagara: 1300 309 132
1) NTUZOKWIGERE USHIRA UMUKONO KU
Umwuka batekera mw'icupa/ORIGIN RUPAPURO ATACANDITSEKO
 hamagara: 1300 308 624
(Amahera yo kubungabunga ibintu = arihwa
rimwe) 2) NTUZOKWIGERE USHIRA UMUKONO KU
KINTU NA KIMWE KIRETSE UTAHURA IVYO
Amuyagankuba  hamagara: 1300 308 624 URIKO URASHIRAKO UMUKONO

Kugeza ku mezi 6— Interlink izokurihira, amatara/


umwuka amahera yo kurondera terefone canke ay'u- 3) UBIKE NEZA URUPAPURO
mutekano
RW'IKINTU COSE USHIRAKO
Kuva ku mezi 6— uzokwirihira terefone, amatara/
UMUKONO
amahera yo kurondera umwuka wo mu muringoti,
kurondera terefone canke mahera y'umutekano

Impanuro nziza ku bakotesha:


Wibuke kuriha fagitire kugihe. utabikoze, barashobora
KUGUCIRA amatara/umwuka canke terefone. 48 17
Kuriha Ukeneye kumenya vyinshi
amahera y'inzu . . . kuvyerekeye umutekano,
ushobora guhamagara:

Uburyo bwo kuyariha: ⇒ Brisbane Council— 3403 8888


(Abatwara Brisbane)

⇒ Rent Card ((uhabwa n'uwo ukoteye/intumwa)


⇒ Gold Coast City Council— 5582 8211
(Abatwara Brisbane)
⇒ Centrepay (mu mahera reta igufashisha)

⇒ Kuyashira kw'ikonte yiwe (bigirirwa mw'ibanki) ⇒ Origin— 131253

⇒ Money Order (aca mw'iposita)


⇒ Department of Emergency Services—
3247 8100
⇒ Gukoresha urupapuro (uruhabwa n'intumwa) (Ibiro bijejwe ibikorwa vyo gutabara)

⇒ Gutanga amahera mu minwe (igihe uw'ukoteye/


intumwa yemera amahera mu minwe raba ko ufise
ayakwiye)

Impanuro nziza ku bakotesha: Impanuro nziza ku bakotesha:


Ubike neza impapuro ZOSE Ni nkenerwa kugumiza inzu yawe n'umuryango wawe
18 mu mutekano. 47
Turabandanya: Umutekano mu nzu . . . Birabandanya: Kuriha amahera y'inzu

Amagufuri (X= OYA) (√ = EGO)


Impanuro zikenewe . . .
⇒ Wugare inzugi n'amadirisha igihe utari mu-
hira √ ⇒WAME uvugana n'uw'ukoteye/intumwa IMBERE yuko
uhindura uburyo bwo kuriha amahera y'inzu (akarorero: wa-
⇒ Wugare inzugi n'amadirisha igihe utari mu-
hora uyatanga mu minwe hanyuma ukagomba kumuriha
hira √ biciye kw'ikonti yawe mw'ibanki)

⇒ WAME ubika impfunguruzo ahantu hihishije


⇒Igihe udashoboye kuriha amahera y'inzu, WAME uvugana
n'uw'ukoteye/intumwa
Amazi ashushe
⇒ NTUSHIRE iminwe mu mazi ashushe ⇒Hagize igihinduka mu buzima bwawe (akarorero:igihe
canke ngo utege umubiri (ushobora uronse akazi canke ugahindura akazi, WAME ubwira ya nzu
GUSHA) X ya reta ufashirizwamwo kuko ivyo bishobora guhindura
amahera iyo nzu igufashisha
⇒ Imbomba ry'amazi ashushe rijojota
rikeneye gukorwa √

Igihe vyihitirwa GUSA!


Hamagara 000

Impanuro nziza ku bakotesha:


Wibuke kuzimya ibintu vyose bikoresha umuyagan Impanuro nziza ku bakotesha:
kuba igihe usohotse canke ugiye kuryama 46 Ukaba ufise ingorane mu kuriha amahera y'inzu, 19
uvugane na nyene inzu/intumwa
Uko wobigenza mu kuriha
Gukora ivyononekaye n'ivyo Turabandanya: Umutekano mu nzu . . .
kubungabunga . . .
:
Ivyerekana umutekano: (X= OYA) (√ = EGO)
Kubungabunga (ni ukwitaho inzu)
NTUKORESHE imashini z'umuya-
X

Nyene inzu/intumwa yegwa n'ibi: gankuba hafi y'amazi (akarorero:
⇒ Kuraba kw'inzu imeze neza igihe uwuyikose agomba ay- imashini yumutsa umushatsi)
injire
⇒ Kuraba ko vyose bikora kandi kw'inzu ata ngorane itera
igihe ikoswe.
⇒ NTUSHIRE ibintu vy'ivyuma mu
mashini ishusha umukate
X

NTUSIGE ibuji zaka zitazimije



X
NTUSHIRE uburengeti canke impuzu
X

hafi canke KU mashini ishusha
Uwukose arabwa n'ibi:
⇒ Kugumiza inzu isa neza kandi iri nk'uko yari imeze igihe
ayinjira.
⇒ NTIWICARE hafi y'imashini ishusha X
NTURAHURE umuriro n'urutsinga
Gukora ivyononekaye

igihe ivyo urahurako vyakije X
Igihe hari ivyononekaye ku nzu uwukose ategerezwa kubibwira ⇒ UZIMYE imashini ishusha igihe √
adatevye uw'akoteye. usohotse
Hari bimwe mu vyononekaye uwukotesheje ategerezwa gukora
kandi akabigura. Hari ibindi vyononekaye uwukose ⇒ UZIMYE imashini ishusha igihe √
ashobora kugura. Umenye uwo ubarira igihe hari utariko urayikoresha
ibikeneye gukorwa vyihuta.
UZIMYE amabuji imbere yo guso-


hoka

⇒ WAKISHE umwuka icabigenewe √


Impanuro nziza ku bakotesha:
Umenyeshe ibikeneye gukorwa udatevye! Igihe uger- ⇒ UZIMYE ivyo kurahurako imbere yo
ageje kuvyikorera ushobora kurushiriza kuvyica- ico kurahura
gihe rero utegerezwa kugura ivyononekaye.
20 45
Birabandanya: Gukora ivyononekaye n'ivyo
Umutekano mu nzu . . . kubungabunga . . .

Umuyangankuba (X = OYA) (√ = EGO)


Akarorero k'ivyononekaye uwukose
Ivyo kurahurako ashobora kuriha:
umuriro ⇒ Umusezero wononekaye-(uturiwe n'ifero, uturiwe
n'itabi, abana/ibikoko bawihagarikako)
⇒ NTUZOKWIGERE urahura umuriro canke ngo
⇒ Amadirisha amenetse (bayateyeko umupira)
uzimye ufise iminwe ikanye X ⇒ Ibitoboro mu mpome
⇒ Kurandura imyango/amadirisha azunguruka
⇒ Usabe uw'ukoteye/intumwa gusubiriza ivyo ⇒ Kuzibira imiringoti kubera ibintu bitari vyo
urahurako umuriro igihe vyamanyutse canke bashizemwo
biriko amabara y'ivu/y'umuhondo. √
Iziko Akarorero k'ivyononekaye uwukotesha
ashobora kugura:
⇒ NTUKORESHE amabakure
ashonga ku ziko
Icononekaye ku nzu KITAVUYE kuri wewe canke ku
rishushe X mushitsi wawe. Nk'akarorero:
⇒ Inzu iva
⇒ KORESHA amabakure y'ivyuma ⇒ Imiringoti yamenetse
ku ziko √ ⇒ Iziko, icuma gishusha amazi, umatara bidakora
neza
⇒ NTUKORESHE amabakure ashonga ku ziko
rishushe X
⇒ KORESHA amabakure y'ivyuma ku ziko
rishushe √
Impanuro nziza ku bakotesha: Impanuro nziza ku bakotesha:
Amabomba ajojota ARASESAGURA AMAZI! Igihe NTIMUSHIRE imisumari mu mpome nyene inzu/intumwa
ukoresha amazi arenze ushobora kurihishwa 44 ITARABAHA uruhusha 21
amahera arenze
Birabandanya: Gukora ivyononekaye
n'ivyo kubungabunga . . .

Ukeneye ko bagufasha?
Rondera umuntu avuga icongereza hanyuma
umusabe kugufasha kwuzuza urupapuro
rw'ivyo kubungabunga hanyuma urutware :
- Muri Interlink (kugeza kumezi 6)
- K'uwubarongoye (igihe cose)
- K'uw'ukoteye/intumwa (inyuma y'amezi 6)
- Kuri BCA (igihe cose) Igice ca 3
Wibuke …
Inzindi mpanuro Zo
Igihe hari ico udatahura; gukotesha no kuba
usabe ko BAGUFASHA…

Hehe?
mu nzu muri
* Interlink (kugeza ku mezi 6)
Australia ...
* uw'ukoteye/intumwa (Kuva ku mezi atandatu)
* Uwubarongoye (igihe cose) ⇒ Umutekano mu nzu
* BCA (igihe cose)
* Acces Services Inc. (igihe cose) ⇒ Amafagitire yo kuriha
* Multicultural Families Organisation (MFO)
(igihe cose)
*Residential Tenancies Authority RTA)(igihe cose)
⇒ Gukoresha neza amazi
*Tenant Advice and Advocacy Service (igihe cose)
Menya ibi: Inkuru yatanzwe muri iki gice
S'itegeko ryo gukotesha ariko yatanzwe
Impanuro nziza ku bakotesha: Residential Tenancies ngw'ifashe abakotesheje batahure ibintu
Authority(RTA) irafise umusiguzi atarihwa.Igihe ukeneye bimwe bimwe ngirakamaro bijanye no kuba mu nzu
guhamagara RTA, Uhamagare (131 450) aho bahindura muri Australia.
ururimi kandi bagasigura hanyuma ubasabe kuguha abo
muri RTA muri Queensland 22 43
Birabandanya: Gukora ivyononekaye n'ivyo
Turabandanya: Amakete no kubungabunga…
kwandikirana
Kumenyesha ivyo gukora n'ivyo kubungabunga
⇒Small Claims Tribunal (SCT) 1.Igihe ukota ubicishije muri Interlink (kugeza Ku
(Sentare y'Amatati Matoya) mezi 6 muri Australia)
⇒Department of Housing (Ibiro bijejwe ivy'inzu) Igihe ukose biciye muri Interlink hariho intambuko ivyo
gukora no kubungabunga bisaba.
⇒Centrelink Ibiro vya (Reta vyo gufashirizwamwo)
Intambuko ya 1: Uwukose amenyesha ibikorwa n'ibibun-
gabungwa Interlink
Urashobora kuronka amakete avuye muri Intambuko ya 2: Interlink imenyesha intumwa ibikeneye
Interlink ... gukorwa no kubungabungwa (Interlink ifise uruhara GUSA
rwo gukora ivyononywe n'uwukose)
Yerekeye:
Intambuko ya 3: Intumwa imenyesha Uwukotesha


⇒Amasezerana yawe yo gukotesha; ibikeneye gukorwa no kubungabungwa
⇒Amahera yawe y'inzu; (Intumwa zirabwa no gukora ikindi kintu cose)
⇒Guhungabanya ababanyi bawe;
⇒Kugumiza inzu yawe ikubuye kandi mu 2. Igihe ukota ku giti cawe uvuganye na nyene inzu/
rutonde rwiza. intumwa (kuva ku mezi 6)
Igihe ukotesha ku giti cawe hari INTAMBUKO zijanye no
gukora ivyononekaye n'ivyo kubungabunga.
Important! (ivya nkenerwa)
Intambuko ya 1: Uwukose aramenyesha intumwa ivyo gu-
kora n'ivyo kubungabunga
Igihe uronse ikete rivuye muri Sentare
y'Amatati Matomato: Intambuko ya 2: Intumwa iramenyesha uwukotesha ivyo
gukora n'ivyo kubungabunga
1) Uzogende ku musi wo gusasa (ushobora gu- Intambuko ya 3: Uwukotesha aravyemera hanyuma in-
tanga iciyumviro cawe) tumwa ikitegura kubikoresha.
2) Uzotware umuntu ashobora kuvuga kandi
agatahura icongereza
Impanuro nziza ku bakotesha:
Intumwa yawe canke uw'ukoteye bashobora kugira
urupapuro rudasanzwe wuzuza mukumenyesha
Impanuro nziza ku bakotesha: 42 ibisubirwamwo. Urashobora gukoresha ibiri ku 23
Wame uraba agasandugu ka posita!!! rupapuro rwa 63 ukaba ubona kw'ari ingirakamaro.
Birabandanya:Gukora ivyononekaye
n'ivyo kubungabunga… Amakete & no kwandikirana
Ivyo gukora bisanzwe

Ni NKENERWA!
⇒Ibomba risesa amazi ⇒ Ugerageze gusoma amakete yawe
utabishobora
⇒ ubwire umuntu ashobora kugu
fasha mu kiringo c'umusi
(amasaha 24).
⇒ Nta muco? Ukeneye gusubiriza itara
Wovugana na bande?...
⇒ Interlink Housing & Support (kugeza ku mezi 6)
⇒ Lessor/agent (inyuma y'amezi 6)
⇒ Uworongoye imihana yanyu (igihe cose)
⇒ Amazi yapfuye mu
⇒ BCA (igihe cose)
bwogero
⇒ Case Worker (igihe cose)


MFO (igihe cose)
Acces Services Inc.
Amakete ajanye n'ugukotesha

ushobora kuronka . . .
⇒ Umwango uzunguruka/
idirisha urumutse ⇒ Ikete ryo kukugendera (urupapuro 9)
⇒ Ikete ryo gutorera inyishu amatati (urupapuro 11)
⇒ Ikete ryo kwimuka (urupapuro 12)
⇒ Uko amazi 6 aheze n'ukuraba kw'ikigabisha ⇒ Ikete rya nyene inzu kw'afise umugambi wo
umwotsi gikora kugurisha (urupapuro 10)
⇒ Ikete rya nyene inzu/intumwa rikumenyesha
⇒ Hindura ibateri hagati y'amezi 6 -12 igihe bikenewe kw'amasezerano yo gukotesha ari mu kurangira

Impanuro nziza ku bakotesha:


Impanuro nziza ku bakotesha: Wame uraba mu gasandugu kawe ka posita ! Harasho-
Igihe uhisemwo kwihindurira itara WAME ubanza guca bora kuba hari ubutumwa bwihuta bugusaba guca ugira
amuyagankuba 24 ico ukora. 41
Ingorane ushobora kugira mu Birabandanya:Gukora ivyononekaye n'ivyo
kubungabunga…
gihe ukose — Ico wokora …
Ivyihutirwa gukorwa
Baguhaye urwandiko rwo kwimuka(urupapuro 11)
canke urwandiko rwo kuganira (urupapuro 16) hanyuma ntim- Umwuka canke amatara
wumvikane na nyene inzu ku ngorane yawe, ushobora kuvugana
na RTA ugasaba ko bobasha gutorera inyishu impaka Ivyamenetse

Akazu ka sugumwe kazivye/


amazi yako adakora
⇒ RTA irashobora kugufasha muri izo mpari

⇒ Urashobora kuvugana na RTA canke


ukarondera umuntu ashobora kukuvugira

⇒ Urashobora gushira umukono ku rwandiko


ruha uruhusha uyundi muntu kukuvugira Izdirisha ryamenetse

⇒ RTA ikwirikiza itegeko ryo KUGIRA IBANGA


UBWA MBERE…
ivyo bababwira 1) Genda kw'ikonteri
Ata mazi
ashushe ariho 2) Agatuma amazi ashuha
⇒ Ikintu cose uvuga kiguma HAGATI kazimije, ukatse.
YANYU Katizimije:urindire kw'amazi
ashuha. Amazi adashushe;
ubwire uw'ukoteye/intumwa.
3) Igihe agashusha amazi ka-
takije hanyuma ukakije ka-
gaca kizimya; bwira uw'uko-
teye/intumwa.
Impanuro nziza ku bakotesha:
Igihe ukeneye infashanyo ngo utorere inyishu impaka Impanuro nziza ku bakotesha:
canke ngo uvugane n'uw'ukoteye terefona urashobora Abantu ukenera kubwira igihe hari ivyihutirwa
kandi guterefona inzu iha impanuro kandi ikavugira 40 gukorwa bategerezwa kuba ku rupapuro 25
abakose mu rutonde ruri ku mpera z'iki gitabo. rw'amasezerano yo gukota.
Kwitwararika inzu yawe imbere no Birabandanya: Ingorane ushobora
hanze… kugira mu gihe ukotesheje…
ico ushobora gukora
Ni igikorwa cega uwukose kugumiza inzu ikubuye kandi imeze
neza. Umuntu wese afise ivyiyumviro bitandukanye ku nsiguro yo
gukubura, ariko impapuro zikwirikira ziraza kuguha icuyumviro ca
bimwe mu nzu yawe n'uko wovyoza. Wibuke ko kureka ibidome Notice to Remedy Breach (Urupapuro 11)
bikaja ku musezero canke kureka ifira rikaza mu bwogero bisho- Urwo rupapuro rushobora gukoreshwa
bora gutuma utakaza amwe mu mahera yawe y'ingwati. n'abakotesheje

⇒ Rushobora guhabwa uwukotesheje igihe atakwirikije


Ni hehe ushobora kugura ivyo kwogesha? ingingo ziri mu masezerano y'ugukota (akarorero: atar-
⇒ Ni mu nzu yo gusumiramwo ishe amahera y'inzu ku gihe canke agahungabanya
umutekano w'ababanyi)
Wokoresha ibiki mukwoza?
⇒ Koresha GUSA ibintu vyemewe- raba in- ⇒ Uwukose aba afise imisi 7 ngo atorere inyishu iyo ngo-
siguro ku vyo gukoresha canke usabe bagu- rane
fashe
⇒ Uwukose arashobora kuruha kandi uwukotesha/
Ibintu bitonona ibidukikijije …… intumwa igihe atakwirikije ingingo ziri mu masezerano
yo gukota (akarorero: Warabwiye uwukotesheje
Inkarisha— isukiranye n'amazi irafasha gukurako ifira kenshi ko akagera amazi mu kwoga kapfuye ariko nti-
hagire ico akora)
Ikinyuko gikanye— kirashobora gukoreshwa mu gu-
kura ibirabagu ku madirisha ⇒ Uwukotesheje/intumwa aba afise imisi 7
ngo atorere inyishu ingorane igihe wamu-
Isabuni y'amazi—bagisutse ku mpuzu ikanye, kirasho- haye urwandiko rwo gutorera inyishu im-
bora gukoreshwa mu gishingo c'ivyoza ikinure pari (urupapuro 11)

Isabuni y'amazi—bagisutse ku musezero imbere yo


gukwega ayo mazi n'imashini kirakurako ibintu bimo- Impanuro nziza ku bakotesheje:
tako Ni vyiza KUBANZA kuvugana n'uw'ukoteye/
intumwa kugira mutorere inyishu ingorane yanyu
imbere yo kumuha urwandiko rwo gutorera inyishu
26 39
impari (urupapuro 11)
Kwitwararika inzu yawe imbere no
Ingorane ushobora kugira mu gihe hanze …. Aho kwicara no kurira ….
ukotesheje…

Harashobora kuba ingorane mu ghe


ukotesheje bishitse nk'akarorero ko:

Wewe . . .
⇒ Ucerwa kuriha amahera y'inzu
⇒ Utatemye ivyatsi none vyasuguye

Uw'ukoteye . . .
⇒ Akugendera atakwandikiye ngo abikumenyeshe
⇒ Adakora ivyononekaye warabimunyesheje kenshi

Ibintu nk'ibi bishitse…

Wewe canke Uw'ukoteye mushobora: Impanuro zo kwoza no kubungabunga ibintu…


⇒ Wigizeyo ibintu wakoresheje
⇒ Woze amadirisha n'imyango y'ibiyo ukoresheje ikinyuko
⇒ kuvugana kugira mushike aho mutahurana
c'ibiyo (ugomba ko vyakaka kurusha-hanagura
⇒ kumuha urwandiko rwo gukuraho impaka amadirisha ukoresheje ikemenyeshamakuru wanyu-
(urupapuro 11) kuye)
⇒ guha RTA Urwandiko rwo gutorera umuti impari ⇒ Uhanagure ningoga ibisesetse ku musezero-
(urupapuro 16) hanyuma mukaraba ko bashobora ku birashobora kubuza ibidome kujako
⇒ Woze umusezero n'imashini ikwega ibiriko bigo- Imashini ikwega
bafasha gutorera inyishu ingorane yanyu.
ranye nka rimwe mw'iyinga
⇒ Wogeshe impome ibintu bikurako ibinure canke ikindi
kintu c'amazi cemewe (akarorero n'isabuni isukiranye
n'isukari)
⇒ Woze ibirabagu ku madirisha n'imyango izunguruka
ukoresheje ikinyuko c'amenyo gishaje cumye hanyuma
Impanuro nziza ku bakotesha: Igihe baguhaye urwandiko
ubihanaguze ikinyuko c'irangi gikanye.
rwo kugenda canke kuganirira ngo muheze impari za mwe
na nyene inzu/intumwa- ushobora kuvugana na RTA
canke TAAS ngo umenye ko baguhaye inzandiko Impanuro nziza ku bakotesha:
38 27
zikwiye Gukwega ibiri ku musezero n'imashini kenshi
biragabanya umukungugu n'ibidome
Kwitwararika inzu yawe imbere no Birabandanya: Kugendura inzu
hanze.. mu cumba …
KWITEGURIRA KUGENDURA INZU

Ukubure inzu (inzu yawe) IMBERE…


⇒Igikoni (akarorero: hejuru ku ziko
Imashini na ca gice co kwotsa ibintu)
y'umuyaga iri ⇒Woze hose hasi
⇒Woze imisezero yose
kw'idari
⇒Woze impome zose
⇒Woze ububati bwose
⇒Woze mu bwogero
Uburiri ⇒Woze ca kigarigari co kwogeramwo
⇒Woze mu vyumba
⇒Utore kandi ushire impuzu zose mu kabati

Utegure inzu (inzu ubamwo) HANZE…


⇒Igiseke c'umwanda (wame utekera ibivunguka imbere yo
Imeza n'itara kubishira mu giseke c'umwanda)
⇒Uteme ivyatsi
⇒Urandure ivyatsi bibi mu mirima
⇒Woze amadirisha


EGO
Intebe


Impanuro nziza ku bakotesha:
OYA
Mu mese kandi muhindure amashuka n'ibitambara
vy'imisego kw'iyinga 28 37


Kwitwararika inzu yawe imbere no
NINDE UREKA NGO YINJIRE; NI NDE
WANKIRA KWINJIRA KUGENDURA INZU? hanze.. Igikoni ..
Ureka ngo hinjire…

⇒ Umuntu uzi CANKE

⇒ Umuntu akweretse karangamuntu y'ukuri


(akarorero:Yambaye ka gapapuro kamuranga canke
akakwereka ikarata y'akazi)

Ntureke ngo hinjire…

⇒ Umuntu adashobora kwerekana ibimuranga

⇒ Umuntu ataguhaye urupapuro rwo kugendura inzu


(umuntu adafise urupapuro rwo kugendura inzu
umureka ngo yinjire igihe GUSA uvyemeye)

Wame URABA… Impanuro zo kwoza no kubungabunga


ibintu . . .
1. Ni nde yanditse ku rupapuro rwo ⇒ Ugerageze kugumiza igikoni gikubuye kandi ibintu
kugendura inzu (urupapuro 9) biri ku rutonde imisi yose
kugira akore ivyo? ⇒ Woze ibintu kandi ubibike igihe wabikoresheje
2. Uwo muntu ava hehe? ⇒ Woze impome kuva hasi kugeza hejuru
⇒ Woze kandi uhanagure hasi kenshi kenshi kugira ntiha-
jeko ibidome
⇒ Uhanagure hasi n'ivyokwogesha vyemewe gukoreshwa ku
mabati igihe ari yo yakoreshejwe (NTUKORESHE
ivyagenewe guhanagura hasi hakozwe mu mbaho)
Impanuro nziza ku bakotesha:
Igihe utazi uwukugendeye, ushobora kuvuga, 'Witwa Impanuro nziza ku bakotesha:
ngwiki?"Uva hehe?" WAME ushira kure ivyokurya kugira ntukwege UBUN-
36 YEGERI, INYENZI, IMBEBAn' IMENDE 29
Kugendura inzu…

UZORONKA URUPAPURO URUHE?


⇒ Urupapuro rw'ukugendura inzu
(urupapuro 9).
imashini ishusha

iziko imashini ikanyisha

RUZOBA RUVUGA IBIKI?


isafuriya ikaranga
⇒ Itariki y'ukugendura inzu

imashini yo ⇒ Uwuzogendura inzu


inkono kwotsa
umukate ⇒ Iyo uwo muntu ava

ibirika ry'umuyangankuba
Impanuro zo kwoza n'ukubungabunga ibintu… UMENYESHWA IKI?

Hejuru ku ntebe ndende yo mu gikoni— koresha ivyari vyo ⇒ Kugendura inzu — hasigaye imisi 7
vyose vyoza, ibikurako ibinure
⇒ Kugukorera — hasigaye amasaha 24
Iziko amashiga yayo—koresha ivyoza ibinure, ivyari vyo vyose
vyoza

Iziko/igice cayo cotsa—koresha ivyoza ico gice, ivyo ari vyo


vyose vyoza, kwoza n'amazi asukiranye n'ibintu bikurako um-
wanda Impanuro nziza ku bakotesha:
Utegerezwa kuronka urupapuro rw'ukugendura inzu
Ibikoresho vyo mu gikoni (akarorero amasahani, ibikombe, hasigaye imisi 7
udusahani biterekwako, intambi ibiyiko n'ibindi) 30 35
—kwogesha ibintu bikurako umwanda
Kwitwararika inzu yawe imbere no Kwitwararika inzu yawe imbere no
hanze… hanze y'inzu hanze… Mu bwogero …

Igiseke c'umwanda…
WAME utekera imyanda yo mu gikoni mu mifuko IMBERE yo
kuyishira mu giseke yagenewe

Impanuro zo kwoza n'ukubungabunga ibintu


Imeza-koresha ibikurako ibinure, ivyoza ivyo ari vyo vyose
Ivyirore- koresha ivyoza ibiyo
Utubaho/ibiyo vyo mu bwogero-koresha ivyoza ibiyo
Ifira- amavuta yo kwoza
Ico kwitumamwo- kucoza imisi yose n'ikinyuko caco n'ivyoza ibinure,
imiti yica ubukoko, ikintu bacogesha
Amasaso yo hasi- gukoresha ivyoza amabati vyemewe
(NTUKORESHE ku mabati ivyagenewe kwoza imbaho bakoresha hasi)
Igiseke c'imyanda Igiseke gisubira gucurwa Ikigarigari co kwogeramwo-koresha ivyoza ibinure, ivyoza ibindi vyose
Aho guhagarara mu kwoga- koresha ivyoza ibinure, amavuta yo
kwoza, ivyoza ibindi vyose

Impanuro nziza ku bakotesha:


Ubaze uw'ukoteye/intumwa umusi ukeneye gushira
igiseke c'umwanda na kimwe basubira gucura hanze Impanuro nziza ku bakotesha:
kugira bakuremwo umwanda. Isabuni y'amazi bayisutse ku mpuzu ikanye irashobora
34 gukoreshwa mu kibanza c'ivyoza ibinure. 31
Kwitwararika inzu yawe Kwitwararika inzu yawe imbere no
imbere no hanze… hanze… hanze y'inzu
Aho kumesurira…

EGO
Amashurwe


OYA

Impanuro zo kwitwararika hanze y'inzu


⇒ Muvugane n'uw'ukoteye kugira umenye kwari wewe
uzobungabunga umurima n'ugutema ivyatsi
Imashini imesa n'iyumutsa
⇒ Akaba ari wewe biraba gutema ivyatsi ariko utagira
imashini yo kubitema, urabe ko wotira umugenzi

Impanuro zo kwoza no kubungabunga ibintu…


Imashini itema
ivyatsi
Impuzu— ifu yo kumesa/isabuni y'amazi n'ivyorosha impuzu
Inkorofani

⇒ Koresha GUSA ifu ingana niyo bakubwira/isabuni y'amazi Igiti mashini yo mu


n'uko nyene mu kumesa impuzi zawe murima
Impanuro nziza ku bakotesha:
Impanuro nziza ku bakotesha: Vyokoroha kurusha urishe umuntu agutemera ivyatsi
Ukaba ufise imashini yumutsa impuzu, woze uko haheze amayinga 4 -6. Uwutwara imihana yanyu
akayungiro igihe cose kugira ntihaduke umuriro 32 yogufasha kurondera uwubikora. 33

You might also like