You are on page 1of 5

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzima.es.tl

"Nukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro 60 fr
N40/2011

25/9/2011 IDOMINIKA YA MIRONGO IBIRI NA GATANDATU-Umwaka-A

REKA KUGERA INGERE KU YINDI, REKA KWIHORA


Muri iki gihe mu muryango wEkleziya yacu yi Burundi havugwa mwo ivyerekeye gusubiza hamwe no kurekuriranira, birakwiye ko twoza tura-garuka kenshi kuri ico civugo. Uti kuki? Wumvirije kenshi amakuru mu nsamirizi zose zi Burundi, urumva ingorane ninzanko zitari nke ziri mu gihugu ziturutse ku bintu bitari bike: - uri abapfa amatongo. - uri abagiriranira ishari mu rudandazwa. - uri abapfa ivyimigambwe badasangiye. - uri ubwicanyi buhagaze ku moko, ku ntara, ku migambwe, ku maronko yivyisi, nibindi- uri abaharika nabaharikwa. - uri abafatwa bagashurashuzwa ku nguvu. - hari nabapfa ibibanza, ivyicaro, ubutunzi. Muri ivyo vyose, nta na kimwe cotuma abantu bihorahorana, bagera ingere ku yindi. Umwe wese yotegerezwa kubaho yironderera ivyiwe, akabaho nkuko Imana ibimuhaye no mu buryo ishaka ata gusharika uwundi canke ata kurondera kumwihora mu vyo Imana yamwihereye. Hariho nabashobora kuziza umuntu igihagararo ciwe canke ingabirano Imana yamwihereye. Iyo nyifato ntishimisha Imana nabantu. Ico jewe niboneye: nuko iyo umuntu ariko aguhora icarico cose wiherewe nImana(kuko burya ibivuye ku Mana nivyo vyo ), ica mbere ni ukumusabira ngo Imana imuhe umuco. Nturondere kumwihora ngo ugere ingere ku yindi. Ibikugirira akamaro nawe nyene bikamukebura, ni ukumurekurira, ukamusubiza ineza kuko kwishura inabi ku yindi bivyara ubuyobe, ubugesera, amahano. Ibuka wa mugani wabarundi ngo: Ihorihori rimara umuryango; akataretse nako kaba gasema. Ni kuki tutoza turasoma Inkuru nziza yurukiza yo itwereka inyifato twogira ishimisha Imana aho kwihorahorana? Raba ingene Paulo Mweranda akebura benewabo kandi natwe uyu musi amajambo yababwiye araturaba, aradukebura ati: Umwe wese muri twebwe ntareke ngo ivyipfuzo bibi bimuganze, nkuko abapagani batazi Imana bigenza. Muri ivyo rero, nta numwe yogirira inabi mwenewabo canke ngo amurenganye mu vyiwe. Turamaze kubibabwira kandi tubagabisha dushimitse: Umukama ntazoteba guhana abo bose bakora benivyo vyaha( 1Tes.4,4-6 ). Ikindi nshobora gushingira intahe atari inkuru yimbarirano kuko navyiboneyeko: Uzi ko kanaka akwanka gushika naho umenya ko ashaka kukugirira nabi, ntugere ingere ku yindi, musengere kwa Yezu Munyakigogwe bimwe bivuye ku mutima no mukuri; usabe Mutima Mweranda amuhindure vya vyipfuzo bibi bihinduke vyiza, azirikane, yiyumvire ukundi gushasha. Erega harya Yezu avuga ati: Kunda abansi banyu kandi musabire ababahama (Mt.5,44), ijambo ryiwe niryukuri, ntiribesha. Ubuze ico umuha, muhuye, muramutse, umumwenyurire abone ko ibibi yakugiriye canke amajambo mabi yakuvuze ataco bigutwaye wabihanaguye; azoheza yiyumvire, yigarure, yisubireko hanyuma atangure kukwiyumvamwo buke buke, murazi ko buke buke bukomeza igihonyi, bushikana umusiba kumugezi. Mu njili ya Luka naho handitswe ngo: Kunda abansi banyu, girira neza ababanka, hezagira ababavuma, sabira abababeshera (Lk.6,27-28). Barongera kandi bakavuga bati: Rekurira abandi, niho muzorekurirwa(Lk.6,37). Ibi rero muvukanyi muri Kristu, ndabikubwiye kuko jewe muvyanshikiye vyose bingora, iyo ngendo narayikurikije mbona niyo. Nico gituma ngihumeka umwuka mwiza, kandi bimpa amahoro nakanyamuneza mu mutima. Ikindi mbona, abantu bamwe bamwe bashira imbere ivyingere ku yindi kuko batiyumvira ivyukwishimira Imana. Igihe uzi ko hari uwakuremye akakugira umuntu, nta nkeka umwazambiye akubera Umwami, Umukiza nUmukama wubuzima bwawe. Ibigoramye arabigorora, ahari ukwihora, urwanko, aca ahashira urukundo; ahari umuzimagiza aca ahashira umuco wiwe, ahari ukwihebura akahashira ukwizigira. Gurtyo ibintu bigasubira mu buryo. Wewe warenganijwe, wiciwe abawe, wasahuwe, wahohotewe, watotejwe, wazize ubusa ku buryo bwose butandukanye, ntiwihebure ngo wihore, ntushangashirwe ngo ugere ingere kuyindi, kuko Yezu Kristu arabikubuza, aho mu njili ya Matayo handitse kutihora ngo:Mwarumvise iryavuzwe ngo: Ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi. Eka jeho mbabwiye kudahangana numuhambazi; ni hagira ugukubita kwitama ryiburyo, muhereze nirindi (Mt.5,38-42). NDABAHAGAMYE Judith.

Twumvirize iryo Imana ituyagira


IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA-A-

IGISOMWA CA MBERE: Ez. 18, 25-28 Imana iratwakura ngo idukebure Ivyo dusoma mu gitabu cUmuhanuzi Ezekiyeli: Ngiri iriyazwe nUmukama. Mwebwe muhora muvuga muti: Umukama agira ibitumvikana . Tega amatwi, muryango wIsraeli: Mbe ingiro yanje niyo igoramye? Ubwo simwe mwigenza ukutariko? Iyo Intungane ihevye ubutungane igakora nabi, hanyuma igapfa kubera ico, iba ipfuye izira iyo nabi. Umuyobe na we iyo ahevye ibicumuro vyiwe, agakurikiza ukuri nubutungane, akwiye kubaho. Nkako, kubera ko yemeye guheba ibicumuro vyiwe vyose yakoze, akwiye kubaho, ntazopfa. IGISOMWA CA KABIRI: Abanyaf. 2, 1-11 Muramane wa mutima Kristu yari afise Ivyo dusoma mwibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi: Ncuti zanje: Ndabasavye nshimitse kwizina ryijambo ryakamarampaka mwashikirijwe muri Kristu, kwizina ryurukundo rumara amazinda, kwizina ryubumwe twunze muri Mutima no kwizina ryigishika cuzuye impuhwe ndabafitiye, ndabasavye munyuzuze akanyamuneza mu kwamana umutima umwe sangira urukundo, muhuze imitima, muname rimwe, mwigizeyo icobakwegera mu macakubiri, mureke kwishima; ni mwicishe bugufi umwe mwese abone ko abandi bari nico bamurusha; ntihagire uwurazwa itiro nibimuteza imbere wenyene, niyiyumvire igiteza imbere abandi. Igihe cose muri hamwe, muramane wa mutima Kristu yari afise: Naho yamanye akamere kImana, ntiyigeze yishira hejuru ngo nuko angana nImana; ariko yigize ubusa mu gusangira akamere kabasuku, mu kwigira umuntu asa nabandi; yigenjeje nkumuntu Nukuri ndababariye: abatozakori nabanyakabi barabatanze mu bwami bwImana . Bavukanyi dusangiye ukwemera, kuri uno musi wImana Umukama aradukebura yongera aturungika gukora mu murima wiwe ngo tube abakozi bintahemuka mukwama tumunezereza mu gushinga ubwami bwayo ngaha kwisi. Mu mugani aduciriye ntatinya gukebura abo bose bagendera mu kinyoma nubwiyorobetsi akadutumirira natwe nyene kwisuzuma ngo tumenye ico turi nico dutegerezwa gukora mu murima wiwe. Na twebwe araducishije urubanza uyu musi ati: muri abo bahungu babiri ninde yakoze ikinezera umuvyeyi wiwe? Ntankeka ntawutokwishura ko ari uwo wa mbera, we yabanje kwanka mugabo araheza arazirikana, arisuzuma arabona ikibereye hanyuma aragenda gukora iyo se yari yamutumye. Bakunzi bImana, tumenye ko umugani ugana akariho kandi bibwirwa benshi bikumva

asanzwe, arushirizaho mbere kwicisha bugufi, aragamburuka gushika yemere urupfu kandi urupfu rwo ku musalaba. Nico catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose, kugira ngo kwizina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro mwijuru, kwisi no mu kuzimu kwinyenga, kandi ururimi rwose ruyage hose ko Yezu Kristu ari Umukama, ngo Imana Se ininahazwe. INKURU NZIZA: Mat. 21, 28-32 Arigaya, aragenda. Abatozakori nabanyakabi bazobatanga mu Bwami bwImana Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Matayo: Muri irya minsi, Yezu yabariye abakuru babasaserdoti nabashingantahe bigihugu, ati: Mbe uru rubanza mworuca mute? Hari umugabo yari afise abahungu babiri. Yegera uwambere amubwira ati: Mwananje, genda uyu munsi gukora mu mizabibu yanje. Na we ati: Ntaho nja; ngo amare akanya, arigaya aragenda. Nya mugabo yegera uwa kabiri, amubwira kwa kundi. Uwo arishura ati: Ndagiye, ariko ntiyagenda. Muri abo babiri, nuwuhe yakoze ico se wiwe ashaka? Barishura bati: Uwambere. Yezu asubizayo ati: Nukuri ndababariye: abatozakori nabanyakabi barabatanze mu Bwami bwImana. Kuko Yohani yazananye inzira yubutungane, muraheza ntimwamwemera, ariko abatozakori nabakora ibiterasoni bo baramwemeye; namwe ngo mubibone, murabura nagatima ko kwigaya kobatuma mumwemera. bene vyo, Yezu mugukebura iri shengero aravye inyifato abona mu banyisraeli. Nyenumuzabibu ni Imana yo nyene muvyeyi wikigongwe kidakama. Uwo muhungu wa mbere yemeye akaja gukora mu murima wImana turabona ko Yezu avuga abafarizayo, bo ku bigaragara mu maso yabantu bari abanyamwete bitwararika kugendera amabwirizwa bakereka abantu ko ari aberanda. Ariko mu vyukuri bari intagondwa, ubwishime nubwiyorobetsi vyabo vyarababuza gukora ishaka ryImana, vyarababuza kurangura ubutumwa bwabo mu bantu bari bashinzwe kumurikira gushika naho Yezu abagereranya nimva zera inyuma mugabo imbere hari ibore. Uwo muhungu nawe yabanje guhakana hanyuma akisubirako akaja gukora ico umuvyeyi wiwe yamutegetse gukora, nabanyakabi biyizi, bazi neza ko batari mu bunywanyi bwImana, ariko munyuma baravye ubugaba bwabo bakigaya bakisubirako, za ngeso zabo mbi bakaziheba bagasubira vyukuri mubunywanyi bwImana, bagahinduka bimwe bivuye ku mutima, nababona bakavuga bati: ni ivyukuri urya muntu harico yahinduye mu migenzo yiwe. Gurtyo turabona aba-

tozakori batari bake bahevye vyose bagakurikira Yezu Kristu. No mugisomwa ca mbere turumvise ingene Umukama atubwiye ko umuyobe na we iyo ahevye ibicumuro vyiwe agakwirikaza ukuri nubutungane akwiye kubaho . Bavukanyi, benshi baroroherwa kuvuga mugabo kubishira mungiro bikabagora, hageze kugaragaza ukwemera kwacu abatari bake bama bemera batemeye bakaririmba bati: Ndemeye ntemeye . Mwibatisimu twaronse turemerera Umukama kumugendanira tugahakana shetani ninyoshambi zayo mugabo munyuma ugasanga turiko turihakana Yezu Kristu mu bikorwa no mu nyifato zacu mugukorera shetani. Tumenye ko ivyo bibabaza Umukama. Natwe nye-

ne uno musi Umukama aratwinginga ngo tuje gukora mu murima wiwe, tuyibere abakozi nyabo mugushinga ubwami bwayo ngaha kwisi. Ubwo none ntitwoba twica amatwi? Canke ubwo ntitwoba twemerana? Umutumwa Paulo niwe aduhanuye ati: Ntihagire rero uwurazwa itiro nibimuteza imbere we nyene arote riho ateza imbere abandi . Umukama adutumirira gukwiza hose ubwami bwiwe tudahigima dufise nyabuna umwete nugushaka. Arasubiye kutwibutsa ubutumwa bwacu ngombwa, tumusabe rero umutima wogutegera ico dutumiriwe gukora kugira tumushimishe we yama atwinginga twese gukora mu murima wiwe, twirinde kwiyumvitanya no kugendera mu bwiyorobetsi.

UMWERANDA TEREZIYA WUMWANA YEZU DUSABIRE


Umweranda Tereziya wUmwana Yezu tumuhimbaza italiki 1/10. Yavukiye mu Bufaransa mu gisagara ca Lusieux mu muryango wabavyeyi nyakuri. Bavyaye abana icenda, bane bapfa bakiri bato, abandi batatu babigeme bihebera Imana bose. Tereziya niwe yari umuhererezi, yagumye i muhira abandi bamaze kwihebera Imana mu mu muryango wabakarmeliti, kugira ngo afashe se yapfakaye. Ashikije imyaka 14 yarasavye se uruhusha rwuguhamvya abo bavukana bihebeye Imana mu biyugaranye. Se aramurekurira, mugabo umwepiskopi aramwankira kuko yasanze akiri muto. Yaherekejwe na se i Roma, ngo asabe Papa uruhusha. We aramwishura ati: Ni yaba Imana ibishaka, urinjira . Imana yarabishimye, Tereziya arinjira mu babikira. Yagumyeyo imyaka icenda gusa kuko yahavuye afatwa nindwara yigituntu. Ivyamugoye vyose yarabihereje Yezu ngo ahezagire abasaserdoti, agarure abacumuzi, amenyeshwe mu bapagani. Muri vyose yashimye kwegera Imana kumwe umwana mutoyi yegera nyina, nkuko Yezu yatubwiye ngo: Utakira Ubwami bwImana nkakana, ntazobwinjiramwo (Mk.10,15). Niho yigishije abemeye bose inzira yukwifata rworo niyukwizigira. Papa yatoye umweranda Tereziya wUmwana Yezu nkumuvunyi wabamisiyonari kandi atigeze aja kwigisha Imana mu bindi bihugu. Icamuranga ni urukundo mu kubana nabandi babikira hamwe nukwitwararika abamisiyonari mu kubasabira nukubandikira abaremesha mwibanga ryabo. Tereziya wumwana Yezu avuga ati: Natorewe urukundo . Arongera ati: Sinzoruhuka umucumuzi wanyuma adahindutse . Umuntu wese ahari arashobora kuba umumisiyonari mu gukomeza urukundo hagati yabo babana, no mu gushigikira abashinzwe guteza imbere urukundo rwImana mu bindi bihugu. Tereziya abatamuzi, kuva mu bwana bwiwe yama yipfuza gukora neza. Yaripfuza cane kuzoba mweranda. No mugupfa yavuze ati: Simpfuye; ninjiye mu buzima . Ese mugusenga kwacu twokwipfuza ubweranda nka Tereziya. Avuga kandi ati: Mudahindutse ngo mumere nkabana bato ntimuzokwinjira mu bwami bwijuru . Ngaho aho ubweranda buhera mukuba nkumwana muto nka Tereziya wumwana Yezu! Abavyipfuza, tumuceko adusabire yishura ningoga cane. Tereziya kandi mu butumwa bwiwe yatoranye gufasha abasaseredoti kumenyesha ijambo ryImana no kubasabira cane muri ubwo butumwa butoroshe. Dufashe Tereziya wumwana Yezu gusabira abasaseredoti mu butumwa bwabo bwo kumenyesha inkuru nziza yUmukama. Umukama nahezagire abamisiyonari bose yongere azigame abasaseredoti mwibanga ryabo ryo gushikiriza inkuru nziza igihugu ceranda cImana, no guhereza inkuka zimisa.

Ni mufate neza abo mutunze mu nzu. Hari abantu benshi bafise umutima mwiza wo gutunga abantu mu nzu zabo. Bamwe muribo baba ari incuti zabo zaba incuti zumugabo canke izumugore. Hariho rero abo usanga bararonse ingabirano yukubakira, bakabatunga neza, bakabafata nkabana bo mu nzu. Abaciga, barabarihira amafranga yishule, mbere bakaguma babakwirikirana gushika nabo baronke ubuzima. Aho rero ivyo biraheza bigatera iteka uwo muryango bikongera bigatera iteka nuwo bafashije. Abo bantu Imana ibongereze imigisha. Ariko hariho nabandi bafise umutima nkuwigikoko, bakakira abantu batunga mu nzu ariko ntibigere babafata neza. Kandi kenshi ivyo vyose bigirwa nabakenyezi, ugasanga barabakorera ikibi, nabo bakaguma bafise umutima mubi, ntibigere baronka akanyamuneza mu buzima bwabo. Hariho nababafata nabi gushika naho babakubita kandi nabana babo batabakozako amaboko ngo babakubite. Uwo muntu nawe kubera aba ashaka aho aba kugira ngo arondere ubuzima bwiwe aremera ivyo bamugirira vyose, ariko akagumana agahinda mu mutima. Uwo muntu naho yobagirira ivyiza bingana gute ntibigere babibona. Abafise abana akabaraba neza ariko bagaca bagenda baravuga ko atabarabira abana, atabababaye. Ivyo birababaza uwo aba asavye indaro. None bagenzi mwaronse iteka mukaronka aho muba, ni mutange indaro mutidoga, niho muzoronka imigisha iva ku Mana kandi niho namwe muzoronka abazobatungira abanyu. Nakare ukora iciza ukagisanga imbere, wakora ikibi kikaguherekeza. Nabasavye indaro bokwitonda bakagamburukira ababatunze, ntibatwarwe nishavu.

Usabire bagenzawe bitiranwa nabo beranda


Umusi Ku wa 1, Ku wa 2, Ku wa 3, Ku wa 4, Ku wa 5, Ku wa 6, 26/9 27/9 28/9 29/9 30/9 1/10
Ku wImana, 25/9 Nikola, Firmino

Injili yuno musi Mt.21, 28-32 Abatozakori nabanyakabi babatanze mu Bwami bwImana Kosima na Damiyano Lk. 9, 46-50 Umuntu wese yakiriza yompiaka kana kubwanje, nije aba yakiriye Visenti wa Paulo Lk. 9, 51-56 Umwana wumuntu ntiyazanywe nugutikiza, yaje gukiza Wenseslas, Fausti Lk. 9, 57-62 Reka abapfu bahambe abapfu babo, nawe fashako wigisha Ubwami bwImana Mikaeli, Gabrieli, Rafaeli Yo. 1, 47-51 Nguyu Umunyisraeli kasisa, azira ikinyoma Yoronimo Lk. 10, 13-16 Uwubumvira aba agaye jewe nyene, ungaya aba agaye uwantumye Tereza wUmwana Yezu Mt. 18, 1-4 Uzokwicisha bugufi akamera nkaka kana, niwe asumba abandi

Aberanda dusaba

MIKAHELI, GABRIELI NA RAFAHELI BERANDA ABAMALAYIKA BAKURU. Igenekerezo rya 29 Nyakanga, duhimbaza umusi mukuru wAbamalayika bakuru: Mikaheli, Gabrieli na Rafaheli Beranda. Aba rero bakaba bafise igikorwa co kurwanako abantu mu buzima bwacu bwa misi yose, ni bo Imana ituma mu bihe bidasanzwe bikomakomeye. Mikaheli: iryo zina risigura ngo: Uwumeze nkImana. Mikaheli ni umukuru wInteko zIjuru; umuntu yovuga ko ari umukuru wabasirikare bo mwIjuru. Ajejwe kurwanira abantu. Mu Bwuzure bwa kera aboneka mu gitabu ca Danieli ikigabane c10 na 12 nkumurwanizi wIsraeli atsinda abansi bayo. Mu Bwuzure bushasha tumusanga mu gitabu cIvyahishuriwe Umutumwa Yohani ikigabane ca 12 aho arwana na ca gisizimwe, ni ukuvuga ububasha bwi nabi. Igihe cose habonetse urugamba rukomeye, ni Mikaheli arungikwa aho hantu. Mikaheli ashushanywa afise ninkizo mu minwe ariko ararwana na ca gisizimwe arico shetani, canke ugasanga afise umunzane wubutungane wurubanza rwanyuma. Igihe natwe dusagirijwe numwansi, twibuke guhamagara Mikaheli ngo adufashe urugamba. Gabrieli: iri zina risigura ngo Ububasha bwImana. Gabrieli nawe ajejwe kuburira abantu ishaka ryImana no kubafasha kuritegera. Araboneka mu gitabu ca Danieli Ikigabane c8 aho amufasha gutegera insiguro yivyamubonekeye. Ni we kandi yarungitswe kwa Zakariya no kwa Bikira Mariya kubaburira ivuka rya Yohani Batista nirya Yezu. Bamushushanya afise inzamba canke irumbeti. Igenekerezo rya 9 Nyakanga 1972 niho Papa Paulo wa VI yatangaza mwikete ryiwe Quandoquidem ko Umumalayika mukuru Gabrieli ari umuvunyi wo gutumatumanako amakuru hamwe nubuhinga bushasha bwo kumenyesha amakuru. Murashobora kumuhamagara mu gihe mugize ingorane zumurongo wa Internet. Ni we atanga Inkuru Nziza yinvaho. None natwe twibuke kumuhamagara ngo adufashe gutegera ico Imana idushakako. Rafaheli: risigura ngo Imana irakiza. Yiyerekana nkumwe wo muri ba bamalayika indwi bama imbere yUmukama bamushikiriza amasabo yabantu. Ni we ajejwe urukiza rwisi nabakingiwe na yo, agakingira urwaruka, abari ku rugendo nabashakashatsi. Ni we agenzura urukundo, akanyamuneza, indavyi, ubuhinga nubumenyi. Araremesha akongera agafasha gusubira kuronka inguvu ku bagohokewe mu ndwara canke muyandi makuba. Mu Bwuzure bwa kera aboneka aherekeza Tobi ku rugendo cane cane akamuhishurira umuti uzokiza se wiwe uruhumyi kandi ugakiza na Sara umutima uhumanye(Tb). Murumvise ko igikorwa cabo bamalayika bakuru gihambaye cane, ni tubahamagare badufashe mu buzima bwacu kuko Imana yarabaduhaye ngo badufashe. Ni muhezagirwe. Frera Sprio NIBIGIRA

Rondera Yezu muri vyose, niho uzomushikira. Uzobona ningoga ko wahuvye cane, ni

waba witegereza gusa akazuru kabantu. Nkako, ni waba ari uruhoza ninyungu urondera ku bandi, kenshi na kenshi nta kindi uzobandurako atari ibikubera nabi. Ni waba urondera Yezu muri vyose, uzoshikira Yezu nyene bimwe vyukuri. Ni waba ari wewe wirondera uzokwironka, ariko uzoba wironkera ugupfa. Kanatsinda, uwutarondera Yezu aba yigiriye nabi gusumba isi yose nabansi bose yoba afise.
DUCISHEMWO DUTWENGE: Hari umugabo yanyoye inzoga nyinshi araborerwa. Aca agenda arazungazunga. Hanyuma ashitse i muhira, araba inzu yiwe ahagaze imbere yumuryango, abona iriko irazunguruka. Sinirirwa ndegera kurugi mu kwugurura. Niko guca ahagarara, yerekereza urupfunguruzo ku muryango, arindiriye ko urugi rumushikira ngo yugurure. Abari bamuherekeje bararindira ko yegereza urugi ngo yugurure barabura. Niko kumubaza bati: Mbega mushinganta, ko utugurura vyagenze gute? Uruwundi ati: Mwebwe muri ibijuju, ntimubona ko inzu iriko irazunguruka? Ndindiriye ko urugi rushikira hano nibereye, hanyuma nce nugurura!

You might also like