You are on page 1of 5

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr

17/2/2013 IDOMI IKA YA MBERE YO MWIKAREMA - Umwaka C - 7/13 Umwaka wukwemera utumirira abakristu guhinduka no kugaruka vyukuri ku Mukama (Porta Fidei 6).
Bakristu benewacu, twaratanguye igihe ceranda cikarema. Imana irasubiye kuduha akaryo ko kuva mu bitujana kure yurukundo rwayo. Muri uyu mwaka wahariwe ukwemera, turatumiriwe kwugurura amaso yimitima, tukunga ubumwe nImana ukundi gushasha. Umwe wese yokwibaza ati: okora iki kugira ngo ukwemera mfitiye Imana gukomere? Munkundire ndababwire ibintu bitatu twokwisunga mu gukomeza ukwemera muri iki gihe cukwisubirako, nkuko tubikura mwikete (Porta Fidei) Papa Benedigito wa 16 yashikirije abakristu mu ntumbero yuyo mwaka wukwemera. 1.- Kwihweza ingene ukwemera kwacu kwagiye kuratera imbere: Mukunzi wImana, ni nkenerwa rwose ko wibuka ingene ukwemera kwawe kwatanguye, ingene wamenye Umukama wacu Yezu Kristu. Ni ryari yakwiyeretse mu buryo budasanzwe? Ni ryari wagendeye mu ntege nke hanyuma ikigongwe cImana kikakugarukanira ubuzima?.... Papa Benedigito wa 16 aratwibutsa ko ukwemera kwacu usanga kwaranzwe nikinyegezwa kigoye gutegera, kikaba kijanye ningene ubweranda bubangamirwa nigicumuro. Ubweranda ni intsinzi yabakristu bategereye uruhara ruhambaye bafise mu rugamba rwo guteza imbere ubuzima bwabo nimibano yabantu. Ukugaya igicumuro cacu, bibwirizwa gukabura muri twebwe agatima ko kwisubirako kugira ngo twakire ikigongwe Data adusanganiza twese. (Porta fidei 13). Ivyo navyo bidusaba kwitura kuri Yezu, tukamwiyereka uko turi, ata na kimwe duhishije murivyo vyose bidukura ku rukundo rwiwe; twomusaba ikigongwe tukigira ninama yo gutangurana nawe ubundi buzima bushasha bumurikiwe nukwemera. 2.- ukwemera kukubere urugero rushasha rwubumenyi nibikorwa bihindura neza ubuzima bwawe bwose: Ukwemera kwawe kwogaragara no mu bikorwa vyawe vya misi yose. Ntube umukristu wo ku musi wImana gusa, ariko ubukristu bwawe bube ubwuzuye, ibihe vyose, mu vyipfuzo vyawe vyose, mu bikugora nibikworohera nyene. Kukaba nkako, Umukama twemera si umwigisha agarukira mu majambo gusa, ariko ni numukiza yatanze ubuzima bwiwe kugira ngo akize isi. Twabatijwe mu rupfu, duhambanwa nawe, kugira ngo nkuko yazuwe mu bapfuye nubuninahazwa bwa Se, abe ari ko natwe twigenza mu buzima bushasha (Rom 6, 4). Kubera ukwemera, ubwo buzima bushasha buca buhindura ukubaho kwa muntu kwose ku rugero rutangwa nizuka. Bivuye ku rugero umuntu agezako mu kworohera ico gikorwa cImana, ivyiyumviro nivyipfuzo, akaranga nimigenzo vyiwe bitera birtyororwa kandi vyiyubura buhoro buhoro, ikaba inzira itigera irangira muri ubu buzima.(Porta Fidei 6). Ukwemera kutagira ibikorwa kuba gupfuye. Mu magara make yawe, ukwemera ni kubere umushinge ubwenge bwawe, kugira ngo ubashe kubona no gutegera ikibereye, no kukirangura. 3.- Gushiruka ubute mu bikorwa vyurukundo: Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: Urukundo mufitaniye ni rwo ruzobaranga ko muri abigishwa banje. Nawe nyene nta kindi kintu na kimwe cokwerekana ko uri uwakristu atari urukundo ufitiye abatoni bImana: aboro, impfuvyi, abapfakazi, abana bo mwibarabara nabo bose bafise ingorane zitandukanye. Ukwemera nurukundo birajana, ku buryo kimwe ari co gituma ikindi kiranguka kikaja mu buryo. Nkako, abakristu benshi barumvira impuhwe inyakamwe, abakumiriwe, abarara aho bwije bageze, kandi bakabitangira kuko ari bo ba mbere bagowe gusumba abandi, bihutirwa gutabarwa, kuko muri bo inyonga nyene za Yezu ni ho zibonekera cane. Kubera ukwemera, twoshobora kubona inyonga zUmukama yazutse mu buzima bwabo bose banyotewe urukundo tubakunda,. Ico cose mwagiriye umwe umwe muri abo batobato mubo tuvukana ni jewe mwakigiriye (Mt 25, 40) (Porta Fidei 14) Ntube sindabibazwa imbere yuwo wese ubona ko bikenewe ko yofashwa, ahubwo, ico gihe ceranda kabe akaryo ko kugwiza ibikorwa vyiza vyo kwitangira abandi arivyo ubutungane no gufashanya biheza bikaba akarangabwami kukwemera kwawe.

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA.


IDOMI IKA YA MBERE YO MU KAREMA-C IGISOMWA CA MBERE: Amategeko 26, 4-10 Ukwemera kwigihugu cImana Israeli Ivyo dusoma mu gitabu cAmategeko: Musa yabwiye ishengero ryAbanyisraeli ati: i wahereza ivyimburwa vya mbere, umusaserdoti azokwakira igisimbo birimwo, agitereke ku ruhimbi rwUmukama Imana yawe. Hanyuma uvuge imbere yUmukama Imana yawe, uti: Sokuru yari Umunyarameani wumwangazi, yamanutse mu gihugu ca Misiri, ahahungira ari kumwe nabantu imparurwa; ntiyari bwarondoke gushika aho abiwe basagarara, bakaba igihugu gikomeye. Hanyuma Abanyamisiri baraheza baducura bufuni na buhoro, baratugirira nabi, batugira abaja. iho twatakambira Umukama Imana ya basokuru, Umukama araheza adutega yompi, aribonera ayo tugowe, amaganya yacu nagahahazo batwicisha. Umukama aca aramvura ukuboko kwiwe rubasha vyose, adukura mu Misiri, akora ibitangaza vyinshi nimenyetso ziteye ubwoba. Yaratuzanye gushika aha, atugabira iki gihugu gitembamwo amata nubuki. one rero, Mukama, ndagushikaniye umwaka wivyo nimbuye mwitongo wampaye.' Hanyuma uheze ubitereke imbere yImana yawe, ukubite ibipfukamiro imbere yUmukama Imana yawe. IGISOMWA CA KABIRI: Rom. 10, 8-13 Ukwemera muri Yezu Kristu Ivyo dusoma mwibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani: cuti zanje. Mu Bitabu Vyeranda handitswe ngo: Ijambo riri hafi yawe rwose, riri mu kanwa kawe no mu mushaha wawe. Iryo Jambo, ni ya kuru nziza yukwemera duhora tubigisha. kako, ni waba wemeza numunwa wawe ko Yezu ari Umukama, ukemera mu mushaha wawe yuko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokira. Kuko uwemera numushaha wiwe wose aca aba intungane, na we uwubiserura mu mvugo aba ashikiriye ubukiriro. KuBa vukanyi dusangiye ukwemera, twaraye twuguruye icese igihe cIkarema, ya misi 40 idusaba kwigana Yezu yagiye mu gahinga, akageragezwa na shetani, agaheza akarangiza ico kiringo atsinze kuko yiheka ku Mana akaba ari yo agororokera. Na none twavyumvise Luka mweranda atubwira ko imbere yuko Yezu atangura ubutumwa bwiwe, ahejeje kubatizwa, yuzuye Mutima Mweranda, uwo Mutima Mweranda nyene ariwe yamutwaye mu gahinga ahantu hiherereye atakimusamaza kugira ngo akebukane na se wiwe baganire akumwana na Se. Agiye kugeragezwa na Shetani ariko kandi asenge, yiyumvire yongere atore uburyo azokoresha mu butumwa bwiwe. Uwo Mutima Mweranda

kaba nkako, Ibitabu bivuga ngo: Ku munsi wurubanza, nta numwe mu bamwemera azoteterwa. tagitandukanya Umuyahudi nUmugreki kiriho bose basangiye Umukama umwe, we agabira abamwambaza bose. ,,Handitswe kandi ngo: Umuntu wese yambaza izina ry Umukama, azokira. INKURU NZIZA: Lk. 4, 1-13 Mutima amujana mu gahinga, araheza arageragezwa na shetani Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka : Yezu yuzuye Mutima Mweranda ava kuri Yordani, Mutima amujana mu gahinga, ahamara iminsi mirongo ine ageragezwa na shetani. Muri iyo minsi, ntaco yageza ku munwa; ngo ize guhera, arasonza. Shetani imubwira iti: i waba uri Umwana wImana, bwiriza iri buye ricike umukate. Yezu ayishura ati: Handitswe ngo: Umuntu ntatungwa nindya gusa. Shetani yongera kumujana ku gasozi karekare, imwereka intara zose zabami bisi, imubwira iti: daguhereza ubwo bubasha bwose nubuninahazwa bwaho bwose, kuko nabuhawe ndabuhereza uwo nshatse; ni wapfukama imbere yanje, buzoba rwawe bwose. Yezu mu kuyishura ayibwira ati: Handitswe ngo: Uzosenga Umukama Imana yawe, uyikorere yo nsa. Shetani yongera kumujana i Yeruzalemu, imutereka kwisunzu ryigisengero, imubwira iti: i waba uri Umwana wImana, ni wikororere hasi, kuko handitswe ngo: Azotegeka abamalayika biwe ngo bakurinde. Kandi ngo: Bazoguterura mu minwe yabo, woye gutsitaza ikirenge kwibuye. Yezu mu kuyishura ayibwira ati: Handitswe ngo: tuze ugerageze Umukama Imana yawe. Irangije kumugerageza mu buryo bwose, shetani imuva iruhande gushika igihe cagenwe. niwe yamufashije gutsinda shetani namageragezwa yayo mu kuguma ayoboka Se wiwe kandi amusenga. Imisi 40 Yezu yamaze mu gahinga ariyo ya misi yikarema, itwibutsa kandi ya myaka 40 abanyisraeIi bamara mu gahinga bavuye mu buja bwo mu Misri baja mu gihugu c Insezerano. Namageragezwa Shetani yahaye Yezu asa nayo abanyisraeli baboneye mu gahinga. Aho bitandukaniye nuko Yezu yatsinze ariko abanyisraeli bo baza baratsindwa. Ni nayo mageragezwa yumuntu wese uyu munsi: 1 Amageragezwa afatiye ku nda Ex 17,3: AbanyIsraeli bageze i Refidimu, bagasanga ata mazi ahari, batonganije Musa ngo Wadukuriye iki mu Misiri, kwari ukugira utwicishe inyota? Bari bamaze kwibagira ivyo Umukama yabagiriye vyose mu kubavanayo. Erega nuyu munsi abitwa ba Mpema yuzuye ntibihangana iyo bashonje, bemera guhemuka mu kurenga amabwirizwa yImana

ngo baronke ibibahaza; icibagiwe co ni ukubabwira ko mwikarema hari umugirwa wukwisonzesha! Urugutegeye kunda kenshi ntirugusiga, Yezu we si uko: yaramiriye kure shetani ati: Umuntu ntabeshwaho nindya gusa. Erega yemwe ni ivyo twibonera, ukurya vyinshi siko kuvyibuha, hari abapfana agahinda kandi barya neza! 2 Shetani iti: sinshizwe, hinge ndamutegere ku butegetsi nkuko ibigirira abatari bake uyu musi. Yezu yarahabereye umugabo ati: gupfukama imbere yawe ngo ngusenge, zeruka! Handitswe ngo: Ntuzosenge uwundi atari Umukama Imana yawe yo gusa. Murumva ko yagomba kumufatira kuri ya ngeso yo kurondera ubutegetsi ngo aho azoca hose bagende bamukomera amashi bimwe abantu benshi dushira imbere. 3 Erega shetani irakerebutse! Uyinanira kuri ibi ikakugereza ku bindi: imutumye kugerageza Imana ngo ikore ibitangaro nka kumwe abenshi twama dusaba Imana ngo irangure ivyo dushaka. Yezu ati: Ntugahirahire ngo ugeze Umukama Imana yawe, asubiramwo rya Jambo Umukama Imana yari yabwiye AbanyIsraeli riri mu gitabu cAmategeko ngo: Ntimuzogeze Umukama Imana yanyu nkuko mwamugejeje muri i Masa(Dt 6,16). Bavukanyi, tubivuge kandi tubisubire Shetani iri namayeri, ikoresha ijambo ryImana ngo igerageze Umwana wImana, yibagira ko nawe azi ubwenge kuko ayishura akoresheje Ijambo ry Imana nyene! Twame twitwararika gusoma ijambo ry Imana ngo ridufashe gutsinda sekibi. Ntihejeje kumugerageza izosubira ubwa nyuma ku musi w ukubabara kwiwe (Luka 22,5) mu kwinjira muri Yuda Iscariote. Bakristu ikarema twumvise ico itwibutsa. Kumwe kwabayahudi, turi kurugendo rutujana mwijuru. Abayahudi bashitse mu gihugu Imana yari yabaraganiye haheze imyaka 40. Natwe umwe wese imyaka 40

yiwe niyahera azoheza urugendo rwiwe kwisi. Kandi Shetani ntizoreka kukugerageza! Igitangaje nuko hari abantu baguma biberaho nkuko umengo boba baramaze gushika iwabo, nkuko umengo urugendo rwaraheze kandi ntibabone ko Shetani ibagerageza. None twizigiye iki? Ico twizigiye kandi turorereye ni Izuka ryabapfuye nurubanza rwimperuka. Abantu bigumira mu migenzo idahuye nishaka ry Imana baba bariko barugururira shetani urugi ngo yinjire i wabo. Muragaba rero, inyifato zidahuye n ishaka ryImana nizo muri kino gihe cIkarema dutumiriwe guheba, tugahinduka tukagira iyindi ngendo nziza itujana I Bukama. Kandi uguhinduka tukemera Imana ntikuvurwa kuragenderwa. Ntawofata ko uko umwaka utashe hategerezwa igihe cIkarema, kuko ntagihe gisa nikindi, Imana ishaka ko dutera intambwe ku musi ku musi. Hari nabatigera bamenya ko ico gihe cigeze kuhaba bakaguma biberaho nkuko bahora ntihagire igihinduka mu buzima bwabo. Ukugira Ikarema neza ni ugusubira kwunga neza ubucuti bwacu nImana, tukegera abo bose bari mu ngorane kandi bakeneye ko tubagarukirako. Mu kwisonzesha nitubigire kugira ngo bishobore kugirira akamaro abandi bene wacu badafise ico biha, tugire umutima usabikaniriza abandi. Tugire Ikarema dusubiza hamwe nabo dushize kubiri kugira ngo haboneke amahoro arama, erega nico na ya nama yUmuryango wa Diyoseze ishimikirako: kurekuriranira nugusubiza hamwe. Muri iyi misi 40, turi kumwe na Yezu mu gahinga, ariko arageragezwa na Shetani, ni muze twigire inama yo gucungera imihora yose Shetani yoshobora gucamwo ngo ize kutugerageza. Iyo mihora nayo si iyindi ni aho hose Shetani izokubuza kwemera Inkuru Nziza, maze ikakwemerera ubuki kandi itegeka. Amen. Patiri Paul RUCUMUHIMBA.

Dufate nka nkama iki gihe ceranda cIkarema.


Ku wa gatatu wiminyota, twarinjiye mu gihe gihambaye cIkarema. Ekleziya iratwibutsa ko turi ku rugendo: nka kurya igihugu cImana camaze igihe kirekire kijabuka ubugaragwa cerekeza igihugu cisezerano, hanyuma kikamara imyaka niyindi imbere yo kuronka umukiza, niko natwe tumeze. Muri uru rugendo rutwerekeza mwijuru, turahura namananiza menshi ariko turi kumwe na Yezu.Turi kumwe nawe mu kuduga i Yeruzalemu gushika ku Kalvariyo, tubone kuzukana nawe. Muri urwo rugendo, umuco wijambo ryImana niwo utumurikira. Nico gituma mu gusigwa iminyota babwiye umwe umwe bati: Igarure kandi wewere inkuru nziza. Birakwiye rero ko twijukira gusoma no kuzirikana ijambo ryImana mu buryo budasanzwe, tukaritegera kandi tukarinyengetereza mu mitima yacu. Rizoheza rihindure ubuzima bwacu, ridufashe kwisuzuma utunenge, hanyuma dufate ingingo yo guhindura inyifato, ingendo ningiro, tubone kuba ibiremwa bishasha. Ivyo bitegerezwa gutuma duhurumbira kuruta isakramentu ryikigongwe. Turatumiriwe gufata nka nkama iki gihe ceranda. Twakire ivyo vyose Ekleziya idutumirira kwinjiramwo, cane cane ibi bikurikira: Ukurekuriranira nugusubiza hamwe, kuva mu bugunge no gusangira nabandi, kugwanya akarenganyo aho kari hose, cane cane mu mibano no mu migenderanire yacu; kurangura ibikorwa vyubutumwa nivyurukundo, gukoreranira no kwitanga; ugusenga kutujana mu mwizero wuko Imana irengeye kandi ishoboye vyose, ko ivyo dupfa nimishamirano yose bishobora guhera. Mu gihugu cacu, turakeneye ko inema yImana iduherekeza mu bihe vyose, tukareka kujana nyabahururu, tukitondera abantu batujana mu vyiyumviro no mu bikorwa bidahuye nishaka ryImana. Iyi karema itubere intango yishaka risumbirije ryo gukomeza umutima wurukundo, wo kwubahana, kwakirana no gusoneranira mu vyiyumviro vyacu, mu migambi yacu no mu budasa bwacu, gukunda igihugu cacu. Umwe wese aratumiriwe gufata ingingo yico azokora ngo iyi karema ntizomupfeko ubusa.

Bavukanyi, bakunzi bikinyamakuru kwIsoko ryUbuzima, turasubiye kubibutsa ngo mwiyandikishe kugira ngo mushobore kuronka ikinyamakuru. Mudufashe kubimenyesha abandi batarabimenya. Mubandanye nukutwandikira ivyiza bibera ngaho iwanyu kugira ngo bigirire akamaro abandi. Ukwiyandikisha namafranga 5000. Umumenyeshamana ni 4000 ku mwaka wose.

Dushemeze Imana ku munsi ku munsi


17/2 18/2 19/2 20/2 21/2 22/2 23/2 D 1er du Carme C Amateg 26,4-10 Zab 90,1-15 Rm 10,8-13 Lk 4,1-13 St Alexis L Ste Bernadette Amabwirizwa 19,1-2.11-18 Soubirous Zab 18b,8-15 Mt 25,31-46 M St Boniface Izaya 55,10-11 Zab33,4-19 Mt 6,7-15 M St Aim Jon 3,1-10 Zab 50,3-19 Lk. 11,29-32 J St Pierre Damien Est 14,1-14 Zab 137,1-8 Mt 7,7-12 1 Petro 5,1-4 Zab 22,1-6 B La chaire de St Pierre Mt 16,13-19 S St Polycarpe Amateg 26,16-19 Zab 118,1-8 Mt 5,43-48 Umuntu ntatungwa nindya gusa.
Handitswe ngo: Uzosenga Umukama Imana yawe, uyikorere yo nsa.

i muze batoni ba Data, muronke Ubwami yabateguriye isi itararemwa. arashonje murangaburira Mu gusenga, ntimuvuge menshi nkabashenzi, bibwira ko bumvirwa iyo bagwije amajambo. Uru rwaruka ni urwaruka rubi ! Rurondera ikimenyetso, nta kimenyetso kindi muzohabwa itari icumuhanuzi Yonasi i musabe muzohabwa ; ni murondere muzoronka ; ni mwuguruze muzokwugururirwa. Kuko usaba aronka, urondeye araronka Uri Petero no kuro iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje; ningabo za shetani ntizizoyisenyura
Mwarumvise iryavuzwe, ngo: Uzokunda umugenzi wawe, wanke umwansi wawe. Jeho rero ndababwiye nti: Kunda abansi banyu, musabire ababahama

Imana ni ibandanye ininahazwa kwisi no mwijuru kuko mu vyiza yaduhaye, yaduhaye Ijambo ryayo. Mu kirundi, ijambo rirahambaye, kuko bavuga ko umuntu atavumba inzoga, avumba ijambo . Ahandi naho bati : umunwa ni jewe, ijambo ni rya naka yantumye. Ngo nta nzoga ibura ijambo . Kanatsinda, abantu baba bahuriye hamwe iruhande yurukanywa, ariko ijambo rikagira ikibanza cambere. Yezu ariko arageragezwa na shetani, yahavuye ayitsindisha Ijambo ryImana. Kwikora kwijambo ryImana nico umukristu wese ahamagariwe muri uru rugendo turimwo tugana ijuru, na cane cane muri uyu mwaka wukwemera. Erega, iwacu ni mwijuru. Dukwiye kurushirizaho kwitwararika gusoma ijambo ryImana ku munsi ku munsi, twongera turizirikana kugirango rihindure ubuzima bwacu. Ibicumuro vyinshi tubijamwo kuko tudasoma ijambo ryImana. Ijambo ryImana si ijambo risanzwe. Hari uwabizirikanye yatubwiye ko Ijambo ryImana ari agaketi kumukunzi. Iyo umukunzi yakwandikiye agaketi, uguma ugasubiramwo, wumva ko uyo yakwandikiye muri kumwe. Natwe ntagukekereza, twamana nImana, Umukunzi wambere dufise. Na Yezu Kristu yatwemereye ko azogumana natwe gushika ku muhero wisi. Ari kumwe natwe mwijambo ryiwe; igihe cose tugeramiwe namageragezwa, turivuze ubuzima bwacu buhinduka, shetani ariyo sekibi igahunga. Ntidutangazwe kandi nuko shetani nayo nyene izi Ijambo ryImana. Ariko yo irikoresha mu nyungu zayo zitujana mu gaheza iba iriko irironderera. Dufashe nkibwirizwa rya 4 usonere so na nyoko ; umuvyeyi canke uwutegeka arashobora kumbuza gusenga, aciye mu mayeri aya canke ariya: nkibintu yoshobora kuntuma ikindi gihe akabintuma ku munsi wImana. Ico gihe umukristu arakwiye kuhakerebukira no kuhagabira. Umukunzi arashobora kukugobera akagutegeka ivyo ukora ariko biteye kubiri nibwirizwa nyakuri ryurukundo. Utanyiciye urya muntu, ntuzoba unkunda , utankuye iruhande urya muntu ambangamiye, ntuzoba unkunda, utemeye ko turyamana, ntuzoba unkunda, nibindi. Hari nabantu shetani icako, maze bakadukura ku kwemera kwacu. Ni nkabavuga ngo ntakwirega ku muntu nkawe , ariko muri Yohani 20,23, Yezu avuga ati : Abo muzorekurira ibicumuro bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako nabo bizobagumako. Twame rero tugavye, twisomere na ntaryo Ijambo ryUmukunzi, ariryo Jambo ryImana. Dieudonn MPEBEYE, Kanyosha. Gutegera Dawe wa Twese muri iyi karema. Ese iyi karema yodufasha guca bugufi, tugatahura ko twaremwe nImana, ikaduha ubutumwa bwo kuganza isi. *Dawe wa twese uri mwijuru, izina ryawe ni rininahazwe. Ubwami bwawe ni bukwire hose, kwisi nko mwijuru. Ese iki gihe cIkarema codufasha guhinduka, maze abatubona bagatahura urukundo rwImana. * Uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi. Ese iyi karema yotwibutsa ko umuntu adatungwa nindya gusa, ariko ko atungwa nijambo rizima ryImana, tukaba dushinzwe kurisamiriza. * Uturekurire abatugiriye nabi nkuko natwe turekurira abatugiriye nabi: Ese iki gihe cIkarema cotwumvisha ko ata kamaro ko gusaba ikigongwe Imana mu gihe twanse kurekurira abandi. * tudutereranye ibitwosha nabi, yamara udukize akabi. Ese iki gihe cIkarema coduha kwugurukira Mutima Mweranda; niwe yatwaye Yezu mu gahinga, amutsindira amageregazwa ya Shetani. Ese iki gihe cIkarema codufasha guha intumbero ubuzima bwacu, ivyo tuvuga nivyo dukora vyose tukavyerekeza kwa Yezu yabambwe ku musalaba kubwibicumuro vyacu.
Kuko ari wewe ugaba vyose, ari wewe nyene inganji nubuninahazwa, mu myaka yose.

Handitswe ngo ..

DUCISHEMWO DUTWENGE: Umutama yagiye kwa Patiri amusaba ati: Patiri nashaka kubatizwa hamwe numugore wanje. Patiri ati: Uzobanza kwiga hanyuma ubazwe. Umutama aravyemera. Hageze kubatizwa, Patiri amubaza ati: Muta, uremera ko Imana ari Imwe rudende? Umutama ati: Cane nyene. Patiri arasubira ati: gira ndakubaze ubwa nyuma, ugitoye nca ndagushira

mubo nzobatiza kwi Pasika. Patiri amubaza ati: Muta vuga inama yabatumwa. Wa mutama ariyumvira ivyarivyo arabura. Niko kwikurayo ati: Patiri, urantunga umburane. Igihe iyo nama yabatumwa yaba, nari ngwaye amenyo, natumye umugore wanje kunserukira. iwe rero azi ivyiyo nama yabatumwa, reka ngende kumukuzanira abikwiganire!

You might also like