You are on page 1of 5

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr 9/13

3/3/2013 IDOMI IKA YA GATATU YO MWIKAREMA - Umwaka C -

Nabonye ayigihugu canje kigorewe mu Misiri"


Imana yarahaye Musa ubutumwa bwo gukura abanyisraeli mu buja bwo kwa Faraoni; Imana yabanje gutangaza ko ibabajwe namagorwa abayo bagowe: abonye ayigihugu canje kigorewe mu Misiri, numvise amaborogo bavuza kubera uruhuha rwababakoresha; ni ivyukuri, ndazi amaganya barimwo Genda, ndakurungitse kwa Faraoni, ukure mu Misri igihugu canje, abana bIsraeli Imana iradusubirije umutima munda; iratubwiye ko iduhozako ijisho, ko ivyo tubamwo vyose ibibona. Ivyo tumaze kuvyemera, nta na kimwe cosubira kudusimbisha umutima. Muze rero ivyacu vyose tubiture Imana: ni Rukundo, irabona, irumva, irishura. Turindirane ukwemera nukwizigira igihe cayo. Kumbure hari igihe tubona umenga Imana iri kure yacu. Turabona ingene Imana yagumye hafi yigihugu cayo mu rugendo rwo kuva mu Misri rugana mu gihugu cisezerano. Imana yarabajabukije ikiyaga gitukura, irabafungurira mu bugaragwa, irabamara inyota namazi ava mu gitandara cibuye Imana ntaco itakoze ngo ibereke ingene ibitwararitse. Ariko muri bo haragumyemwo abidodomba nabagarariji; mbere bamwe bamwe bavuze ngo bari gupfuma bahitamwo kuguma mu buja bwa Misri hako bagira umuruho wurugendo rwo mu bugaragwa. Ubwo tweho, mu rugendo rwacu rwo guhinduka, ntihari igihe turambirwa? Nti haraho dushaka kuzibukira intambara yubuzima? Mu buruhe bwacu, hari nigihe twidodombera Imana nka kurya abanyisraeli bagize. Paulo mweranda araduhanura ngo ntitwigere twidodombera canke tugarariza Imana na rimwe. Guhinduka bidusaba kwivako, kuvavanura ninyifato itabereye, kuva mu buja bwigicumuro. Biradusaba kugwanya impengamiro mbi za kamere yacu. Tuvavanure ninyifato yo kwigumira mu bitworohera no mu bitunezereza. Turinde umuruho wuru rugendo turimwo kwisi, tuzi ko Imana turi kumwe. Ntitwigere dutanga imihoho mu ntambara yo guhinduka no kugaruka ku Mana. Ntitwemere kwigumiza mu buja kandi icipfuzo cayo aricukubudukuramwo. Turazi ko impera nimperuka tuzoshikira umusozo wintsinzi. Iki gihe cikarema turimwo nigihe ciza co kwisuzuma ngo umwe wese abone ubuja bwiwe. Ico cose kiduhuma amaso kikatubuza kubona urukundo rwImana, kiba kitugumije mu buja. Igihe cose tuganzwa nivyipfuzo vyumubiri, ubugunge, ubwishime nizindi nyifato zitabereye, tuba tugumye mu buja. Twemere kuva mu buja bwigicumuro. Mu kwemera no mu kwemeza ko turi abakristu, vyiserure mu mico yacu, mu mvugo no mu ngiro zacu. Duhinduke, dukize imitima yacu; ha kudoma urutoke ku bandi, ni twihatire kwitunganya twebwe nyene, niho tuzokira. Ico gihe, Imana izoheza itwikoreko, idutume ngo tube ba Musa biki gihe. Twemere rero Imana idutume kubohora ababoshwe mu buryo butandukanye. Ko Imana yigize umuntu ikabana natwe, ikitangako inkuka ngo dukire, nta woba agitinya kuyihweza nayo ngo imwihweze, cane cane mu gushengerera Yezu mUkaristiya. Wumva wipfuza guhura nImana? Uripfuza kubana nayo nka kurya aberanda babigize? Urafata akanya ko gusenga uheze uyibwire ko wifuza ko muhura, ko muywana nayo. Ni washaka uzokwifashishe izaburi ya 62: Mukama, ni wewe Mana yanje, ni wewe ndondera kuva bugica. Umushaha wanje urakunyotewe. Imana ntituyibonesha amaso, ariko turashobora kwiyumvamwo tudakekereza ko iri hafi yacu. Ifise ingene yiyereka umwe umwe wese mu buryo ibona ko bibereye. Imana ntituyumva namatwi yacu, ariko iravugira mu gacerere kigisabisho, ikatuyagira iciye mwijambo ryayo, mu vyanditswe vyeranda. Imana ni nzima mu muntu wese: iyo witaho umuntu wese, bigufasha kubona Imana muri we. Imana iratanga imibonano, kurya abakundana bahana umwanya wo guhura ngo bayage. Amasakramentu aduha akanya keza ko guhura nImana, cane cane iryikigongwe nUkaristiya. Uwijukiye ayo masakramentu aba atoye uburyo bwiza bwo kugumya inzira yerekeza ku buzima budahera, aho azokwibonera Imana amaso mu yandi, mu myaka idahera. Gunola de Coutard, dans Supplement plerin 6745 8 mars 2012.

cuti zanje: Sinshaka ko muyoberwa ivyabaye mu gihe ba sokuru bava mu Misiri. Bose bagenda IDOMI IKA YA GATATU YO MU KAREMA-C bahagarikiwe ninkingi yigicu, kandi bose barajaIGISOMWA CA MBERE: Ihunga 3, 1-8a. 10. 13-15 butse ikiyaga Gitukura. Bose bari bunze ubumwe Imana-Mukiza yimenyesha Musa na Musa, basa nababatirijwe muri ca gicu no mu Ivyo dusoma mu gitabu cIhunga : kiyaga; bose barariye ya mfungurwa imwe yumutiMuri irya minsi, Musa yariko araragira intama za ma; bahora banywa amazi ava mu gitandara cibusebukwe Yetro, umusaserdoti wa Madiyani. Umuye cabaherekeza, na co ico gitandara cari ikimenyensi umwe, yari yazijanye mu gahinga, ashika ku tso ca Kristu Ariko rero, benshi muri bo ntibagoromusozi wImana witwa Horebi. Umumalayika wUrokeye Imana, baraheza bagwa mu gahinga. Ivyo mukama aramubonekera, asa nurubeya rurabiriza vyarabaye ngo bitubere akarorero, ntitwipfuze ibibi mu gisaka. Musa ngo aje kuraba, abona kino gisaka nkuko ba sokuru babigize. ti mwidodombere Imagisa nigitongorero cumuriro, ariko kidasha. ina, nkuko bamwe muri bo babigize, maze bagatikikwo kwibwira ati: Hinge, negere, maze nihweze ra. Ivyo vyose vyabashikiye ngo bitubere akarorero, ivyo bintu, ndabe nigituma ico gisaka kidasha. kandi vyanditswe ngo bitubere impanuro, twebwe Umukama aramubona ariko aregera ngo arabe netwegereye iminsi ya nyuma. one rero, uwigira ngo za uko bimeze, aca aramuhamagara ari hagati mu arahagaze, ni yitegereze yoye kugwa. gisaka, ati: Musa! Musa! a we ati: darenguINKURU NZIZA: Lk. 13, 1-9. Imana ntihengeshanya tse. Araheza amubwira ati: turuhe wegera ngakudukebura ngo twihanure ha, mbere ni wambure inkweto zawe, kuko aha Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka: uhagaze ari ahantu hasonerwa. Umukama aroUmunsi umwe, haza abantu biganira Yezu ayashingera kumubwira ati: i jewe Imana ya ba sokukiye Abanyagalile, ingene Pilato yabakwirikije ru, Imana ya Ibrahimu, Imana ya Izahaki nImana inkuka bari baje guhereza. Yezu arabishura ati: ya Yakobo. Musa aca yipfuka mu maso, kuko ya Mugira ngo abo Banyagalile babonye ayo yose kutinya kuraba Imana. Umukama aramubwira ati: ko bari bacumuye kurusha abonye ayigihugu canje kigorewe mu Misiri, nuabandi bose? dabibabwimvise amaborogo bavuza kubera uruhuha rwabaye: Haba nintete; ariko, na bakoresha; ni ivyukuri, ndazi amaganya barimwo. mwebwe ni mutihana, muashinze kubakura mu minwe yAbanyamisiri, ngo zoshira murtyo mwese. ndabajane mu ntara imera kandi nini, mu gihugu Canke, ba bandi cumi nucamata nubuki. Genda, ndakurungitse kwa Famunani basidukirwako nuraoni, ukure mu Misiri igihugu canje, abana bIsramunara wa Siloe ukabica, eli. Musa rero abwira Imana ati: Ego ndagiye mugira ngo bari bakoze kuraba Abanyisraeli, ndababwire nti: Imana ya ba akabi gusumba akabandi bose baba i Yeruzalemu? sokuru yantumye iwanyu. Yamara ni bambaza izidabibabwiye: Haba nintete; ariko, na mwebwe ni na ryuwantumye, nzobishura iki? Imana isubiza mutihana, muzoshira murtyo nyene. Yezu araheza Musa iti: di Uwuriho. gaya amajambo uzoshiabacira uyu mugani ati: Habaye umuntu yari afikiriza Abanyisraeli, uti: Uwuriho niwe yabantuse igiti cifigiye mu murima wiwe wimizabibu. myeko. Imana yongera kubwira Musa, iti: Uzogwaze kwamura, asanga ntihagirako namba. bwira bene Israeli uti: Umukama, Imana ya ba soAbwira uwamurabira imizabibu ati: raba, haheze kuru, Imana ya Ibrahimu, Imana ya Izahaki, Imaimyaka itatu yose nza kurondera ivyamwa kuri iyi na ya Yakobo, niyo yabantumyeko. Iryo niryo zina figiye, sinsangeko nikirazira; gice, nakare cononye nzokwamana, niryo muzoshobora kunyibukirako ubwatsi ku busa. a we aramwishura ati: Databumwe nabo muzovyara bose, imyaka nimyaka. ja, enda banza urorere uyu mwaka, mbanze nimbe IGISOMWA CA KABIRI: 1Kor. 10, 1-6. 10-12. iruhande, ndagitabirire. Ubwo, hari na ho cokwaImana iratwibutsa ngo twisubireko ma, na ho ni kitama uzogica. Ivyo dusoma mwibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti: Uyu musi barashobora gusoma:Ihunga17,3-7;Zab94,1-2.6-7.8-9;Romani5,1-2.5-8;Yoh4,5-42

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA

Bavukanyi, turi ku munsi wImana ugira gatatu wo mwi Karema. Mu bisomwa vyeranda twumvise uyu munsi, Imana yadukebuye ngo twisubireko hakiri kare, duhindure ingendo, twihanure; ahandi ho kazotubana. Turacari mu gice cambere cikarema, turacafise umwanya; yamara uyo mwanya uriko uragenda, umwanya wo kwisubirako uriko uratujana. Nico gituma Ijambo ryImana rituremesha, ariko kandi rikatubwiriza gufata ingingo

ku vyerekeye inyifato nibikorwa bibi vyacu. Tureke kwiyumvira ko iyo ngingo yo kwisubirako iraba abandi, ahubwo twakire impanuro Yezu adushikiriza uyu musi. Mu Nkuru Nziza, Yezu, mu kwishura ko abanyagalile Pilato yakurikije inkuka bari baje guhereza atari bo bari bacumuye kuruta abandi, atubwira ko tutokwihayagiza ngo turi intungane kuko atakiradushikira. Aratugabisha ati: a mwebwe ni mutihana, muzoshira murtyo nyene. Aciye yungikanya atubwira ko imbere yukuduhana, abanza kudutenyenyera ngo twisubireko. Aduciriye umugani wumushingantahe yari yitereje igiti cifigiye. Agiye kwamura ivyamwa, asanga ntiha-

girako namba. Niho yiyumvira kucicira ngo agikure mu ndimo yiwe. Mwumvise yuko ico giti cahabonye umusuku wa shebuja, we yakibereye mu ngoro ati: Banza urorere uwundi mwaka, mbanze nimbe iruhande, ndagitabire. Ubwo hari naho cokwama, naho ni kitama uzoheza ugice. Muri uyu mugani, Umukama atumenyesheje ko tubwirizwa kwama ivyamwa vyiza. Turazi ko kugira ngo igitoke came vyinshi, dutegerezwa kwimba iruhande yaco tukahashira umwavu mwinshi. Twibaze rero: Nuyuhe mwavu dukeneye gushira mu bukristu bwacu kugira ngo twame vyinshi ? Umuti dukeneye kugira ngo dutotahare hanyuma twame vyinshi ni uwuhe? Turondere inyishu mu gisomwa ca mbere. Kitubarira ivyashikiye Musa nigihugu cIsraeli. Muri ico gihe, abanyisraeli bari abaja babanyamisiri, kubera ibicumuro vyabo bagumye muri ubwo buja. Ariko, umuntu umwe yitwa Musa yahevye inabi akora, yararondeye Imana Rugira vyose. Umusi yumviriza ijwi ryImana, yaciye akora ico Imusavye. Umukama mu kumuhamagara yavuze ati: Musa, Musa! Nawe ati: Ndarengutse Umukama araheza aramumenyesha ko abona ububabare bwigihugu cIsrayeli, kandi ko amutumye kubabwira ko igihe curukiza rwabo kiza gushika vuba. Musa, amaze kwumva ubutumwa yahawe nImana, yaciye amwishura ati: Ego, ndagiye kuraba abanyisraeli, ndababwire nti Imana ya ba Sokuru yantumye iwanyu. Ibikurikira turabizi. Musa yarebashikirije ishaka ryImana; bararyemeye; Imana ica ibakura mu minwe yabanyamisiri. None turabonye umuti abanyisraeli baronse kugira ngo babohoke ubuja bwa Misiri:umwe muri abo yarahindutse, yaregereye Imana, yarasubiye kwumviriza Imana, cane cane yararanguye ishaka ryayo. Nguyo umuti dukeneye ngo twame ivyamwa vyinshi kandi vyiza.

Imana iri kumwe natwe kandi irabona inabi yatuboshe; irashaka kudukiza ubuja bwigicumuro, yamara nta bukiriro ishobora kuturonsa mu gihe tugumye twica amatwi tugakomantaza umutima ngo nti twumve Ijambo nishaka ryayo. Umuti ni uyo rero: kurondera Imana, kwuyumviriza be no kurangura ishaka ryayo. Nguyo umwavu dusabwe gushira mu bukristu bwacu! Ariko tureke kurindira ko abandi benshi babanza bahinduke imbere yuko natwe duhinduka. Tangura wewe, naho woba uri we nyene. Musa ni we yatanguye guhinduka, arumviriza Imana ararangura ishaka ryayo. Tangura wewe, tangurira iwawe, i muhira iwanyu, aho ukorera, kwishule, aho uri hose, ngo vyose bitangure guhinduka. Raba ingene isi irwaye rwose. Ariko ikigoye siyo ndwara, ikigoye nukubura canke kwanka kunywa umuti. Umengo twebwe abakristu twaratakaje akanovera kacu, tumeze nkumunyu atakigira akanovera! Tangura wewe, ubere isi wa mwambiro ukakamisha umutsima, ubere umuco abi muhira, ababanyi, abo mukorana. Musa yarahindutse, aragamburuka ubutumwa bwo gukiza igihugu. Na we, gira gurtyo. Zirikana ingene Imana ibabajwe nububabare bwabantu; nka Musa, uheze wishure uti: darengutse! Mu gusozera, nsubire ku ciyumviro natanguriyeko: nti dutebe gufata ingingo yo guhinduka. Ubu tugihema, ni twigaye, duhinduke bigishoboka, tubone gukira. Cane cane muri iyi minsi yikarema, amafungo yacu nadufashe kwitegurira neza Pasika. Umwanya usigaye si mure mure; ibicumuro vyacu si bike, twitabe ijwi ry Imana iduhamagara, ikadutuma kumenyesha abantu ko igihe curukiza rwabo nurwacu kiza gushika vuba. Igihambaye ni ukwumviriza Ijambo ryImana nukurishira mu ngiro. Ukwisubirako bizotuma twama vyinshi, tuzomera nkigiti gitotahaye cama vyinshi kandi vyiza.

Muriki gihe cIkarema, Ekleziya idutumirira kuzirikana ikinyegezwa cicungurwa ryacu, cane cane ukubabara, ugupfa nukuzuka kwa Yezu. Mu kwitegurira neza umusi mukuru wa Pasika, twotunganya imitima yacu, tukarandurana nimizi ico cose kitugumiza kure yImana. Imana yacu ni munyakigongwe, ntidutinye kuyegera mwisakramentu ryikigongwe kugira ngo twirtyorore, hanyuma tubone kuzohimbaza neza umusi mukuru wizuka ryUmukama wacu Yezu Kristu. Kuva kera na rindi mu mico yacu, iyo umuntu afise inyifato yagatukisha akaba yarenze ihaniro , baramwaka intahe nijambo. Ariko iyo yigaruye, hariho umugirwa wo kumusubiza iteka icese. Yategerezwa guca bugufi imbere yabashingantahe, akagira ico atanze ngo yikureko umwandu wikibi yakoze; yaratanga ninzoga kugira ngo afashanye nabo bari kumwe guhimbaza akanyamuneza ko gusubira mu bunywanyi hamwe nabandi. Mwisakramentu ryikigongwe, Imana iratugirira umusi mukuru mu kudusubiza mu bunywanyi bwayo, kubera ikigongwe itugirira iciye ku Musaserdoti. Igicumuro kiradutandukanya nImana, tukaba kure yinyonga zayo. Ariko yaradutegekanirije uburyo bwo kuyigarukako. Ntitubwanjanjweko rero, cane cane muri iki gihe cikarema. Twirukire ico kigongwe, imitima yacu ikiruruke, tuyerekeze Umukama. Ngiyi ingendo ibereye yodufasha: twisuzume, twinjire mu mitima yacu, tuzirikane twitonze kuri ico cose coba gituma tudatungana, ico cose coba caradutandukanije nImana, ingene twoba twaratirimutse ku mabwirizwa yayo; ntidusige inyuma namahinyu twoba tugenderamwo mu mibano yacu, mu bikorwa namabanga tujejwe, mu migenderanire yacu, mu mico, mu vyiyumviro, mu mvugo no mu ngiro zacu, mu nyifato tugira imbere mu bagowe no mu bababaye. Tugaye ako kabi twakoze, dusabe Imana imbabazi, tuyisabe umutima wo gusubiza hamwe nabo dushize kubiri, tuyisabe umutima wo guheba akabi kose. tidutinye kwatura ibicumuro vyacu mu cemerezo, imbere yUmusaserdoti. Ni we adushikiriza ikigongwe cImana, ku bubasha yahawe na Yezu Kristu: Abo muzorekurira ibicumuro bazoba babirekuriwe (Yohani 20,23). Twature ibicumuro vyacu uko biri, uko vyitwa, tutikingiye ikibaba, ata na kimwe dusimvye. Twishure ibicumuro vyacu mu kurangura ivyo umusaserdoti adusavye, ngo bitubere ikimenyetso cimbabazi nurukundo Imana idusanganiza iyo duciye bugufi tukemanga, tukagaya kandi tukatura akabi twakoze. Dusanganire nakanyamuneza ikigongwe Imana iduha, tukagishikirizwa numusaserdoti. Turabifurije ikarema nziza.

Twirukire ikigongwe cImana.

Dushemeze Imana ku munsi ku munsi


3/3 D 3 D Carme C Asteriyo

4/3 L Kazimiro 5/3 M Adriano 6/3 M Koleta 7/3 J Perpetua na Felisita 8/3 V Yohani WImana 9/3 S Fransiska Romana

Ihunga 3,1-8a.13-15 Zab 102,1-11 1 Co 10,1-12 Lk. 13,1-9 2 Abami 5,1-15a Zab 41,2.3; 42,3.4 Lk. 4,24-30 Dan 3,25.34-43 Zab 24,4-9 Mt. 18,21-35 Amategeko 4,1.5-9 Zab 147,12-20 Mt. 5,17-19 Yer 7,23-28 Zab 94,1-9 Lk. 11,14-23

Mugira ngo abo banyagarire babonye ayo yose, kuko bari bacumuye kurusha abandi bose? Haba nintete; ariko na mwebwe ni mutihana, muzoshira murtyo mwese. ukuri ndabibabwiye: nta muhanuzi numwe yumvirwa aho

yavukiye
Mukama, mugenzanje ancumuyeko, nzomurekurira kangahe ? Sinkubwiye gushika ku ndwi ariko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi Ijuru nisi bikiriho, nta nakadome, nta nakarongo bizova mu mateka, vyose bitaranguwe Ubwami bwose budashize hamwe buzohona, amazu nayo agwaneko Uwo tudashize hamwe aranyanka, uwo twimburira kubiri arasesagura

Oze 14,2-10 Zab 80,6-17 Urakunda Umukama Imana yawe numushaha wawe wose, numutima Mk. 12,28b-34 wawe wose, nubwenge bwawe bwose, urakunda mugenzawe.... Oze 6,1-6 Lk 18,9-14 Zab 50,3-21ab Kukaba nkako, umuntu yihaya azoteterezwa, nayo uwicisha bugufi azoshemezwa

Abubakanye batararonka ikibondo bokwifata gute?


Iyo umusore numwigeme bubatse urugo rwabo, abantu bose barabasabira imihezagiro ku Mana ngo bazorondoke. Kandi nabo nyene bubakanye baba bipfuza kuzoronka ibibondo. Ariko murazi ko hariho abateba kuronka abana nabandi banyarutsa kubaronka. Hariho abateba kubaronka ariko haciye imisi itari mike bakabaronka. Hakaba nabandi rero bababura gose ntibikunde ko baronka numwana numwe. Hariho abihebura hakiri kare iyo batevye kuronka umwana ata numwaka urahera. Hariho abaca batangura kuryana ntihagire uwumvikana nuwundi, bagatangura gutanako umwikomo, umwe akabwira uwundi ko ariwe adakomeye, bakaguma muruhagarara rwimisi yose. Abandi nabo bagaca batangura kuja mu bapfumu kuraguza, bakibwira ko hariho abantu babaroze ngo ntibashobore kuronka umwana, bakaguma biruka barondera imiti. Bakankana nabantu bikeka ko babaroze kandi babahora ubusa. None abo bose bokwifata gute mu kurindira ikibondo? Mwese nta numwe yemera Imana atokwemeza ko abana batangwa nImana kandi ku gihe ishakiye. None rero bavukanyi, abubakanye mu kurindira ikibondo cane cane bokwihereza Yezu na Bikira Mariya, bagasaba bashimitse kugira ngo baronke ikibondo, bakarindirana ukwizigira nakanyamuneza ko bagiye kukironka. Mu gihe bamaze igihe kinini bataramuronka, boja kwa muganga kugira ngo babarabire ko ata ngorane bafise mu mibiri yabo kuko abaganga Imana yabashizeho babikwiye kugira ngo bayifashe. Muri ico gihe abubakanye baraheza bakamenya ko bakomeye canke hari uwufise ingorane akabimenya hanyuma bakamuvura. Ni naho atawusubira gushira amakosa ku wundi kuko murazi ko mu misi yahera ko ata mugabo yemera ko atavyara bama bata amakosa ku bagore. Ariko iyo bagiye kwa muganga baraheza bakabimenya bakabana bazinanye kandi bakubahana. Abubakanye bokwikuramwo kuja kuraguza ku bapfumu bakihutira cane cane kwitura Imana yo mushobora vyose, bakaguma bakundana rwa rukundo bari bafitaniye mu misi ya mbere. Umunywanyi aratwandikira:Inyishu ku kibazo Emile yabajije mu kinyamakuru n3/13: Yabajije ati: Mbega hari umusore canke umugabo azokira icaha cukwifuza mu gihe hari abakobwa batari bake bagenda bari gusa? Umukobwa iyo adatewe isoni nukwambara impuzu zerekana umubiri, muri we nibaza ko haba harimwo ivyipfuzo, muri vyo hakavamwo ukwambara nabi nuguhindura umubiri. Bene abo ubabwigwa nuko iyo ubahanuye uza ubona baguteye akagere. Jewe iyo mba nari mfise ubushobozi abakenyezi bose baba bambara nkababikira havuyemwo umwitwikiro. Naho abo bakobwa botugangurana mu nyambaro, turafise ibirwanisho vyodufasha kurwana intambara vyodutera. Wariyemeje gusoma ishapure imisi yose, ugasoma inkuru nziza nibijanye nikigongwe cImana, amaso yawe ntashobora kugutera ivyipfuzo bibi, mbere biragushisha. Ahasigaye namatwi! Emile, akaba akarirwa nibiciye mu maso, ndamusavye ahunge ibiyago bibi kuko vyose vyiruka mu mutima no mu bwonko bikica umuntu wese uko angana. Imana niduhezagire mu mitima, mu ngo zacu, no mu bigo vyabihebeyImana vyose. Amen. Biregeya Martin ABARU DI BARAZI GUTWE ZA: Hari umugabo uba hano, vyuka unsunike noneho nimoteri irazimye. yagiye mu kabare aranywa araborerwa. Hageze ko anje nzogusunika umunsi imoteri yakuzimanye. Umuataha, arasohoka arabura iyo aja niyo ava. gore aca abwira nyenurugo ati: Erega genda Aca apfa kwomoka atabona aho aca kuko hari umusunike, weho ntibahora bagusunika ibateri mw'ijoro. Amaze umwanya, abona ageze ku ryakwamye! Wa mugabo aca aravyuka. Ashikirimuhana atazi. Niko guhamagara ati: Wa muye ya mborerwa ayibaza ati: Vyagenze gute? gabo uba hano, vyuka unsunike, ibateri ry'umuduga Uruwundi ati: Imoteri nayihaye Primusi kandi nahora rizimye ngeze ngaha iwawe! Nyene urugo arinumira. ndayiha Rugombo, none yaciye izima, ica yandukiza Ya mborerwa ibandanya isemerera iti: Wa mugabo na bateri. Mu kunsunika rero urafata mu mugongo!

You might also like