You are on page 1of 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr 28/13

15/7/2013

IDOMI IKA YA CUMI A GATA UUmwaka C

Abanyuma babe abambere... Mbe birashoboka?


Twama twumva ingene Papa Fransisiko asemerera ngo ni tugende gusanganira abakene nabo bose bari mu maganya, ngo tubasange aho hose bari. Ngo abanyuma ni babe abambere... Mugabo hari abandi bavuga ngo incabwenge ni zo zikwiye kuja imbere yabandi ... ngo ni bo bazodukiza. Ese vyose twobanza kubirabisha namaso yImana, ari yo Mukiza wukuri; nayo ikadufasha kwihweza ibitameze neza kugira ngo tubigorore, tubitunganye mu buryo bubereye. Papa Fransisiko ati: hano kwisi hari itunga ryinshi ripfa ubusa, abantu benshi nabo bagapfa kubera ubukene nukubura akazi kobafasha kwitunga. Abantu bincabwenge ni baguma bironderera ingene botunga kuruta, isi izobandanya igoyagoya. Incabwenge zukuri ni barya bigana Yezu, bakitwararika kuva mu bicumuro vyukwikunda ngo batunganye isi mu rukundo. Papa Fransisiko yarigeze kuvuga ati: abasinzikajwe nubukene bataronse inyishu ikwiye, nabatunze ntibaba batunganiwe. Ntitwotangazwa no kwumva ko Papa Fransisko yimirije gusohora iketi rigenewe abantu bose, ryerekeye ikibazo cubukene mu bantu. Igihe cose dushira inyuma abakene, na twe tuba turiko turishira inyuma. Uko Papa abidusigurira, ukwitwararikana ntibisigura guha aboro amafranga rimwe rimwe; ukwitwararikana vyoba ingendo ishinze imizi mu mitima yacu, bikadutuma kwitangira abandi. Yezu yavukiye mu bukene bwi Betlehemu; wari umugambi wImana ngo dutegere ko icihutirwa ca mbere ari ukuzamura abakene. Igihe cose tunebagura ba ntahoniMbe urakunda abakene ? kora tukabakumira, nImana turiko turanebagura. Birumvikana ko umu Uheruka kuyaga numukene ryari? kristu umwe atomara ubukene bwa bose. Ariko turi umuryango wabakri Umubonye uramutinya canke stu; mu bumwe bwabemera turakwiye kuraba ico twokora ngo dushingiuramuramutsa nkumuvukanyi? re intahe urukundo rwImana mu bavukanyi bacu bari mu bukene. Uwu Warigeze gusangira nawe? dakunda ba ntahonikora, nImana ntaba ayikunda. Ugushira imbere ba ntakonikora ntibisigura ko hatoba imboneza zincabwenge; bisigura ko Muri we ubona Yezu? abantu bashinzwe amabanga nyobozi boshira imbere ubumwe mu bantu Urakunda gusabira abakene? mu kwitwararika abakene nabakumiriwe. Ikibi si ukubura ubutunzi; ikibi ni ukubura urukundo. Papa avuga ko yifuza Ekleziya iciye bugufi, yitwararika abantu batobato.

Mbaye Mbaye uwande? Nta numwe aganya ayo ngowe. Mumbarira ngo nturire undaba. Sinari naremwe
ndi karadoga, yamara nsigaye ndi gati ka waga kuma kakisenya. Mbe ko mundaba irarirari ? Uburundi ntiburara ubusa yamara jeho ndara nigonye. Murahaga ntacoyimena nanje nshonje ntacoyivuna. Imbega nimitamana murisagiriza nanje ncoceye ubushambara. Murara mu ngoro nkarara mu mwobo, agatuguta kabaca irya nino nanje igikonyozi gitundura. Nahora numva ngo turavukana nkagira abavukana barasangira; rero data hasangira abasanganywe. Nanje turacasanganywe ko mwantaye nkuwuta umwavu? None ko mwantaye ari mwe mwontoye mbaye uwa nde? Iyo mwumva ngo Imana ntiheba abayo Yo izotinda ihantore? Jeho ndaciwe ndagiye. Si nari ndabwarukanye. Kandi si nabuhamagaye, yamaya nabaye buzubona. Ivyejo bizobara abejo. Yamara mwobaye abo mbwira, mwokubise agatima mpembero mukibuka ko urya uwawe ukinovora intuntu, kandi ko ata wuhirwa abandi bagowe. Ivyisi bihinda bihera, yamara ntimuzoherana; ico muzobimaza umwanya mugihema, nico muzorengukana iyo imbere. Reka gukonganya imitima ngo mube ba nzingiti na satuntutwanje, ba taramukantereke na tembanteke, ba pfankire na tubikantuburure. Ntawabivukanye, nta nuwavyirondeje. Iyabibahaye yabigenze ubuntu ngo namwe mubwigenge abandi, ngo mwese musabikanye ntihabe nyagukira na nyagupfa, ntihabe umwana nigitorwa; kanatsinda muri aba mugabo umwe. Dogratias Sinzinkayo. Tel. 71 196 514.

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA


IDOMINIKA YA 15 YO MU MWAKA - C IGISOMWA CA MBERE: Amategeko 30, 10-14 Itegeko ryImana ryanditswe mu mushaha wumuntu Ivyo dusoma mu gitabu cAmategeko: Muri irya minsi, Musa yabariye ishengero ryAbanyisraeli ati: Umviriza ijwi ryUmukama Imana yawe, mu kugumya amabwirizwa namateka yiwe yanditswe muri iki gitabu cAmabwirizwa; nusubize agatima ku Mukama Imana yawe numushaha wawe wose, numutima wawe wose. Iri bwirizwa nguhaye uyu munsi ntirikurengeye, urashobora kurirangura. Ko ritari mwijuru, ntuze urinde kwibaza uti: ' i nde azokwurira mwijuru akaja kuritumanurira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza?' Ko ritari hakurya yamazi, ntuze wibaze uti: ' i nde azojabuka kurituzanira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza?' Iryo jambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe, kugira ngo urikurikize. IGISOMWA CA KABIRI: Kolosi 1, 15-20. Kubwiwe no muri we, niho vyose vyaremewe Ivyo dusoma mwibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi: Kristu Yezu niwe gashusho kImana itaboneka, niwe yaboneye izuba izina kiremwa cose, kuko muri we ariho vyose vyaremewe, ivyo mwijuru nivyo kwIsi, ibiboneka nibitaboneka, yaba Abashingantahe canke Ingabo canke Inkomezi canke Intwaza zIjuru, vyose niwe yabiremye kandi niwe maherezo ya vyose. Yamye ariho vyose bitarahaba kandi vyose bibeshwaho muri we. iwe kandi umutwe wumubiri wiwe ariwo Ekleziya. iwe vyose vyamukako, niwe mfura yabapfuye, kugira ngo abe uwambere muri vyose, kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose uvyagira muri Kristu, igashima ko kubwiwe vyose bisubira kwuzura na yo, ari vyo kwisi ari ivyo mwijuru, igihe yazana amahoro kubwamaraso yasheshe ku musalaba. Uyu musi tuzirikana amabwirizwa yImana. Ayo na yo akubiye mwibwirizwa ryurukundo: niwumviriza ijwi ryUmukama Imana yawe, ukazigama amategeko yiwe namabwirizwa yiwe... Umukama Imana yawe azoguha imigisha mu vyo ukora vyose. Umuntu wese ahezagirirwa mu kuga-mburuka amabwirizwa yUmukama. Ayo na yo arangu-kira mwibwirizwa ryurukundo. Iryo bwirizwa nta numwe rirengeye kandi ntawe riri kure yiwe, riri mu kanwa kumwe wese no mu mutima wiwe. Urukundo ni ryo bwirizwa rikuru. Ni ibwirizwa rishasha twasigiwe nUmukama. Urukundo ni rwo ruducira inzira yubuzima budahera. Uyu mwigisha yabajije ikibazo Yezu, yashaka kumenya igisigaye yokora ngo yironkere ubuzima budahera kuko yumva Yezu ari bwo ahamagarira abamwumviriza bose. Yibaza ko hari ibindi bintu bihambaye yokora. Ariko si uko biri. Inyishu yikibazo ntiri kure yiwe. Iri mu kanwa kiwe nyene:

INKURU NZIZA: Luka 10, 25-37. Ibwirizwa ryurukundo Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka: Umunsi umwe, umwigisha yari aho ava hasi ngo ageze Yezu, ati: Mbega, Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera? Yezu na we aramwishura ati: one, mu mabwirizwa handitswe iki? Uhora usomamwo ibiki? Uno na we amwishura ati: Urakunda Umukama Imana yawe numushaha wawe wose, numutima wawe namagara yawe yose, nubwenge bwawe bwose urakunda kandi mugenzawe nkuko wikunda wewe nyene. Yezu na we ati: Wishuye neza; genda, ugire gurtyo nyene, uzohoraho. Ariko, wa mwigisha arondera ingene yokwikurayo, abaza Yezu ati: Mbega, mugenzanje ni nde? Yezu amusubiza ati: Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko; arahava agwa mu bisuma, bihejeje kumwambura, biramukubita, birigira, bimusiga ari intere. Hanyuma rero, umusaserdoti amanukana nya nzira; ngo amubone, aca iruhande arigira. Hanyuma na ho, harenguka umulevita; ngo amubone, aca iruhande ararengana. Umunyasamariya nawe yari yimariye urubanza; aramurengukako, ngo amubone amutera ikigongwe; aramwegera, apfuka inguma ziwe, azisukako amavuta n'umuvinyu, araheza amushira ku gitwazi ciwe, aja kumwakira indaro, aramubungabunga. go buce, yakira idenariyo zibiri, azihereza nyenindaro, amugira ati: Murwaze neza; ibindi vyose uzomutangirira, nzobigusubiza ngarutse. one, kubwawe, muri abo bantu batatu, ni nde yagiriye ubugenzi wa muntu yagwa mu bisuma? Wa mwigisha yishura ati: uwo yamugiriye imbabazi. Yezu na we ati: Genda nawe rero, ugire gutyo. Urakunda Umukama Imana yawe ..., urakunda kandi mugenzawe... Ubuzima busanzwe hari ababurondera bakoresheje amafranga, baba abadandaza canke abakozi abo ari bo bose; ariko ubuzima budahera ntiburonderwa na yo. Ikiguzi cubwo buzima si ikindi atari urukundo. Kugira ngo utorane ubuzima budahera ubwirizwa gukunda Imana na mugenzawe. Mbwirizwa gukunda Imana na mugenzanje. Mugenzanje ni nde? Iki kibazo Yezu yacishuye mu guca uyu mugani wumunyasamariya wikigongwe. Umuntu yavuye i Yeruzalemu aja i Yeriko, agwa mu bisuma bimugirira nabi. Umusaserdoti yamuciyeko ararengana, umulevita agira gutyo nyene; ariko umunyasamariya ntiyirengagije uwo muntu yari yahuraguwe nabambuzi, yaramwegereye aramwitwararika mbere amwakira nindaro. Umusaserdoti numulevita ni abantu bama mu vyimigirwa myeranda namasabamana vyagirirwa mu gisengero. Mu kurangura ivyo najejwe babwirizwa kwisunga amabwirizwa nimigirwa. Yezu yatanze ako karorero kugira ngo yerekane ivyo uwo mwigisha abwirizwa kwirinda. Umusaserdoti numulevita bama mu bikorwa vyImana, bagize inyifato itari nziza. Ariko kub-

wabo babona ko bagize neza kuko mu migenzo yabayahudi no mu mabwirizwa yabo carazira gukora ku maraso canke ku kintu kiriko amaraso kugira ngo ntibahumane, kuko bihumanije ntibashobora gusubira gukora ibikorwa vyo mu gisengero. Cabaye icitwazo kuri bo cumvikana co kudakora iciza. Erega natwe hari aho mu buzima bwacu turondera ivyo twitwaza kugira ntidufashe abandi! Yezu yatanze ako karorero abibona, ahera aho yerekana ukuri nyakwo kuri muri Bibliya (Os 6, 6). Ni vyo dusanga no muri Mt.9, 13: Nshaka ikigongwe simbabaye inkuka ayo majambo aragaruka no muri Mt.12, 7. Muri Mt.23, 23 hoho Yezu avuga ngo muragowe mwa bigisha mwe nabafarizayo mwiyorobeka mushikana ituro rya menta nirya aneta nirya kumina, mukirengagiza amabwirizwa ahambaye, ubutungane, impuhwe nukwemera. Imana ishaka ko mu vyo dukora vyose dushira imbere urukundo no gufashanya. Ntawuhimbariza Imana mu gisengero ngo bibe bikwiye, adafasha abandi, cane cane abamerewe nabi. Umunyasamariya we yarabishoboye. Luka, umwanditsi winjili yikigongwe, ni we atubwira ivyuyo munyasamariya wimbabazi. Imbere yuwo mwigisha, umunyasamariya ni nkumumenja. Ni umwansi wabayahudi. Abayahudi baramwanka; umunyasamariya yafatwa nkumuntu atyoye kuko atahonyoza ikirenge mu gisengero ci Yeruzalemu. Carazira ko umuyahudi amutumira ngo basangire ku meza amwe. Twibuke ko abanyasamariya ari bo Yakobo na Yohani basabira ngo Umukama abarekure bahimirize umuriro ubatikize

(Lk.9, 54). Ariko twumvise kandi ko uwo munyasamariya ari we atewe impuhwe nikigongwe nuwo muntu yaguye mu bisuma bikamugirira nabi. Kandi ntiyiriwe araraba ko uwo muntu yoba ari uwiwabo, kandi nta bindi vyitwazo yagize. Yaremeye arakoresha uburyo bwiwe kugira ngo akize ubuzima bwumuntu, kuko ari bwo bwihutirwa gusumba inkuka nimigirwa yo mu gisengero. Umunyasamariya nkuyo ni Yezu yadukunze urutavugwa, akatwitangira ngo dukire twebwe twari twaguye mu minwe ya shetani. Yezu adutegeka gukundana tumwigana: giri ibwirizwa ryanje: ni mukundane nkuko nabakunze (Yo.15,12). Urwo rukundo rutujana gushika kukwitangira benewacu: tawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe (Yo.15,13). Uwo yakomeretse na we ni umuntu uwo ari we wese ababara. Abababara ni benshi impande yacu. Turetse abagwa mu mitego yabagizi ba nabi hari abazira akarenganyo ntihagire ico dukora ngo barenganurwe, tukitwaza ibi canke biriya, hari abicwa ninzara, abarwara bakabura uwubavuza Abo bose bakeneye umunyasamariya wimbabazi abarasanako. Uyu musi umunyasamariya ni wewe, ni jewe, ni uwo wese yemeye gukurikira Kristu. Uwakurikiye Kristu abwirizwa gukora nka kristu. Uwatanze indaro na we ni Ekleziya. Nkako Ekleziya ni yo Yezu akirizamwo abarwaye. None rero muvukanyi, wewe wakurikiye Kristu, nuberwe no gukora nka Kristu, urangwe nurukundo rudacagura kandi rutazingwa nivyitwazo; ni ho uzotorana ubuzima budahera. P. Dieudonne tamavukiro

Aho Imana igwanijwe, nta mahoro aharangwa "Turaha Imana ikibanza iyo ishatse kwinjira mu buzima bwacu? Turayironkera akanya? Papa Benedigito wa 16 yariko aratumira abantu ngo bahinduke, Imana ironke ikibanza mu mitima yabo, kandi bame bayibona mu batumwa bayo. Mbega nikihe kibanza duha Imana? Ubwo vyukuri iyo Imana ishatse kuza iwacu turayakira? Turayiha umwanya nikibanza? Imana irafise ikibanza mu bwenge bwacu? mu migambi yacu? mu vyipfuzo vyacu?... Kenshi turirondera, dushaka kuronka ivyo dushaka buno nyene, dushaka ko imigambi yacu iranguka nkuko twebwe nyene tuyishaka. Turiyuzuye twebwe nyene, mu bwishime bwacu, Imana igaca ibura ikibanza. Nico gituma nabandi babura ikibanza mu buzima bwanje: abana, abakene, ingenzi Ikibazo cukwakira Yezu, gifatanye nikibazo co kwakira impuzi, abanyamahanga; kuko Yezu yigize umwe murabo. Uguhinduka rero, nukwakira Yezu mu buzima bwacu, tukamubona igihe cose atugendeye, tukamwumva igihe cose adodoye iwacu, akaronka ikibanza muri twebwe, tukamubona murabo bose yiyerekaniramwo: abana, abarwaye mu buryo butandukanye, abahebwe, abakumirwa, ba ntahonikora. Muri ukwo guhinduka, umuntu aravavanura ninyifato nimigenzo imubohera ku vyisi, akamiza agatima kuvyImana, yo yamukunze ikaza kubana naweAho hose Imana itaniharizwa, aho yibagiwe canke bayihakana, nta mahoro ashobora kuharangwaHari abantu bashaka gusubirira Imana canke kuyifata nkigikoresho cabo. Ariko naho hari abatyoza ivyImana, hari nabandi bemera badatirigana ko Imana iriho, ko ibakunda kandi ko yigize umuntu; ivyo navyo bikabaha inguvu zo gushingira intahe ubuntu nikigongwe vyImana, no kurekuriranira. Guhakana Imana ntibizana amahoro; ahubwo, kuzimya umuco uva ku Mana bituma agashusho kImana kari mu muntu kazima. Ico gihe umuntu ntaba akibona mu wundi agashusho kImana, cane cane umworo, ntahonikora, impahazwa, ingenzi. Ntituba tucigenza nkabana bakomoka ku muvyeyi umwe. Muri iki gihe hari ivyiyumviro vyubuziramana bisubiza inyuma agateka kumuntu, dutegerezwa gutangaza icese ko umuco wImana ari wo wonyene ubungabunga iteka ryumuntu. Iyo umuntu yakunzwe, akamenya kandi agakunda Imana, akemera ko nayo imukunda, iteka ryiwe ntirityozwa naho yoba ari mu bigoye. Mu kibanza cibirwanisho, ni habe imigambi yo kuramira abari mu bubabare. Mu bihugu bimwe bimwe, hariho abibaza yuko vyoshika hagakenerwa ko batera ingwano kwizina ryImana. Ni bamenye ko indwano ata na kimwe ishikako. Muri ivyo bihugu abakristu nabanyislamu bashamiranye, barakwiye kwisubirako bakagira urunani rumwe mu kwubaka ibihugu vyabo, bari mu mahoro yImana. Papa yarambaje ububasha bwImana ngo bushungururire amahoro ku bibanza vyose Yezu yabayemwo akababariramwo, kugira ngo abanyisraeli nabanyapalestina babane mu mwidegemvyo no mu mahoro akomoka mu Mana imwe. Nti yibagiyeibihugu bibanyi vyivyo bihugu (Libani, Siriya, Iraki). Imana yarigize umwe muri twebwe, yigira muto kugira ngo umuntu ashobore kumukunda, yubahuke kumukunda. Papa Benedigito wa 16 ( 26 Kigarama 2012 - Zenit.org).

DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
14/7 D Idominika ya 15 15/7 L Bonaventura 16/7 M B.Mariya umwamikazi wI Karmeli
Amategeko30,10-14; Zab68,14.17.3031.33-34.36ab.37; Kolosi 1,15-20; Luka 10,25-37

Urakunda Umukama Imana yawe numushaha wawe wose, numutima wawe wose, namagara yawe yose, nubwenge bwawe bwose.
Uwutakiriye umusalaba wiwe ngo ankwirikire ntakwiye kuba uwanje; uwizigitiriye ku buzima bwiwe buzomuyongana; uwabuhevye akanyigura nzobumusubiza

Ihunga1,8-14.22; Zab123,1-4.46-8 ; Mt10,34-11,1 Ihunga2,1-15; Zab68,3.14.3031.33-34; Mt 11,20-24

17/7 M Karolina 18/7 J Frederiko 19/7 V Arsene 20/7 S Apolinari

Weho kafarnaumi nturi mu bicu? Uzocuba ushike kure kuko ibitangaro vyagiriwe muri wewe iyo bikorerwa muri Sodoma ico gisagara kiba gihagaze ubu Ihunga3,1-6.9-12; Zab 102,1-4.6-7 Dawe yarampaye ibintu vyose kandi nta numwe amenya Mwana atari Se, kandi Mt 11,25-27 ntawumenya Se atari Mwana, be nuwo Mwana azoba yamumenyesheje Ihunga 3,13-20; Zab104,1.5.8- i muze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurire. i mwemere inganje yanje, mukunde nivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi 9.24-27; Mt 11,28-30

Ihunga11,10-12,14; Zab155,12- Iyo muba mwategereye ico bivuga si nshaka inkuka mugabo imbanazi (oze6,6) nti mwociriye rubi izo ntungane. a none umwana wumuntu aragaba nisabato 13.15-16.17-18; Mt12,1-8 Ihunga12,37-42; Zab135,1.23- guyu umwananje natonesheje, umukunzi wanje ahimbara umutima 24.10-12.13-15; Mt 12,14-21 wanje. zomuha ubwenge bwanje acire urubanza ibihugu...

Duhimbarwe nugushikanira Imana muvyo yaduhaye. Ubu muri iyi myaka, hariho abakristu bamwe bamwe bamaze kugera ku ntambwe ishimishije yaho bashikanira Imana ikigira cumi civyimburwa vyabo canke cumushahara baronka. Hariho abandi batanga irya mperezwa yategekanijwe yo mu mwaka, bakavuga ngo birakwiye. Hariho nabadatanga na kimwe, bakibuka gutanga imperezwa kuko bagize urubanza. Hari nabavuga ngo i Roma bazokwimenya. Mu vyukuri, uravye ivyiza Imana ituronsa, tuba dukwiye kuyishikanira twivuyinyuma. Yezu azotubwira ati: narashonje murangaburira, nararwaye murandaba, ndi mwibohero murandamutsa(Mt 25,35-36 . Ishikanwa dutanga rirunganira mu kubeshaho abihebeye Imana, mu kumenyesha Inkuru Nziza no mu kugarukira ku bakene. Iyo umuntu agarutse ku Mana kuko yigishijwe ijambo ryImana rikamunyura, wewe watanze ishikanwa ryawe uba ubifisemwo uruhara; intererano yawe iba yafashije ngo urya yamwigishije aronke ivya ngombwa vyose ngo abashe kurangura ubwo butumwa. Mu vyo uba watanze, haravamwo igice gifasha abakene. Imana iraheza ikagushimira kuko wafashije ngo Ubwami bwayo bukwire hose. Twikubite agashi maze ukwemera kwacu kujane nibikorwa. Ivyo tuzoba twatanze, ni vyo bizoducira impera yubwami bwijuru. Duhimbarwe nugushikanira Imana muvyo yaduhaye, tutitangiriye itama.

Isaha yugushengerera Yezu mUkaristiya kwisi yose, mu bumwe bwEkleziya.


Integuro yumwaka wukwemera yari yarategekanije ko kwitariki 2 zukwezi kwa gatandatu 2013 hazoba igisabisho cugushengerera Yezu mUkaristiya, kikabera mu kiringo kimwe kwisi yose. Papa Fransisiko yarayoboye iyo saha yo gushengerera. Kuva kwisaha 11 gushika kwisaha 12 ku mugoroba (amasaha yi Roma), yari mu gacerere apfukamye imbere ya Yezu mUkaristiya, yifatanije namadiyoseze namaparuwase yo kwisi yose; ivyo bikaba bibaye imboneka rimwe muri Ekleziya Mu guheraheza, Papa yaratanze umuhezagiro haca hakurikira igisabisho kuri Bikira Mariya. Icivugo cuwo musi cari iki: "Umukama umwe, ukwemera kumwe". Papa yari yatanze ivyipfuzo 2 nyamukuru vyo gutura Imana murico gisabisho. Icipfuzo ca mbere, nuko Ekleziya itokwigera itirimuka kwibanga ryayo ryo kumenyenyesha hose inkuru nziza, ikigongwe nurukundo vyImana; maze nayo ikaguma mu bumwe, ikarangura ivyo yigisha, navyo bigakora ku mitima yabantu bikayikiranura, abantu bakamenya kwakira umusalaba, bagakira kwijirwa, hagatamanzura akanyamuneza, umutima wurukundo nikigongwe; gutyo ikaba yerekanye ko ari nziza kandi nyeranda(Ep5,28). Icipfuzo ca kabiri: nico gusabira abo bose bari mu bubabare butandukanye kwisi yose, ababoshwe nubuja bwiki gihe, abari mu ngwano, abahohoterwa nabandi, ababoshwe nibiyayuramutwe, abakoreshwa ibikorwa vyinguvu, abagore nabana bahohoterwa; kugira ngo Ekleziya ibagumize ku mutima, ntibigere bibagirwa, kandi bagume mu mwizero wa Yezu yabambwe. Hariho nabari mu bukene, cane cane abatagira akazi, abageze mu zabukuru, abantu bataba mu bihugu vyabo, abatagira aho baba, abapfunzwe, abakumiriwe. Igisabisho ca Ekleziya ni kibaremeshe, kibagumize mu mwizero, kibahe inguvu zo kurwanira agateka kabo2 Juin 2013 (Zenit.org kano gacupa kanje ndaje kugerageza. Emwe yabaye ABARU DI BARAZI GUTWE ZA: Ku munsi agiheza rya cupa, aca agenda bwarumye afata kwa wa Pentekoti abatama batatu bagiye gusorora mu kakuboko kwa wa mutama ashingako amenyo, bare. Bugingo umwe amaze kunywa amacuararandurana numubiri. Wa mutama aca atera pa abiri yibiyeri, umutama umwe aca ava induru ati: Urambabaje nyakugorwa! Erega hasi, aduza ukoboko kwi buryo, yumva harintitwavuganye ivyo kuryana amenyo! mwo inguvu nyinshi. Niko kubwira bagenziUruwundi nawe ati: Erega nanje sinakuriye we ati: Muri mwebwe uwumva ko ari umugaamenyo, nashaka gushira ikimenyetso caho nza bo naze avune kuno kuboko kwanje, ndamwemere. kuvunira. Uwundi mutama amubwira ati: Banza undindire mpeze

You might also like