Professional Documents
Culture Documents
mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
Igiciro:100Fr 28/13
15/7/2013
Mbaye Mbaye uwande? Nta numwe aganya ayo ngowe. Mumbarira ngo nturire undaba. Sinari naremwe
ndi karadoga, yamara nsigaye ndi gati ka waga kuma kakisenya. Mbe ko mundaba irarirari ? Uburundi ntiburara ubusa yamara jeho ndara nigonye. Murahaga ntacoyimena nanje nshonje ntacoyivuna. Imbega nimitamana murisagiriza nanje ncoceye ubushambara. Murara mu ngoro nkarara mu mwobo, agatuguta kabaca irya nino nanje igikonyozi gitundura. Nahora numva ngo turavukana nkagira abavukana barasangira; rero data hasangira abasanganywe. Nanje turacasanganywe ko mwantaye nkuwuta umwavu? None ko mwantaye ari mwe mwontoye mbaye uwa nde? Iyo mwumva ngo Imana ntiheba abayo Yo izotinda ihantore? Jeho ndaciwe ndagiye. Si nari ndabwarukanye. Kandi si nabuhamagaye, yamaya nabaye buzubona. Ivyejo bizobara abejo. Yamara mwobaye abo mbwira, mwokubise agatima mpembero mukibuka ko urya uwawe ukinovora intuntu, kandi ko ata wuhirwa abandi bagowe. Ivyisi bihinda bihera, yamara ntimuzoherana; ico muzobimaza umwanya mugihema, nico muzorengukana iyo imbere. Reka gukonganya imitima ngo mube ba nzingiti na satuntutwanje, ba taramukantereke na tembanteke, ba pfankire na tubikantuburure. Ntawabivukanye, nta nuwavyirondeje. Iyabibahaye yabigenze ubuntu ngo namwe mubwigenge abandi, ngo mwese musabikanye ntihabe nyagukira na nyagupfa, ntihabe umwana nigitorwa; kanatsinda muri aba mugabo umwe. Dogratias Sinzinkayo. Tel. 71 196 514.
INKURU NZIZA: Luka 10, 25-37. Ibwirizwa ryurukundo Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Luka: Umunsi umwe, umwigisha yari aho ava hasi ngo ageze Yezu, ati: Mbega, Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera? Yezu na we aramwishura ati: one, mu mabwirizwa handitswe iki? Uhora usomamwo ibiki? Uno na we amwishura ati: Urakunda Umukama Imana yawe numushaha wawe wose, numutima wawe namagara yawe yose, nubwenge bwawe bwose urakunda kandi mugenzawe nkuko wikunda wewe nyene. Yezu na we ati: Wishuye neza; genda, ugire gurtyo nyene, uzohoraho. Ariko, wa mwigisha arondera ingene yokwikurayo, abaza Yezu ati: Mbega, mugenzanje ni nde? Yezu amusubiza ati: Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko; arahava agwa mu bisuma, bihejeje kumwambura, biramukubita, birigira, bimusiga ari intere. Hanyuma rero, umusaserdoti amanukana nya nzira; ngo amubone, aca iruhande arigira. Hanyuma na ho, harenguka umulevita; ngo amubone, aca iruhande ararengana. Umunyasamariya nawe yari yimariye urubanza; aramurengukako, ngo amubone amutera ikigongwe; aramwegera, apfuka inguma ziwe, azisukako amavuta n'umuvinyu, araheza amushira ku gitwazi ciwe, aja kumwakira indaro, aramubungabunga. go buce, yakira idenariyo zibiri, azihereza nyenindaro, amugira ati: Murwaze neza; ibindi vyose uzomutangirira, nzobigusubiza ngarutse. one, kubwawe, muri abo bantu batatu, ni nde yagiriye ubugenzi wa muntu yagwa mu bisuma? Wa mwigisha yishura ati: uwo yamugiriye imbabazi. Yezu na we ati: Genda nawe rero, ugire gutyo. Urakunda Umukama Imana yawe ..., urakunda kandi mugenzawe... Ubuzima busanzwe hari ababurondera bakoresheje amafranga, baba abadandaza canke abakozi abo ari bo bose; ariko ubuzima budahera ntiburonderwa na yo. Ikiguzi cubwo buzima si ikindi atari urukundo. Kugira ngo utorane ubuzima budahera ubwirizwa gukunda Imana na mugenzawe. Mbwirizwa gukunda Imana na mugenzanje. Mugenzanje ni nde? Iki kibazo Yezu yacishuye mu guca uyu mugani wumunyasamariya wikigongwe. Umuntu yavuye i Yeruzalemu aja i Yeriko, agwa mu bisuma bimugirira nabi. Umusaserdoti yamuciyeko ararengana, umulevita agira gutyo nyene; ariko umunyasamariya ntiyirengagije uwo muntu yari yahuraguwe nabambuzi, yaramwegereye aramwitwararika mbere amwakira nindaro. Umusaserdoti numulevita ni abantu bama mu vyimigirwa myeranda namasabamana vyagirirwa mu gisengero. Mu kurangura ivyo najejwe babwirizwa kwisunga amabwirizwa nimigirwa. Yezu yatanze ako karorero kugira ngo yerekane ivyo uwo mwigisha abwirizwa kwirinda. Umusaserdoti numulevita bama mu bikorwa vyImana, bagize inyifato itari nziza. Ariko kub-
wabo babona ko bagize neza kuko mu migenzo yabayahudi no mu mabwirizwa yabo carazira gukora ku maraso canke ku kintu kiriko amaraso kugira ngo ntibahumane, kuko bihumanije ntibashobora gusubira gukora ibikorwa vyo mu gisengero. Cabaye icitwazo kuri bo cumvikana co kudakora iciza. Erega natwe hari aho mu buzima bwacu turondera ivyo twitwaza kugira ntidufashe abandi! Yezu yatanze ako karorero abibona, ahera aho yerekana ukuri nyakwo kuri muri Bibliya (Os 6, 6). Ni vyo dusanga no muri Mt.9, 13: Nshaka ikigongwe simbabaye inkuka ayo majambo aragaruka no muri Mt.12, 7. Muri Mt.23, 23 hoho Yezu avuga ngo muragowe mwa bigisha mwe nabafarizayo mwiyorobeka mushikana ituro rya menta nirya aneta nirya kumina, mukirengagiza amabwirizwa ahambaye, ubutungane, impuhwe nukwemera. Imana ishaka ko mu vyo dukora vyose dushira imbere urukundo no gufashanya. Ntawuhimbariza Imana mu gisengero ngo bibe bikwiye, adafasha abandi, cane cane abamerewe nabi. Umunyasamariya we yarabishoboye. Luka, umwanditsi winjili yikigongwe, ni we atubwira ivyuyo munyasamariya wimbabazi. Imbere yuwo mwigisha, umunyasamariya ni nkumumenja. Ni umwansi wabayahudi. Abayahudi baramwanka; umunyasamariya yafatwa nkumuntu atyoye kuko atahonyoza ikirenge mu gisengero ci Yeruzalemu. Carazira ko umuyahudi amutumira ngo basangire ku meza amwe. Twibuke ko abanyasamariya ari bo Yakobo na Yohani basabira ngo Umukama abarekure bahimirize umuriro ubatikize
(Lk.9, 54). Ariko twumvise kandi ko uwo munyasamariya ari we atewe impuhwe nikigongwe nuwo muntu yaguye mu bisuma bikamugirira nabi. Kandi ntiyiriwe araraba ko uwo muntu yoba ari uwiwabo, kandi nta bindi vyitwazo yagize. Yaremeye arakoresha uburyo bwiwe kugira ngo akize ubuzima bwumuntu, kuko ari bwo bwihutirwa gusumba inkuka nimigirwa yo mu gisengero. Umunyasamariya nkuyo ni Yezu yadukunze urutavugwa, akatwitangira ngo dukire twebwe twari twaguye mu minwe ya shetani. Yezu adutegeka gukundana tumwigana: giri ibwirizwa ryanje: ni mukundane nkuko nabakunze (Yo.15,12). Urwo rukundo rutujana gushika kukwitangira benewacu: tawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe (Yo.15,13). Uwo yakomeretse na we ni umuntu uwo ari we wese ababara. Abababara ni benshi impande yacu. Turetse abagwa mu mitego yabagizi ba nabi hari abazira akarenganyo ntihagire ico dukora ngo barenganurwe, tukitwaza ibi canke biriya, hari abicwa ninzara, abarwara bakabura uwubavuza Abo bose bakeneye umunyasamariya wimbabazi abarasanako. Uyu musi umunyasamariya ni wewe, ni jewe, ni uwo wese yemeye gukurikira Kristu. Uwakurikiye Kristu abwirizwa gukora nka kristu. Uwatanze indaro na we ni Ekleziya. Nkako Ekleziya ni yo Yezu akirizamwo abarwaye. None rero muvukanyi, wewe wakurikiye Kristu, nuberwe no gukora nka Kristu, urangwe nurukundo rudacagura kandi rutazingwa nivyitwazo; ni ho uzotorana ubuzima budahera. P. Dieudonne tamavukiro
Aho Imana igwanijwe, nta mahoro aharangwa "Turaha Imana ikibanza iyo ishatse kwinjira mu buzima bwacu? Turayironkera akanya? Papa Benedigito wa 16 yariko aratumira abantu ngo bahinduke, Imana ironke ikibanza mu mitima yabo, kandi bame bayibona mu batumwa bayo. Mbega nikihe kibanza duha Imana? Ubwo vyukuri iyo Imana ishatse kuza iwacu turayakira? Turayiha umwanya nikibanza? Imana irafise ikibanza mu bwenge bwacu? mu migambi yacu? mu vyipfuzo vyacu?... Kenshi turirondera, dushaka kuronka ivyo dushaka buno nyene, dushaka ko imigambi yacu iranguka nkuko twebwe nyene tuyishaka. Turiyuzuye twebwe nyene, mu bwishime bwacu, Imana igaca ibura ikibanza. Nico gituma nabandi babura ikibanza mu buzima bwanje: abana, abakene, ingenzi Ikibazo cukwakira Yezu, gifatanye nikibazo co kwakira impuzi, abanyamahanga; kuko Yezu yigize umwe murabo. Uguhinduka rero, nukwakira Yezu mu buzima bwacu, tukamubona igihe cose atugendeye, tukamwumva igihe cose adodoye iwacu, akaronka ikibanza muri twebwe, tukamubona murabo bose yiyerekaniramwo: abana, abarwaye mu buryo butandukanye, abahebwe, abakumirwa, ba ntahonikora. Muri ukwo guhinduka, umuntu aravavanura ninyifato nimigenzo imubohera ku vyisi, akamiza agatima kuvyImana, yo yamukunze ikaza kubana naweAho hose Imana itaniharizwa, aho yibagiwe canke bayihakana, nta mahoro ashobora kuharangwaHari abantu bashaka gusubirira Imana canke kuyifata nkigikoresho cabo. Ariko naho hari abatyoza ivyImana, hari nabandi bemera badatirigana ko Imana iriho, ko ibakunda kandi ko yigize umuntu; ivyo navyo bikabaha inguvu zo gushingira intahe ubuntu nikigongwe vyImana, no kurekuriranira. Guhakana Imana ntibizana amahoro; ahubwo, kuzimya umuco uva ku Mana bituma agashusho kImana kari mu muntu kazima. Ico gihe umuntu ntaba akibona mu wundi agashusho kImana, cane cane umworo, ntahonikora, impahazwa, ingenzi. Ntituba tucigenza nkabana bakomoka ku muvyeyi umwe. Muri iki gihe hari ivyiyumviro vyubuziramana bisubiza inyuma agateka kumuntu, dutegerezwa gutangaza icese ko umuco wImana ari wo wonyene ubungabunga iteka ryumuntu. Iyo umuntu yakunzwe, akamenya kandi agakunda Imana, akemera ko nayo imukunda, iteka ryiwe ntirityozwa naho yoba ari mu bigoye. Mu kibanza cibirwanisho, ni habe imigambi yo kuramira abari mu bubabare. Mu bihugu bimwe bimwe, hariho abibaza yuko vyoshika hagakenerwa ko batera ingwano kwizina ryImana. Ni bamenye ko indwano ata na kimwe ishikako. Muri ivyo bihugu abakristu nabanyislamu bashamiranye, barakwiye kwisubirako bakagira urunani rumwe mu kwubaka ibihugu vyabo, bari mu mahoro yImana. Papa yarambaje ububasha bwImana ngo bushungururire amahoro ku bibanza vyose Yezu yabayemwo akababariramwo, kugira ngo abanyisraeli nabanyapalestina babane mu mwidegemvyo no mu mahoro akomoka mu Mana imwe. Nti yibagiyeibihugu bibanyi vyivyo bihugu (Libani, Siriya, Iraki). Imana yarigize umwe muri twebwe, yigira muto kugira ngo umuntu ashobore kumukunda, yubahuke kumukunda. Papa Benedigito wa 16 ( 26 Kigarama 2012 - Zenit.org).
DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
14/7 D Idominika ya 15 15/7 L Bonaventura 16/7 M B.Mariya umwamikazi wI Karmeli
Amategeko30,10-14; Zab68,14.17.3031.33-34.36ab.37; Kolosi 1,15-20; Luka 10,25-37
Urakunda Umukama Imana yawe numushaha wawe wose, numutima wawe wose, namagara yawe yose, nubwenge bwawe bwose.
Uwutakiriye umusalaba wiwe ngo ankwirikire ntakwiye kuba uwanje; uwizigitiriye ku buzima bwiwe buzomuyongana; uwabuhevye akanyigura nzobumusubiza
Weho kafarnaumi nturi mu bicu? Uzocuba ushike kure kuko ibitangaro vyagiriwe muri wewe iyo bikorerwa muri Sodoma ico gisagara kiba gihagaze ubu Ihunga3,1-6.9-12; Zab 102,1-4.6-7 Dawe yarampaye ibintu vyose kandi nta numwe amenya Mwana atari Se, kandi Mt 11,25-27 ntawumenya Se atari Mwana, be nuwo Mwana azoba yamumenyesheje Ihunga 3,13-20; Zab104,1.5.8- i muze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurire. i mwemere inganje yanje, mukunde nivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi 9.24-27; Mt 11,28-30
Ihunga11,10-12,14; Zab155,12- Iyo muba mwategereye ico bivuga si nshaka inkuka mugabo imbanazi (oze6,6) nti mwociriye rubi izo ntungane. a none umwana wumuntu aragaba nisabato 13.15-16.17-18; Mt12,1-8 Ihunga12,37-42; Zab135,1.23- guyu umwananje natonesheje, umukunzi wanje ahimbara umutima 24.10-12.13-15; Mt 12,14-21 wanje. zomuha ubwenge bwanje acire urubanza ibihugu...
Duhimbarwe nugushikanira Imana muvyo yaduhaye. Ubu muri iyi myaka, hariho abakristu bamwe bamwe bamaze kugera ku ntambwe ishimishije yaho bashikanira Imana ikigira cumi civyimburwa vyabo canke cumushahara baronka. Hariho abandi batanga irya mperezwa yategekanijwe yo mu mwaka, bakavuga ngo birakwiye. Hariho nabadatanga na kimwe, bakibuka gutanga imperezwa kuko bagize urubanza. Hari nabavuga ngo i Roma bazokwimenya. Mu vyukuri, uravye ivyiza Imana ituronsa, tuba dukwiye kuyishikanira twivuyinyuma. Yezu azotubwira ati: narashonje murangaburira, nararwaye murandaba, ndi mwibohero murandamutsa(Mt 25,35-36 . Ishikanwa dutanga rirunganira mu kubeshaho abihebeye Imana, mu kumenyesha Inkuru Nziza no mu kugarukira ku bakene. Iyo umuntu agarutse ku Mana kuko yigishijwe ijambo ryImana rikamunyura, wewe watanze ishikanwa ryawe uba ubifisemwo uruhara; intererano yawe iba yafashije ngo urya yamwigishije aronke ivya ngombwa vyose ngo abashe kurangura ubwo butumwa. Mu vyo uba watanze, haravamwo igice gifasha abakene. Imana iraheza ikagushimira kuko wafashije ngo Ubwami bwayo bukwire hose. Twikubite agashi maze ukwemera kwacu kujane nibikorwa. Ivyo tuzoba twatanze, ni vyo bizoducira impera yubwami bwijuru. Duhimbarwe nugushikanira Imana muvyo yaduhaye, tutitangiriye itama.