You are on page 1of 1

1002 Gusenga 02 – Ivyigwa bine ku gusenga

Mu bihe vyacu vy’amasengesho, ikiganiro tugiriranira n’Imana gifata


imero nyinshi. Turayigaragariza urukundo tuyifitiye. Turayitazira
tukongera tukayihimbaza. Turayishimira. Turayumviriza. Turahabwa
ihishurirwa, ubwenge n’ugutahura. Turatura ivyaha vyacu kandi tukihana
imbere y’Imana. Vyongeye, turayisaba ivyo dukeneye. Rimwe na rimwe,
turicara gusa mu kuhaba kwayo tukariranira ubusabane na Yo.
Umwe mu banditsi nkunda cane, Arthur W. Pink (yabaye umwungere mu
ntango z’imyaka ya 1900 kandi yanditse ibitabu vyinshi), ivyo abivuga
muri make mu kugabura isengesho mu “mashami” atatu nyamukuru. Mu
gitabu citwa Ibisigi vya Paulo (Gleanings from Paul), yandika ati:
“Kubw’ivyo, tubivuze mu buryo bwagutse, gusenga harimwo kwatura icaha,
gusaba ivyo dukeneye be no gukengurukira mu mitima yacu uwubitanga
ubwiwe. Canke, twoshobora kuvuga ko amashami nyamukuru ari ukwicisha
bugufi imbere y’Imana, ukwinginga, no gutazira… Ibimota vyatangwa
mw’ihema no mu rusengero (mwibuke ko twamaze kuvuga ibijanye n’imeza
batangirako ibimota yari ahera kandi yagereranya amasengesho yadugirizwa
Imana buri musi) vyarimwo ibirungo vy’ubwoko butandukanye vyavanganijwe
(Kuvayo 30:34-35), kandi ukwo kuvangwa kwa kimwe n’ikindi ni kwo kwatuma
umubavu umota neza cane kandi ugahembura…Nk’ukwo kw’ivyo birungo,
ukwicisha bugufi, ukwinginga n’ugutazira vyacu bikwiye kuvangwa ku rugero
rubereye mu buryo twegera intebe y’imbabazi – ata na kimwe gikumiriwe,
ariko vyose bivanze.”1

Ikintu kimwe kinezereje ku bijanye n’ibimota ni uko muri Kuvayo 30:37-38


hatubwira ko ico kivange c’umwihariko c’ibirungo cashobora gukoreshwa
ahera gusa. Cari “icejejwe kubwo Uhoraho.” Hagize uwumotesha mwene
ivyo bimota ubwiwe yategerezwa kurandurwa agakurwa mu bantu.
Amasengesho yacu ategerezwa kwerekezwa k’Uhoraho kandi Uhoraho
wenyene.
1. Amasengesho yo kwicisha bugufi arimwo kwatura ivyaha no kwihana.
2. Amasengesho yo gutazira arimwo amatazirano, amashimwe be no
kwatura uwo Imana iri. Raba muri 1 Timoteyo 1:17
(1 Timoteyo 1:17) "Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe
yonyene, igitinyiro n’icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amen."

(1 Timoteyo 6:15-16) "kizokwerekanwa mu gihe cakwo n’Inyabushobozi


yonyene, ishimagizwa, ni yo Mwami w’abami, uwuganza abaganza; ni yo
yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utegerwa, ata muntu yigeze ayibona,
ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo.
Amen."
1
Ibisigi vya Paulo, Amasengesho y’Intumwa, Arthur W. Pink, Moody Press 1967, urupapuro rwa 11

You might also like