You are on page 1of 2

IGISHABISHO C’IROSARI

I. IVYIBUKIRO BINEZEREZA:
1. Icibukiro ca mbere: Umumalayika Gabriyeli abwira Mariya ko azovyara
umwana w’Imana; dusabe umutima w’ukwemera ububi dufise. Lk1, 26-38.
2. Icibukiro ca kabiri: Bikira Mariya agenda kuramutsa mwenewabo Elizabeti;
dusabe umutima w’ugukundana. Lk 1, 39-56.
3. Icibukiro ca gatatu: Yezu avuka; dusabe umutima w’ukureka kwishinga
ivy’itunga tubashe kwigana Yezu yashimye ubworo. Lk 2,2-2.
4. Icibukiro ca kane: Bikira Mariya aja i Yeruzalemu ngo ahezagirwe yongere
ahereze Imana umwana wayo; dusabe inema yo guhorana umutims witeguye.
Lk 2, 22-40
5. Icibukiro ca gatanu: Mariya na Yozefu basanga Yezu mw’isengero ry’i
Yeruzalemu; dusabe umutima w’ugukunda Imana gusamba vyose
n’uw’ukwubaha abatugaba bose. Lk 2,41-51

II. IVYIBUKIRO VY’UMUCO


1. Icibukiro ca mbere: Yezu abatizwa muri Yordoni; dusabe inema y’ukuzigama
indagano z’Ibatisimu, ukuri, urukundo n’umuvukano. Mt 3, 13-17.
2. Icibukiro ca kabiri: Yezu mu bugeni bw’i Kana mu bugalile; dusabe inema
y’urukundo mu ngo z’abubatse. Yoh. 2,1-12
3. Icibukiro ca gatatu: Yezu amenyesha ubwami bw’Imana mu bantu; dusabe
inema y’uguheba ibicumuro n’impengamiro yavyo ngo turonke amahoro. Mk
1, 14ss
4. Icibukiro ca kane: Yezu yereka abatumwa ubuninahazwa; dusabe inema
y’uguhanga amaso Yezu we ndongozi y’ukwemera kwacu. Mt 17,1-9; Lk 9,
28-36
5. Icibukiro ca gatanu : Yezu agira Ukaristiya Nyeranda; dusabe inema
y’ugukemguruka ku vyiza vyose Yezu yama atugirira. Mk 11, 22-25

III. IVYIBUKIRO VY’AMAGORWA


1. Icibukiro ca mbere: Yezu ashaka kwicwa n’irungu n’amaganya ku
gasozi ka Oliveti; dusabe umutima w’ukwigaya ngo twanke ibicumuro.
Lk 22,39-46; Mt 26,36-56; Mk 14, 32-52; Yoh. 18, 1-11.
2. Icibukiro ca kabiri: Yezu arakubitwa; dusabe kudatinya guhana umubiri
wacu, turinde n’ibitubabaza kubw’Imana. Mt 27,26; Mk 14, 15; Yoh
19,1
3. Icibukiro ca gatatu: Yezu baramwicisha amahwa; dusabe ubukomezi
ngo tubashe kwanka ubwishime bwose. Mt 27,26-31; Mk 15, 16-20.
4. Icibukiro ca kane: Yezu arikorera umusaraba; dusabe umutima
w’ugushima hose ico Imana ishaka. Lk 23, 26-30; Mt 27,32.
5. Icibukiro ca gatanu: Yezu arabambwa; dusabe umutima w’ukwihebera
Yezu twihetse kuri Bikira Mariya. Lk 23, 33-44; Mt 27,33-56; Mk
15,21-41; Yoh 19, 17-37.
IV. IVYIBUKIRO VY’UBUNINAHAZWA
1. Icibukiro ca mbere: Yezu arazuka; dusabe umutima w’uguhaha ngo dushobors
kuba beranda. Lk 24,1-12; Mt 28, 5-8; Mk 16,4-5
2. Icibukiro ca kabiri: Yezu arurira mw’ijuru; dusabe umutima w’ukwipfuza
ivy’ijuru. Lk 24, 50-53; Mt 16, 19-20; Ibik 1, 4-11.
3. Icibukiro ca gatatu: Mana Mutima Mweranda araza ku batumwa: dusa
umutima w’ukumenyesha Imana mu bantu. Ibik 2, 1-13.
4. Icibukiro ca kane: Mariya ajanwa mw’ijuru; dusabe gupfa dukunda Imana.
Ivyah 12,14-16
5. Icibukiro ca gatanu: Mariya araninahazwa mw’ijuru; dusabe umutima
w’ugushiruka ubute mu nikorwa vyiza vyodushiksns mw’ijuru. Ivyah 12, 1-3.

You might also like