You are on page 1of 5

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927 461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzima.es.tl

"Nukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1,21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima 13/5/2012 IDOMINIKA YA 6 YA PASIKA - UMWAKA B

Igiciro:100fr
N 20/12

Yezu azosubira mwijuru, ariko azogumana natwe.


Ku musi wa kane, numusi mukuru waho Yezu yurira mwijuru (Asensiyo). Twoshobora kubifata nkukwatira abatumwa mwibanga. Igihe cose Yezu yamaranye nabo, ntiyahengeshanije kubabwira ibiraba Ubwami bwImana. Hageze ko asubira mwijuru, yarabasezeye abashinga kubandanya ubutumwa bwiwe, ariko babanje kurindira akabarungikira mutima mweranda (Ibik 1, 4-11). Ni nkuko yoba yababwiye ati: Ndagiye ariko ubutumwa bwanzanye kwisi ntibuhagaze. Ni mwebwe mubwirizwa kububandanya kuvubu. Ntimugire ubwoba, nzogumana namwe. Ntituzobonana amaso mu yandi nkuko twahora. Nzobanza ndabarungikire Mutima mweranda. Ni mwamwakira mukamugamburukira, azobamenyesha vyose, abahe ubukomezi muheze musamirize ubwami bwImana ata makenga. Abantu ntibazosubira kubona Yezu namaso yumubiri, bazomubona bamurikiwe numuco wa Mutima Mweranda. Yezu ni muzima muri Ekleziya yadusigiye. Mu gihe twemeye kugenzwa na Mutima Mweranda, ububasha bwa Yezu buribonekeza mu buzima bwacu, mu bikorwa vyacu, mu mibano yacu; maze abantu bakemera ko ari muzima. Kera Ekleziya igitangura, abapagani babonye ingene abemera Yezu bigenza baciye babita abakristu, kuko basa na Yezu. Ukwurira mwijuru kwa Yezu ntikwahagaritse imigambi yiwe yurukiza. Umutumwa Petero yarabaye umugendanyi wa Yezu mu myaka itatu yose, amubona amaso mu yandi. Yezu amaze kwurira mwijuru, Petero yabaye umugendanyi wa Yezu mu gukora uko Yezu yakoze, mu kurangura ubutumwa Yezu yamushinze bwo kuba ishingiro rya Ekleziya yiwe. Imigambi ya Yezu irabandanya kubera Petero nabasubirizi biwe. Turahamagariwe gushigikira, kwubaha no kugamburukira abungere bacu, tugategera ko dufise uruhara rwacu mu kuduza ku kivi Yezu yabasigaranye. Ese kuruyu munsi wa Asensiyo twese twotegera ko dukwiye kubera abandi Inkuru nziza yakanyamuneza; tukamenya ko imigambi ya Yezu ibandanya kurangukira muruwo mukristu wese yemeye kuba umugendanyi wa Yezu ahagarikiwe na Mutima wiwe. Mutima wukuri yamuka kuri Data azonshingira intahe (Yoh. 15, 26). Abakristu bama mu ntambara kuko isi ibanka; Shetani yama iriko irabatoteza ngo ibatembagarize mu nyenga (Ivyah 12,10). Mutima wImana numwansi wa shetani; niwe aburanira abakristu, agasenga muri bo, akabahoza. Arababohora, agashira mu mutima wabo kwumva ko bakunzwe. Igihe Yezu yagomba gusubira kwa se wiwe, yarahumurije abatumwa biwe, mu kubemerera ko azobarungikira uwo Mutima mweranda. Ni Mutima wukuri, kuko azoza kwibutsa ivyo Yezu yigishije, akabayoborera mu nzira yukuri. Mutima wImana niwe amenyesha ukuri kwose, ukuri kwivyo Yezu yigishije, ukuri kudahinduka, ukuri kumurikira abakristu bibihe vyose. Mutima wImana arashingira intahe ivyo Yezu yavuze, Kubwa Mutima mweranda, abatumwa bararonka ubwenge bwo gutahura amajambo yImana, ubuzima bwa Yezu nububabare bwa Yezu. Kanatsinda barasangiye ubuzima nawe kuva agitangura kurangura ubutumwa bwiwe. Nabo bazoshobora kumushingira intahe ubuzima bwabo bwose, mu buryo bushimishije abababona, kubera uwo Mutima mweranda. Kubera inkomezi abaha nukuri basanga mu bitabo vyeranda. Abahuye na Yezu bagumana nawe, ntibasubira kumuvirira. Bagumana igishika co kumushingira intahe. No mu gihe citotezwa ntibareka kuvuga. Bamwe bamwe barahasize nubuzima. Yezu arahishuka abatumwa biwe ko abamushingira intahe batama boroherwa, ko bashobora gutotezwa. No muri iki gihe abakristu binshigwarimenetse, bemera gupfira Yezu baracariho; ikibatera akanyamuneza nuko bosa na Yezu. Turakeneye ubukomezi bwa Mutima Mweranda kugira ngo natwe tube abagendanyi bukuri ba Yezu, batamuhemukira. Turakeneye kuba abaremesha binkuru nziza yurukiza, ngo abarushe baruhuke, ababoshwe babohoke. Ku musi wa gatanu niho tuzotangura ya misi icenda yo kwitegurira Mutima mweranda, ikazodushikana ku musi mukuru wa Pentekoti. Kuruyu musi twibuka Bikira Mariya umugabekazi wi Fatima, tumwambaze ngo azodufashe kwitegurira neza uwo musi mukuru wa Pentekoti, nkuko yabifashije abatumwa. Ese ico gihe ceranda codufasha kwugurura imitima ngo Mutima mweranda atunagure, atugire bashasha.

Twumvirize iryo Imana ituyagira


IDOMINIKA YA GATANDATU YA PASIKA - B IGISOMWA CA MBERE: Ibik.10,25-26. 34-35. 44-48 Mutima Mweranda yururukira ku bapagani Ivyo dusoma mu gitabu cIbikorwa vyAbatunmwa Petero ngo ashike i Sezareya kwa Korneliyo, Korneliyo aca aza kumusanganira, arapfukama amukurira ubwatsi. Petero aramuhagurutsa, ati: Va hasi, ndi umuntu nkawe. Araheza Petero abarira abari aho ati: Ni ivyukuri, ubu ndategereye ko Imana itagira nkunzi; mu bihugu vyose, ishima uwuyubaha kandi agakora ibitunganye. Petero akiriko aravuga, Mutima Mweranda yururukira ku bariko baramwumviriza. Abemeye bo mu Bayahudi bari baherekeje Petero barajorerwa mu kubona Mutima Mweranda yururukira ku bapagani, kuko bo bumva bavuga indimi batahora bazi kandi bakaninahaza Imana. Petero asubira kuvuga ati: Hari uwokwanka kubatiza abo bantu baronse nkatwe Mutima Mweranda? Aca ategeka kubabatiza kwizina rya Yezu Kristu. Baraheza bamusaba ngo bamarane iminsi. IGISOMWA CA KABIRI: Yo. 4, 7-10 Imana niyo Rukundo. Ivyo dusoma mwibaruwa rya 1 ryUmutumwa Yohani Bakunzi banje: Ni mukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Kandi uwukundana wese yavyawe nImana, kandi arazi Imana. Uwudakundana ntiyamenye Imana, kuko Imana ari Rukundo. Ngiki icatumenyesheje urukundo rwImana muri twebwe nuko Imana yarungitse Umwana wayo wikinege kwisi, kugira ngo tube bazima kubwiwe. Ngiki ikigira urukundo: nuko atari twebwe twakunze Imana, Muzoba abagenzi banje mukoze ico mbategetse. Bavukanyi ibisomwa vyeranda tuzirikanye uno musi bitumenyesha ibanga Yezu yasigaranye Ekleziya yiwe imbere yugusubira kwa se, yasigaranye abatumwa biwe ibanga ryo kugendera urukundo, arongera arabatuma kubandanya baba ivyabona vyurwo rukundo rwiwe mu Bantu. Ijambo urukundo turikoresha mu buzima bwa misi yose ariko sinzi ko turitegera kumwe na Yezu. Uwugomba gukunda vyukuri narangamire Yezu ku musalaba; uwugomba kumenya urukundo icarico nafatanye akayira na Yezu niwe uno musi atubwiye ati: Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe. Bavukanyi akaranga kImana ni urukundo, Imana ni Rukundo; Yezu nawe ni Umwana wImana. Ico yabonye ku Mana nico yatumenyesheje, ku Mana tuhabona urukundo nikigongwe. Muri Kristu we ari Imana akaba numuntu abushitse niho dushobora kumenya vyukuri urukundo icari co. Urukundo nirwo rwabaye ishimikiro zinyigisho zose nubutumwa bwiwe bwose ngaha kwisi. Ku musalaba niho urwo rukundo rwImana rwiyerekanye mu buryo bwuzuye

ariko nuko ariyo yadukunze, akarungika Umwana wayo kwisi kuba iciru cibicumuro vyacu. INKURU NZIZA: Yo.15, 9-17. Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe. Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe, ati: Uko Data yankunze, niko nanje nyene nabakunze; ni mugume mu rukundo rwanje. Ni mwazigama amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nkuko nanje nyene nazigamye amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe. Ndababwiye ivyo, kugira ngo akanyamuneza kanje kabe muri mwebwe bwite, maze akanyamuneza kanyu kuzure. Ngiri ibwirizwa ryanje: ni mukundane nkuko nabakunze. Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe. Muzoba abagenzi banje, mukoze ico mbategetse. Sinkibise abasuku, kuko umusuku atamenya ico shebuja akora; nabise abagenzi banje, kuko ivyo nabwiwe na Data vyose nabibamenyesheje. Simwe mwantoye, yamara nije nabatoye; nabashinze kugenda ngo mwame icamwa kandi icamwa gihoraho, kugira ngo Data abahe ico muzomusaba cose kwizina ryanje Ico mbategetse nuko mwokundana. kandi bwagakura. Umwe wese arashobora kuvuga atagukekereza ati: Imana yarankunze. Urwo rukundo Yezu yatweretse ndarugereranya nurukundo akanyoni kitwa pelikano gakunda utwana twako. Ako kanyoni niko kabonye uduswi twako turiko turayogora kubera inzara, gaca gasanza amababa kakinobagura mu gikiriza twa duswi tukanunuza uturaso twose gafise gushika gacikane. Ngako akarorero kurukundo Umukama yadukunze ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe. Bavukanyi, kubera ubugaba bwacu nukubura ukwemera twama twicwa ninzara, tukicwa numunanu, tukajuragirika tukibagira urwo rukundo Umukama yatweretse. Tumenye ko uwudakunda atazi Imana nkuko Yohani yabitubwiye. Natwe kenshi hagukundana turagenzanya, turondera kumarana no gutotezanya. Yezu atubwiye ati: Ico mbategetse nuko mwokundana. Ni itegeko aduhaye ntaduhendahenda, ninaryo ragi adusigaranye. None mugenzi, wewe ukiganzwa nurwanko, wewe ufitiye akajirya mwene wanyu, wewe wama urota gusambura urwawe, umenye ko uriko uricira urubanza, kukaba nkako iryo ragi ninaryo rizoba ishimikiro ryurubanza rwimperuka. Dutegerezwa kurandura mu mitima yacu ico cose kitubuza gukunda no gukundwa. Bavukanyi, turazi ko twama twirukana Yezu mukwanka bene wacu, tukama twirengagiza amabwirizwa yadusigara-

nye, twame tumenya ko ivyo vyose tugira bibabaza Yezu Kristu. Dusabe rero ngo twame turangura ico

Yezu Kristu adutegetse uno musi mu buzima bwacu bwa misi yose. Amen. A.Paul RUCUMUHIMBA

Ikiyago ca Papa Benedigito wa 16 hamwe nabapfunzwe.


Papa Benedigito wa 16 yaragendeye ibohero ryi Rebbibia ( i Roma mu butaliyano ). Abapfunzwe baramushikirije akajambo ko kumuha ikaze, bongera baramutura ikiri ku mutima. Nawe Yarabashikirije akajambo ko kubaremesha, arababwira ko abakunda, ko abatwaye ku mutima, ko abasabira, kandi ko arajwe ishinga nuko amabohero yotunganywa ku buryo agateka kabapfunzwe kubahirizwa. Yarabahaye nakaryo ko kumubaza ibibazo. Uwitwa Omar yamubwiye ati: Narifuje cane kukubona. Hari ibintu vyinshi cane nagomba kukubaza. Ariko ubu ndakubonye ndabuze aho mpera. Ukuba uri hagati yacu biraduhimbaye cane, twebwe abakristu dupfungiwe hano. Nta kindi twogusaba atari uko wodukundira tukakwiyegekako tuzanye nimitwaro yacu niyimiryango yacu; nutubere nkurutsinga ruvana umuyagankuba kwisoko ryawo rukawukwiragiza mu mpande zose. Nawe nutuvomere inkomezi kwa Yezu uheze uzidushikirize. Papa yamwishuye ati: Na jewe ndagukunda kandi ndagushimiye kuri ayo majambo meza. Mu kuza kubaramutsa nifuje kurangura amajambo yUmukama aho avuga ati: Nari mwibohero murandamutsa. Umukama azogumana namwe, nanje nzoguma ndabasabiraAlberto nawe yamubajije ati: Mperuka kwibaruka umwana; ubu afise amezi abiri. Kubwawe ubona ari ibisanzwe ko banyankira gutaha ngo nje kuraba umwana kandi ideni nagirizwa narahejeje kuririha? Inyishu ya Papa: Mbanje kukubwira nti: Uribaruka. Imana ishimwe kuriyo ngabire yako kana kakigeme Imana yaguhaye. Naho ntazi neza ivyawe, ndizigiye ko uri mu gutaha vuba. Ekleziya yemeza ko umuryango ari ishingiro rya vyose. Ni ngombwa ko na se wumwana aronka uburyo bwo kugumbira umwana wiwe. Ndagusabira kugira ngo ushobore gutaha vuba ngo ushobore kuba mu muryango wawe. Ferederico nawe ati: Nserukira abanyororo barwaye. Mbega yemwe natwe abarwaye nabagendana umugera wa Sida twobwira iki Papa? Ko asanzwe yiremetse imitwaro yisi yose! Nadusabire, atubere ijwi, arishikane aho tudashobora gushika. Turi kure yimiryango yacu, ariko ntituri abapfu. Dushobora kuba twaratirimutse, hari abo twababaje, ariko ubu turiko turavyuka. Twarabaye nkintabwa, ntawutunezwe. Abaramutse batwiyumviriye nabo, nabadutuka nabaducira imanza nivomo. Womenga ntitukiri abantu bakwiye. Uri umwungere wa bose, natwe turimwo. None dufashe ntitwamburwe agateka kacu, ugupfungwa ntikuzane gucibwa. Urakoze kudutera iteka nkiryo. Inyishu: Ndagushimiye cane kuruwo mutima uciye bugufi, userura ishaka ryo kugumana igihagararo runtu niteka. Uti naho twaguye, ubu dushaka kugira igihagararo runtu kibereye. Imana ibafashije nabagenzi, muzobishikako. Naho hariho ababavuga nabi, hariho nababakunda babasabira, babashigikira, bazi ububabare murimwo. Erega na jewe mwibanga njejwe ryubwungere hariho abamvuga nabi, ariko si ncika integeImana iri kumwe natwe naho twoba duciye mu mananiza yubuzima. Mbe Imana ko isoma mu mitima yacu, ubu jewe nisabiye ikigo-ngwe Imana ntaciye ku musaserdoti, nticofata? Ukubona nukugaya akabi wakoze, iyo nintambwe ya mbere. Kuberako igicumuro girtyoza iteka kikagira ingaruka kuri bose no ku bunywanyi bwo muri Ekleziya, ukuronka isakramentu ni ngombwa. Imana yashatse gucisha ikigongwe cayo mwisakramentu ryikigongwe, iciye ku musaserdoti. Ndubuisi Nwaihim nawe ati: Uheruka kugendera igihugu ca Benin kiri muri Afrika. Narabonyeyo abantu benshi bitangira abantu bimpahazwa, abashonje, abana bakandamizwa bagakoreshwa bakiri bato. Ayo mabi arabandanya, Imana nayo umenga ntiyumviriza abo baharanira iteka ryabandi. Mbega yumviriza abatunzi gusa? Inyishu: Izo ngorane wavuze zose ziriyo, ariko narabonyeyo abantu bazibamwo kandi bari nakanyamuneza. Ariko kandi narabonye ko mu bihugu bitunze, abantu bose batarangwa nakanyamuneza. Ico dukwiye gukora nugusenga kugira ngo iteka nubutungane bibe kuri bose.

Igisabisho uwupfunzwe yavuze inyuma yikiyago Papa yagiranye nabapfungiwe mwibohero ryi Rebbibia (i Roma mu butaliano).
Mana nzima, numpe umutima wo kwubahuka kukwita Imana. Urabona ko ata na rimwe ndashobora kuzirikana neza ibikwerekeye nkuko bibereye. Suko nakwibagiye, naho ndi kure yinyonga zawe. Ntunje kure Mukama, uko biri kwose, Nturabe akabi kanje, uko kari kwose, uko kiserura canke kihishije kwose. Ntabaza amahoro yumutima, amahoro ata wundi yoyatanga atari wewe. Numpe inkomezi zo kubaho mu kuri; Ntyorora, nkurako ivyugarije agatima mpanuro kanje; nunyumvishe ko kwitwa umwana wawe ari vyo vyonyene vyompa agaciro. Ngirira ikigongwe ku kabi kanje, unshoboze gukora ineza. Gabanya uburebure bwamajoro mara ntatoye agatiro, umpe inema yo guhinduka vyukuri. Ni wibuke Mukama abo bose tutari kumwe ngaha kandi bakinkunda, numpe kubabonamwo ububasha bwurukundo, ko ari rwo rutanga ubuzima, urwanko ninzigo navyo bigasambura imitima, imisi bikayihindura umuriro udahera. Nunyibuke Mana. Stefano Ibohero ryi Rebbibia ( Osservatore romano Kigarama 2011).

Dushemeze Imana ku munsi ku munsi 13


D
6 D de Pques B

Ibik. 10,2548 1 Yo. 4,7-10

Zab. 97,14 Yo.15, 9-17

B.M wi Fatima

14 15 16 17 18 19

Mathias,

Ibik. 1,15-17.20-26

Zab.112,1-8 Zab.137,1-8

M Denise M Honor J

Yo. 15,9-17 Ibik. 16,22-34 Yo. 16,5-11 Yo.16, 12-15

Ibik. 17,15.2218,1 Zab. 148,1-14

Ascension du Ibik.1,1-11 Seigneur-B Ep 1,17-23 Pascal Baylon

Zab.46,2-3,6-7,8-9 Mk. 16,15-20

Ni mwazigama amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje nkuko nanje nyene nazigamye amabwirizwa ya Data. Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe Muzoba abagenzi banje mukoze ico mbategetse Nababwiye ivyo kugira ngo akanyamuneza kanje kabe muri mwebwe bwite, maze akanyamueza kanyu kuzure Vyobabera vyo ngiye, ntagiye umutabazi azobaburanira ntiyoza iwanyu, mugabo ninagenda nzomubzrungikira Aho Mutima wukuri azozira, azobahishurira ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise Kwire isi yose, mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose. Uzokwemera akabatizwa azorokoka, utazokwemera azocibwa Muzorira mwongere mwiganyire, isi nayo yibereye mu kanyamuneza; muzoba mu maganya ariko aya maganya azohinduka agahimbare Ni musabe muzoronka, akanyamuneza kanyu rero kazoba kose Navuye mu nda ya Data kwisi; ubu ngira mve kwisi nsubire kwa Data

V S

Yohani Yves

Ibik. 18,9-18 Zab.46,2-3.4-5.6-7 Yo. 16,20-23a Ibik. 18,23-28 Zab. 46,2-3.8-9.10 Yo. 16,23b-28

Ku munsi wa kane Italiki 17/5/2012 ni munsi mukuru wa Asensiyo aho Yezu yurira mwijuru. Twaraganiriye numushingantahe Elias avuka muri Paruwase Muzinda muri Diyoseze ya Bubanza ndamubaza nti: Mbega iyo bavuze Asensiyo, wewe wumva iki? Nawe ati: Umunsi mukuru wiyurira mwijuru rya Yezu. None yagiye gukora iki? Nawe ati: Yagiye gutegurira ikibanza abamwemera. None bazojayo bose? Oya ntibazojayo bose kuko abacumuye batigaye, ntibazohegera na gatoyi. None ku bwawe ijuru riri he? Jewe nibaza ko ari ubwami bwImana, ubwo nabwo tubusanga ahantu hatagira igicumuro; iyo kiba ari ikibanza ubwo bwami burimwo, nta numwe atogenda kubwitorera. None vyogenda gute kugira ngo babutore neza? Kugira umuntu abutore, yokwumviriza ico Imana imubwira, akarangura namabwirizwa yayo, gurtyo akaba ariko aratsimbatara muri ubwo bwami bwayo. None wohanura iki abavuga ko ata juru ririho? Abavuga ko ata juru rihari, nobahanura ngo bagerageze gusoma Ijambo ryImana kuko ariho Imana yo nyene ivyivugira iciye ku Mwana wayo YezuKristu, gurtyo babone ko ijuru ribaho, hanyuma barondere kuzorijamwo nabo babane na Yezu yuriye mwijuru. Paskali yavukiye mu ntara ya Aragoni muri Hispaniya italiki 17/5/1540. Mu buto bwiwe, yari umwungere w'ibitungwa vy'iwabo. Ingeso yakuranye iseruka rwose yari urukundo. Amaze imyaka 24 yaripfuje kwinjira mu muryango wa BeneFransisko, ariko ntiyabishobora kuko ata mashule namba yari yaragiyemwo. Ariko Imana yaramwitoreye ukundi. Yahavuye aronka igikorwa hafi y'imisiyoni, bikamworohera kuja mu misa imisi yose. Abasaserdoti babonye umutima wugusenga afise n'ingeso nziza ziwe, baca baramurekura ngo yinjire mu muryango umwe w'abafrera. Yari umufrera w'imico myiza. Ivyo bamutegeka vyose yarabirangurana akamwemwe. Yarakuranya kurima, gukinjika, kwakira abashitsi, gusaba imfashanyo y'aboro mu gisagara. Imbere y'ivyo vyose, yitwararika gushimagiza Umukama mw'isakramentu ry'Ukaristiya. Yarisunga kandi Bikira Mariya, Umuvyeyi w'intungane, nawe akamwegereza Yezu. Yaragira ibitangaro vyinshi: gukiza abarwaye, kugarura ubuzima bw'uwuriko aracikana ngo abanze yirege imbere yo gupfa. Mu gihe kimwe harakenye imvura; Paskali arasaba Imana imvura, ica iracuncubukira ku mirima y'aboro, iy'abatunzi yaka n'uruzuba. Umusi umwe, abakuru biwe baramutumye mu Bufransa, ahurira n'abaprotestanti mu nzira baramukubita, gushika aho bamukomeretsa ku rutugu. Urwo ruguma rwaramubabaje ubuzima bwiwe bwose. Yabonye ko ari akaryo Imana imuhaye ko gusa na Yezu ababara mu nzira y'umusalaba. nta se afise kuko yasamwe ku bubasha bwa Mutima DUCISHEMWO DUTWENGE: Gaciyubwenge Mweranda. Umwigisha ati: ubikuye hehe? Nawe ati: numwana wimyaka icenda, yiga mu mwaka wa nabisomye mu Nkuru Nziza ya Luka. Umwigisha gatatu wamashure yintango; numwana akererbutse aratangara cane kubona atoye ikibazo yabacane mwishure. Umwigisha atanze ikibazo arajije. Gaciyubwenge ashitse muhira abwira se nyaruka kwishura ningoga ukamengo yari asaati: Papa, ndakubaze kandi unyishure; se ati: nzwe abizi. Umunsi umwe, haje umwigisha Vuga twumve! Gaciyubwenge abwira se ati: wIjambo ryImana atangura kubigisha ingene Se wa Yezu ninde? Se aratangara cane kubona bagira urumenyetso rwumusalaba, hanyuma abaza amubajije ico kibazo, hanyuma ati: Ngira ni Yozefu. ikibazo ati: Se wa Yezu ni nde? Abanyeshure bamwe Gaciyubwenge aratwenga agomba kuraba, aca bati: Ni Yozefu, abandi barabura ico bishura umwigiamubwira ati: Papa bwa bundi ntiwize ivyIjambo sha. Gaciyubwenge aca ashira urutoke hejuru, umwigiryImana nawe? sha nawe ati: ishura. Gaciyubwenge yishura ati: Yezu

Iyurira mwijuru rya Yezu Kristu.

Umweranda Paskali Baylon.

You might also like