Professional Documents
Culture Documents
mu muryango wabakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927 461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzima.es.tl
Igiciro:100fr
N 20/12
ariko nuko ariyo yadukunze, akarungika Umwana wayo kwisi kuba iciru cibicumuro vyacu. INKURU NZIZA: Yo.15, 9-17. Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe. Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe, ati: Uko Data yankunze, niko nanje nyene nabakunze; ni mugume mu rukundo rwanje. Ni mwazigama amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nkuko nanje nyene nazigamye amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe. Ndababwiye ivyo, kugira ngo akanyamuneza kanje kabe muri mwebwe bwite, maze akanyamuneza kanyu kuzure. Ngiri ibwirizwa ryanje: ni mukundane nkuko nabakunze. Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe. Muzoba abagenzi banje, mukoze ico mbategetse. Sinkibise abasuku, kuko umusuku atamenya ico shebuja akora; nabise abagenzi banje, kuko ivyo nabwiwe na Data vyose nabibamenyesheje. Simwe mwantoye, yamara nije nabatoye; nabashinze kugenda ngo mwame icamwa kandi icamwa gihoraho, kugira ngo Data abahe ico muzomusaba cose kwizina ryanje Ico mbategetse nuko mwokundana. kandi bwagakura. Umwe wese arashobora kuvuga atagukekereza ati: Imana yarankunze. Urwo rukundo Yezu yatweretse ndarugereranya nurukundo akanyoni kitwa pelikano gakunda utwana twako. Ako kanyoni niko kabonye uduswi twako turiko turayogora kubera inzara, gaca gasanza amababa kakinobagura mu gikiriza twa duswi tukanunuza uturaso twose gafise gushika gacikane. Ngako akarorero kurukundo Umukama yadukunze ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe. Bavukanyi, kubera ubugaba bwacu nukubura ukwemera twama twicwa ninzara, tukicwa numunanu, tukajuragirika tukibagira urwo rukundo Umukama yatweretse. Tumenye ko uwudakunda atazi Imana nkuko Yohani yabitubwiye. Natwe kenshi hagukundana turagenzanya, turondera kumarana no gutotezanya. Yezu atubwiye ati: Ico mbategetse nuko mwokundana. Ni itegeko aduhaye ntaduhendahenda, ninaryo ragi adusigaranye. None mugenzi, wewe ukiganzwa nurwanko, wewe ufitiye akajirya mwene wanyu, wewe wama urota gusambura urwawe, umenye ko uriko uricira urubanza, kukaba nkako iryo ragi ninaryo rizoba ishimikiro ryurubanza rwimperuka. Dutegerezwa kurandura mu mitima yacu ico cose kitubuza gukunda no gukundwa. Bavukanyi, turazi ko twama twirukana Yezu mukwanka bene wacu, tukama twirengagiza amabwirizwa yadusigara-
nye, twame tumenya ko ivyo vyose tugira bibabaza Yezu Kristu. Dusabe rero ngo twame turangura ico
Yezu Kristu adutegetse uno musi mu buzima bwacu bwa misi yose. Amen. A.Paul RUCUMUHIMBA
Igisabisho uwupfunzwe yavuze inyuma yikiyago Papa yagiranye nabapfungiwe mwibohero ryi Rebbibia (i Roma mu butaliano).
Mana nzima, numpe umutima wo kwubahuka kukwita Imana. Urabona ko ata na rimwe ndashobora kuzirikana neza ibikwerekeye nkuko bibereye. Suko nakwibagiye, naho ndi kure yinyonga zawe. Ntunje kure Mukama, uko biri kwose, Nturabe akabi kanje, uko kari kwose, uko kiserura canke kihishije kwose. Ntabaza amahoro yumutima, amahoro ata wundi yoyatanga atari wewe. Numpe inkomezi zo kubaho mu kuri; Ntyorora, nkurako ivyugarije agatima mpanuro kanje; nunyumvishe ko kwitwa umwana wawe ari vyo vyonyene vyompa agaciro. Ngirira ikigongwe ku kabi kanje, unshoboze gukora ineza. Gabanya uburebure bwamajoro mara ntatoye agatiro, umpe inema yo guhinduka vyukuri. Ni wibuke Mukama abo bose tutari kumwe ngaha kandi bakinkunda, numpe kubabonamwo ububasha bwurukundo, ko ari rwo rutanga ubuzima, urwanko ninzigo navyo bigasambura imitima, imisi bikayihindura umuriro udahera. Nunyibuke Mana. Stefano Ibohero ryi Rebbibia ( Osservatore romano Kigarama 2011).
B.M wi Fatima
14 15 16 17 18 19
Mathias,
Ibik. 1,15-17.20-26
Zab.112,1-8 Zab.137,1-8
M Denise M Honor J
Ni mwazigama amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje nkuko nanje nyene nazigamye amabwirizwa ya Data. Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe Muzoba abagenzi banje mukoze ico mbategetse Nababwiye ivyo kugira ngo akanyamuneza kanje kabe muri mwebwe bwite, maze akanyamueza kanyu kuzure Vyobabera vyo ngiye, ntagiye umutabazi azobaburanira ntiyoza iwanyu, mugabo ninagenda nzomubzrungikira Aho Mutima wukuri azozira, azobahishurira ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise Kwire isi yose, mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose. Uzokwemera akabatizwa azorokoka, utazokwemera azocibwa Muzorira mwongere mwiganyire, isi nayo yibereye mu kanyamuneza; muzoba mu maganya ariko aya maganya azohinduka agahimbare Ni musabe muzoronka, akanyamuneza kanyu rero kazoba kose Navuye mu nda ya Data kwisi; ubu ngira mve kwisi nsubire kwa Data
V S
Yohani Yves
Ibik. 18,9-18 Zab.46,2-3.4-5.6-7 Yo. 16,20-23a Ibik. 18,23-28 Zab. 46,2-3.8-9.10 Yo. 16,23b-28
Ku munsi wa kane Italiki 17/5/2012 ni munsi mukuru wa Asensiyo aho Yezu yurira mwijuru. Twaraganiriye numushingantahe Elias avuka muri Paruwase Muzinda muri Diyoseze ya Bubanza ndamubaza nti: Mbega iyo bavuze Asensiyo, wewe wumva iki? Nawe ati: Umunsi mukuru wiyurira mwijuru rya Yezu. None yagiye gukora iki? Nawe ati: Yagiye gutegurira ikibanza abamwemera. None bazojayo bose? Oya ntibazojayo bose kuko abacumuye batigaye, ntibazohegera na gatoyi. None ku bwawe ijuru riri he? Jewe nibaza ko ari ubwami bwImana, ubwo nabwo tubusanga ahantu hatagira igicumuro; iyo kiba ari ikibanza ubwo bwami burimwo, nta numwe atogenda kubwitorera. None vyogenda gute kugira ngo babutore neza? Kugira umuntu abutore, yokwumviriza ico Imana imubwira, akarangura namabwirizwa yayo, gurtyo akaba ariko aratsimbatara muri ubwo bwami bwayo. None wohanura iki abavuga ko ata juru ririho? Abavuga ko ata juru rihari, nobahanura ngo bagerageze gusoma Ijambo ryImana kuko ariho Imana yo nyene ivyivugira iciye ku Mwana wayo YezuKristu, gurtyo babone ko ijuru ribaho, hanyuma barondere kuzorijamwo nabo babane na Yezu yuriye mwijuru. Paskali yavukiye mu ntara ya Aragoni muri Hispaniya italiki 17/5/1540. Mu buto bwiwe, yari umwungere w'ibitungwa vy'iwabo. Ingeso yakuranye iseruka rwose yari urukundo. Amaze imyaka 24 yaripfuje kwinjira mu muryango wa BeneFransisko, ariko ntiyabishobora kuko ata mashule namba yari yaragiyemwo. Ariko Imana yaramwitoreye ukundi. Yahavuye aronka igikorwa hafi y'imisiyoni, bikamworohera kuja mu misa imisi yose. Abasaserdoti babonye umutima wugusenga afise n'ingeso nziza ziwe, baca baramurekura ngo yinjire mu muryango umwe w'abafrera. Yari umufrera w'imico myiza. Ivyo bamutegeka vyose yarabirangurana akamwemwe. Yarakuranya kurima, gukinjika, kwakira abashitsi, gusaba imfashanyo y'aboro mu gisagara. Imbere y'ivyo vyose, yitwararika gushimagiza Umukama mw'isakramentu ry'Ukaristiya. Yarisunga kandi Bikira Mariya, Umuvyeyi w'intungane, nawe akamwegereza Yezu. Yaragira ibitangaro vyinshi: gukiza abarwaye, kugarura ubuzima bw'uwuriko aracikana ngo abanze yirege imbere yo gupfa. Mu gihe kimwe harakenye imvura; Paskali arasaba Imana imvura, ica iracuncubukira ku mirima y'aboro, iy'abatunzi yaka n'uruzuba. Umusi umwe, abakuru biwe baramutumye mu Bufransa, ahurira n'abaprotestanti mu nzira baramukubita, gushika aho bamukomeretsa ku rutugu. Urwo ruguma rwaramubabaje ubuzima bwiwe bwose. Yabonye ko ari akaryo Imana imuhaye ko gusa na Yezu ababara mu nzira y'umusalaba. nta se afise kuko yasamwe ku bubasha bwa Mutima DUCISHEMWO DUTWENGE: Gaciyubwenge Mweranda. Umwigisha ati: ubikuye hehe? Nawe ati: numwana wimyaka icenda, yiga mu mwaka wa nabisomye mu Nkuru Nziza ya Luka. Umwigisha gatatu wamashure yintango; numwana akererbutse aratangara cane kubona atoye ikibazo yabacane mwishure. Umwigisha atanze ikibazo arajije. Gaciyubwenge ashitse muhira abwira se nyaruka kwishura ningoga ukamengo yari asaati: Papa, ndakubaze kandi unyishure; se ati: nzwe abizi. Umunsi umwe, haje umwigisha Vuga twumve! Gaciyubwenge abwira se ati: wIjambo ryImana atangura kubigisha ingene Se wa Yezu ninde? Se aratangara cane kubona bagira urumenyetso rwumusalaba, hanyuma abaza amubajije ico kibazo, hanyuma ati: Ngira ni Yozefu. ikibazo ati: Se wa Yezu ni nde? Abanyeshure bamwe Gaciyubwenge aratwenga agomba kuraba, aca bati: Ni Yozefu, abandi barabura ico bishura umwigiamubwira ati: Papa bwa bundi ntiwize ivyIjambo sha. Gaciyubwenge aca ashira urutoke hejuru, umwigiryImana nawe? sha nawe ati: ishura. Gaciyubwenge yishura ati: Yezu