You are on page 1of 4

KwIsoko

ryUbuzima

mu muryango wabakristu

Diyoseze kuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
"ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)

Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima
18/5/2014 IDOMIIKA YA GATAU YA PASIKA Umwaka A 20/14
go Yezu tuzomubonera mu Bugalile (Mt. 26,10).
Turacari mu minsi ya Pasika. Hari abantu bibaza ngo: None ko Yezu ya-
zutse twomubonera hehe? Abagore bari baje kuraba ikiziga ca Yezu mu
cobo, yarababonekeye ababwira ati: i muje kubwira benewacu, bagende
mu Bugalile, niho bazombonera. None umuntu agiye mu gihugu ca Yezu
agashika mu Bugalile yohamusanga? Birashoboka, ariko biva ku mutima
wiwe! Mugabo Ubugalile buri kwinshi. Ubugalile nijambo risigura aho
Yezu yatoye ngo aharangurire ubutumwa yahawe na Mana Data. Iryo
jambo Ubugalile ryanditswe incuro 57 mu Njili. Ngo Yezu yagiye mu
Bugalile, ngo Yezu yagarutse mu Bugalile, ngo Yezu yakoze ibitangaro
mu Bugalile... Emwe ivyo tubona Yezu yakoze mu Bugalile ni vyinshi.
Mbere numumalayika Gabriyeli yasanze Bikira Mariya i Nazareti mu
Bugalile. None Ubugalile bwari bumeze gute mu gihe ca Yezu? Yari
intara iri ku mupaka wigihugu. Nico gituma umuntu yahasanga nabavu-
ye mu bindi bihugu. Bamwe ntibabona neza abanyagalile, niko kuvuga
bati: Mbega nawe wakabaye uri umunyagalile? Itegereze ivyanditswe,
umenye ko ata muhanuzi ava mu Bugalile. (Yoh. 7,52). Mu Nkuru nziza
ya Matayo naho, dusanga aya majambo yumuhanuzi Izaya : Bugalile
bwintara: igihugu cari cicaye mu mwijima carabonye umuco mwinshi,
na nya muco waraboneshereje abari bicaye mu gihugu cumuzimagiza
nurupfu (Mt. 4,15-16). Mu Bugalile niho Yezu yatoreye abatumwa,
niho yigishirije abantu abamenyesha urukundo rwImana. Nahimi, Kana,
Kafaranahumi, Tiberiadi, nizindi ntara Yezu yagendeye, tuzisanga cane
cane Mu Bugalile. Nkuko Imana yashimye kuvukira i Betelehemu, niko
yashimye kurangurira ibanga ryiwe mu Bugalile. Ukurondera Yezu yazu-
tse mu Bugalile tumusanganira mu kigongwe yahora agirira abasinzika-
jwe nindwara, ubukene canke ibicumuro. Duhura na Yezu aho hose dusangira nawe ibikorwa yahora akora mu
Bugalile. Yezu yazutse ntiyahindutse, ni wa wundi yahora agendera abantu mu Bugalile abaremesha namajambo
yurukundo. Yezu yazutse aracari mu Bugalile, aracakora ivyo yahora akora ari mu Bugalile. Tuzukana nawe igihe
cose turangwa numutima wikigongwe yahora yakirana impumyi, ibimuga, ibipfamatwi, nabanyamibembe
Uwuronderera Yezu mu matungo menshi, ntazomutora. Uwumutora nuwukunda nka we. Papa Fransisiko yama
asemerera ngo: tuve aho turi, tugendere abantu tubasange aho hose bagorewe, aho basinzikarijwe nindwara, ubu-
kene, inzara, nakarenganyo kubwoko bwose. Dusanganize urukundo abo igicumuro cakumiriye, abo inzego
zagacinyizo zahotoye. Tugende mu Bugalile, dusanganire Yezu yazutse. Patiri Germain Arconada.
Mu Bugalile ni hehe? Papa Fransisiko yavuze ati: Ibatisimu itwinjiza mu bugalile
bwimitima yacu. Mwibatisimu, ndahura na Yezu; ampamagara mwizina ngo ndamukuriki-
re, ngo ngire uruhara mwirangurwa ryubutumwa bwiwe. Gusubira mu bugalile bisigura
kwamana ku muzirikanyi ingene Yezu yampamagaye, nkibuka aho twahuriye akandabisha
amaso yikigongwe, aho yanyihweza nanje nkamwihweza, aho yanyumvisha urukundo anku-
nda akansaba kumukurikira. Uyu musi, umwe wese ni yibaze: Ubugalile bwanje nubu-
he ? Ubugalile bwanje buri hehe? Ubugalile bwanje ndabwibuka canke narabwigagiye?
Nshobora kuba narahushije inzira yukuri, nkajana inzira inyibagiza ubugalile bwanje canke
ikanjana kure yabwo. Mukama, ndakwinginze: mbwira ubugalile bwanje, nyereka aho buri.
Ndipfuza ko twosubira guhurirayo ngo usubire ungumbire mu kigongwe cawe.
Igiciro:100Fr
TWUMVIRIZE IRYO IMAA ITUYAGIRA
IDOMIIKA YA GATAU YA PASIKA -A
IGISOMWA CA MBERE: Ibik. 6, 1-7. Baratoye
abandi indwi buzuye Mutima Mweranda
Ivyo dusoma mu gitabu cIbikorwa vyAbatumwa :
Muri irya minsi, abigishwa bariko baragwira, ha-
nyuma Abagreki bidodombera Abahebreyi, kuko
abapfakazi babo batagira ikibaraba. Bamwe Cumi
na babiri bakoranya abigishwa bose, bababwira ba-
ti: tibibereye yuko tureka kwigisha Ijambo ryI-
mana ngo turiko turategura ivyo ku meza. one
rero bagenzi, ni mwitorere muri mwebwe abantu
indwi bimigenzo myiza, buzuye Mutima Mwera-
nda nubwitonzi, tuzobagenere ico gikorwa. Twe-
bwe, tuzoguma dushishikara ivyugusenga nivyu-
kwigisha Ijambo ryImana. Iyo mpanuro ishika ku
nyota abari aho bose; baca batora Stefano, umuntu
yuzuye ukwemera na Mutima Mweranda, na Filipo,
Prokori, ikanori, Timoni, Parmenasi na ikola
umwigishwa mushasha wo mu gihugu ca Antiyoki-
ya; babashikiriza abatumwa, abatumwa na bo ba-
maze gusaba, babagaranzurirako ibiganza. Ijambo
ryImana rero rirasagamba, igitigiri cabigishwa
kirongerekana i Yeruzalemu, nabasaserdoti benshi
(bAbayahudi) barayobokera ukwemera.
IGISOMWA CA KABIRI: 1P. 2, 4-9.
Mweho mwari indanga zitorewe nImana, musangiye
ubusaserdoti na Kristu Umwami.
Ivyo dusoma mwibaruwa rya mbere ryUmutumwa
Petero:
cuti zanje: i mwiyegereze Umukama, We buye
rizima ryashibuwe nabantu, ariko rigashimwa
kandi rigatera igomwe Imana. amwe rero, ni
mumere nkamabuye mazima yo kwubaka ingoro
yumutima ngo mube ubusaserdoti bweranda mu
guhereza amashikanwa ashimisha Imana kubwa
Yezu Kristu. a none, Ibitabu Vyeranda bivuga
biti: zoshira muri Siyoni ibuye rigumya imfuru-
ka nitoreye kandi riteye igomwe, uwuzoryishimiki-
za ntazoteterwa. Mwebwe rero abemera, iryo teka
ni rwanyu; abanse kwemera, bo rya buye abubaka
bari bataye rikahava rikaba ishimikiro ryinzu, ni-
ryo ribabera igishitsi cukubatsitaza, igitandara
cukubatembagaza. Batsitara kuko banse kwemera
rya Jambo, na none ico nico bari bagenewe. Mweho
muri indanga zitorewe nImana, musangiye ubusa-
serdoti na Kristu Umwami, muri igihugu gihunzwe-
ko ubweranda, muri icibare Imana yiciriye ngo ce-
rekane ubukomezi bwUwabakuye mu mwijima
akabashira mu muco wakatabonetse.
INKURU NZIZA: Yo. 14, 1-12 . Jewe ndi Inzira,
Ukuri nUbuzima
Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani
Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa
Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: ti-
musimbwe numutima muremere Imana, munye-
mere nanje. Mu ngoro ya Data, hari ibibanza vyi-
nshi ahandiho nari kubibabwira, kuko ngiye kuba-
tegurira ikibanza, nzoheze ngaruke, mbajane hafi
yanje, kugira ngo aho ndi habe ariho muba namwe.
Kandi iyo ngira nje murazi inzira irorayo. Toma
amubwira ati: Mukama, ntituzi iyo uja, inzira iro-
rayo twoyimenya dute? Yezu aramwishura ati:
Jewe ndi Inzira, Ukuri nUbuzima; ntawuja kwa
Data atanciyeko. Ko mwamenye, muzomenya na
Data. Ubu bwa none, mura-
muzi kandi mwaramubonye.
Filipo amubwira ati: Muka-
ma, twereke Data, bizoba
bibaye! Yezu aramwishura
ati: Aho twabaniye, ubwo ga
Filipo nturamenya? Uwumbo-
nye aba abonye Data. Ushobo-
ra kuvuga ute, uti: Twereke
Data? Mbega, ntiwemera ko
ndi muri Data: na we Data akaba muri jewe?
Amajambo mbabwira sindayavuga ndayibwiye
Data aba muri jewe niwe yirangurira ibikorwa
vyiwe. ukuri nyemera Jewe ndi muri Data, na we
Data ari muri jewe; canke, ni mupfume muvyeme-
zwe nibi bikorwa nyene mubona. ukuri nukuri
ndabibabwiye uwunyemera azokora na we nyene
ibikorwa nkora; ndetse azokora nibiruta, kuko
ngiye kwa Data.

Bavukanyi, haciye imisi
itari mike duhimbaje na-
kanyamuneza izuka rya
Yezu, twarumvise muri iyi
misi intahe ivyabona vya-
mushingiye, vyose biratu-
nezereza kubera yuko
Yezu yazutse ari hagati ya-
cu. Ariko uyu musi, Yezu
yadushikirije amajambo ashobora kutubabaza, umengo
twosimbwa numutima kubera yo. Yezu ameze nku-
wusezera abiwe ngo yigire. Ariko Yezu uyu musi ya-
shatse kuduhishurira ibintu bimwe bihambaye rwose
mu kwemera kwacu. Ikintu cambere kandi kituremesha
tugisanga muri ayo majambo aho atubwira ati: Mu
ngoro ya Data, hari ibibanza vyinshi...ngiye kubategu-
rira ikibanza... kugira ngo aho ndi habe ari ho muba
namwe. Abakundana ntibashaka guhebana ahubwo
barondera kugumana umwanya wose. Yezu araduku-
nda nico gituma agiye kudutegurira ikibanza. Yezu
yazutse ashaka ko tujana aho we ari, aho azoba ari. Ka-
ndi ashaka kuduhishurira inzira kugira ngo tugumane.
Vyose bimenyesha urukundo adufitiye. Mu kuzirikana
iryo jambo, jewe nibajije ikibazo nti: None Rubeni, mu
vyukuri nawe ushaka kuba aho Yezu ari? aho Yezu ya-
zutse ari? Na we uramukunda gushika aho ufata inzira
ikujana aho Yezu ari? Na we uramukunda gushika aho
ugumana nawe umwanya wose? Akenshi tuvuga ko
dukunda Yezu, turamwumviriza turi mwisengero, tu-
vuyeyo tuca twifata ukundi, umengo turamusiga mwi-
sengero tukabandanya mu buzima bwa misi yose nka-
batabana, abatari hamwe. Yezu ashaka ko aho ari habe
ari ho natwe tuba. Kandi, kugira ngo bishoboke, aradu-
hishurira inzira: kuba muri Data wo mwijuru, gukora
vyose uri kumwe na Data. Yezu avumera ko ari we
inzira imwe rudende twocamwo ngo twegere Imana, ni
we Ukuri kwo nyene kwImana, umugambi wayo wuru-
kiza wahishuriwe abantu vyongeye warangutse. Ni we
kandi ubuzima ku bantu bose baza iwe kubwukweme-
ra. Muri ayo majambo Yezu ariserura nkumukandizi
ntangere wImana nabantu. Yezu niwe mukandizi
wImana Data, muri we turashobora gushika ku vyiza
vyImana biduha ubuzima. Yezu ni we Nzira itujana
kwa Data. Ntiturondere inzira yacu mu micamo iduhe-
nda yivyiyumviro vyintwaro bimara akanya; mu
mpera, ya ngereranyo irazimangana. Inzira Imana itu-
rangira ni umuntu muzima, umugenzi, umuvukanyi.
Ari harya, mu buzima bwa twebwe kugira ngo abazane
mu kanyamuneza. Bati: Umukama muri kumwe! Bavu-
kanyi, tuzirikane: inzira dukwirikira niyihe? Idushika-
na he? Ni we mu vyukuri inzira tugenderamwo? Aba-
tubona barashobora kuvuga ata gukeka ko Imana turi
kumwe? Ko ibikorwa vyacu bimenyesha ubwo bu-
mwe? Ego Kristu ni we nzira, dukeneye kumwegera,
kugumana nawe, gufatanya nawe, ico nico Petero
mweranda adusaba mu gisomwa ca kabiri, aho atubwi-
ra ati: Ni mwegere Yezu, we rya buye ryubuzima.
Ubuzima bwacu busigurwa nubwo bumwe dufitanira
na Yezu. Turi abana bImana muri Kristu, duhamagari-
we kwubaka ubwami bwayo kwisi kandi ivyo bizo-
shoboka ni twaba dufatanya na Yezu, ni twaba tugirira
Yezu inzira yacu, ukuri nubuzima vyacu. Petero mwe-
randa yongera atwibutsa iteka twahawe nibatisimu
yacu, ati: Ni mwubakwe namwe nkamabuye mazima
mugira inyubakwa yumutima, yubusaserdoti bwera-
nda, ngo muhereze amashikanwa yuzuye Mutima
kandi akwiye gushimwa nImana muri Yezu Kristu.
Bavukanyi, ico gihe cipasika kidufashe gukomeza
ukwemera muri Kristu, kidufashe kurangura ubutumwa
tujejwe kuko mweho muri umuryango Imana yitore-
ye, ubusaserdoti bwi bwami, igihugu ceranda, intara
Imana yigaruriye, kugira ngo muyagire isi ivyiza ya-
gize mu kubakura mu mwijima ikabahamagarira mu
muco wagatangaza. Patiri Rubeni.
Rozari niyagwe hose. Bavukanyi, tugire Kristu. Turangamire ijuru, twemere ukuri kwiwe duhanze ijuru
kugira ngo Mutima yatwemereye asange dusayangana. Tuvuge rozari muri uku kwezi kwa Bikira Mariya. Nashaka
kwunganira umwana wo muri paruwasi Kanyosha akunda kumenyesha Imana nuguhanura abazi-
miye aciye kuri radio mariya. Arasemerera gushika aho agushiramwo ikigumbagumba co gukunda
Yezu na Bikira Mariya. Uwo mwana ni yaba asoma ikinyamakuru kwisoko ryubuzima ndamura-
mukije kandi nanje andamukirize abamwibarutse, abamwigishije ijambo ryImana. Nawe muvuka-
nyi Izahaki wo muri paruwasi Nyangwa, ndagutahije kandi ndagukunda. Ukomere mu kuvuga isha-
pure! Ndashimiye Aline wo kwisoko ryubuzima, yadutumiriye gukundana nkuko Imana yaduku-
nze, yongera ati: twizigire Yezu wenyene, tumuvyagize nkumwami mu mishaha yacu; mu mahirwe
twemere ko ariwe yaduhaye, ntitwiyemere; mu magorwa nyene ntitwihebure ngo twirukane Yezu
mu mitima yacu. Iyo twirukanye Yezu haca hinjira abamalayika bumwijima; ivyicaro vyabo nimi-
tima yubwoba numwiheburo, ikinyoma nuguhindagurika. Aline rero yarahagemye, umuntu ntiyizerwa atari ku
bwa Yezu. Abantu turi ba mahindagu. Aline ati: umwizerwa akomeye ni Yezu; nuwo kwizerwa gushika no mu
gihe co gucikana. Ese Imana yodufasha ikaduha ikadukomereza ubwo butwari: Sanza amaboko dusayangane, dusa-
se indava dusomerako rozari, dusosereze agasosera uwasamwe ata gicumuro mu kwezi kwa Rusama, isi yose iziri-
kane inkuru nziza ya Yezu Kristu umukiza wisi biciye mu kuyizirikanira mwirozari ya Bikira Mariya nyina wa
Yezu. Irozari umusi izotubwira ko Yezu yasubiye mwijuru, izotwibutsa nukwifuza ivyiza vyijuru; ntituma twi-
hebura ngo ko Yezu yigiriye turahumiwe. Oya namba itubwira ko mutima mweranda aza ku batumwa. Iyo tume-
nyesha Imana mu bantu tuba tubaye abatumwa. Rozari nigisabisho kinezereza Imana, gifasha ngo twubahe Bikira
Mariya, Kristu nawe akadutera iteka riterwa uwamwubahiye umuvyeyi. Mu kirundi umuntu atisoneye bavuga ngo
ashira isoni nkuwuyaga nyina. Bavukanyi dusangiye ukwemera ko Ekleziya ari imwe rudende, katorika nyeranda
ishingiye ku batumwa, Petero yagiye arahindagura amazina, ubu yitwa Fransisko. Twitwararike ko imitima yacu
imera nkagasengero ngendanwa. Ndabaterereje agasabisho ngo nshobore gukunda abantu nkuko bikwiye, nanje
kandi bankundire. Nifurije abakristu bose ko atawosiba kuvuga ishapure mu kwezi kwa Rusama. Imana niduko-
mereze ukwemera, ukwizigira, ugusenga,n urukundo. Martino Biregeya , Paruwase Mwaro 79454553
Tuva he tukaja he? Umuntu yihweje ibintu nibindi, arashobora kwibaza ati: mbega tuva he tukaja he?
Haheze igihe kinini cane isi iri mu kaga, ingwano nakarenganyo vyabaye ndanse. Inyuma
yibinjana bibiri Kristu amenyekanye, umuvukano inkuru nziza wigisha uri hehe? Ikibazo
cukuri umwe wese yokwibaza niki: uruhara rwanje rwoba uruhe mu gikorwa co kwubaka
isi irangwemwo urukundo rwImana nabantu? Kwibaza ko hari ico twokora ngo isi ihindu-
ke hari abohava batubwira ko ari ugushikuza ariko Bikira Mariya igihe cose abonetse adusa-
ba kuba abatumwa burukundo kugira ngo tumubere abafasha bo gufasha abantu gukunda
Imana. Ntitwitinye rero. Turi kumwe na Bikira Mariya, turashobora guhindura isi. Papa
Fransisko atubwira ngo ni tugende dusange abantu aho bari, kandi dushireho inzego zidufasha gutunganiriza abantu
mu vyo bakeneye. Naho vyotugora, Bikira Mariya azoturemesha, adufashe gutunganya ibikorwa nkuko bibereye,
yongere adutsindire intambamyi. Turi kumwe nawe, tuje ku rugamba, dusenge kandi twisonzeshe kugira ngo turo-
nke inkomezi zikwiye zo guhinduka no gufasha abandi guhinduka. Umugambi wo guhinduka nkuko Bikira Mariya
atwosha urimwo ibi bikurikira: guhinduka twebwe nyene; gutangaza icese ukwemera kwacu, gushira amazinda;
gukomeza igisabisho mu ngo zacu; kuja mu migwi yo gusenga; gukora ubutumwa mu maparuwasi yacu, guhuru-
mbira igisabisho ngo kidushigikire mu rugamba rwuguhindura isi. ouvelles de Medjugorje n 51 p4.
DUSHEMEZE IMAA KU MUSI KU MUSI
18/5 D 5 PASIKA-A
Yohani, Eric
Ibik.6,1-7; Zab.32, 1---5.18-19
1P2, 4-9; Yo.14, 1-12
timusimbwe nUmutima! Muremera Imana, munyemere nanje.
Mu ngoro ya Data hari ibibanza vyinshi; ahandi ho nari kubibabwira
19/5 L Petero, Yves Ibik.14,5-18; Zab.113B, 2--4.15-16
Yo.14, 21-26
Uwakira amabwirizwa yanje akayazigama, niwe ankunda; nawe
unkunda azokundwa na Data, nanje nyene nzomukunda
20/5 M Bernardino Ibik.14, 19-28
Yo. 14, 27-31a
dabasigaranye amahoro, ndabahaye amahoro yanje; sindayabaha-
ye nkuko abisi bayatanga.
21/5 M Constantin Ibik.15,1-6; Zab.121,1---5
Yo. 15, 1-8
kuko ishami ritokwiyamisha ritagumye ku muzabibu, niko namwe
mutoshobora kwama mutagumye muri jewe
22/5 J Emile, Rita Ibik.15, 7-21; Zab.95,1-2b-3.10
Yo. 15, 9-11
i mwazigama amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje,
nkuko nanje nyene nazigamye amabwirizwa ya Data
23/5 V Didier Ibik.15,22-31; Zab.56, 8-9.10-12
Yo. 15, 12-17
i mukundane nkuko nabakunze. tawushobora kurusha
urukundo uwiguze abagenzi biwe
24/5 S Donatiano Ibik.16, 1-10; Zab.99, 2-3.5
Yo. 15, 18-21
i baba barampamye bazobahama na mwebwe; ni baba bazigamye
ijambo ryanje bazozigama niryanyu.
titukishimire ibintazi atari Imana gusa ishoboye vyose. Bavukanyi, ku musi wImana uheze narababwiye
intahe Patiri Biju yatubwiye igihe yariko arigisha i Gikungu. Yaratubwiye kandi ukuntu hari umupfumu yaba hafi
yiparuwase imwe yo muri Kenya. Hama abantu bari barahevye gusenga kubera uwo mupfumu.
Patiri mukuru wiyo paruwase arababazwa cane nukuntu iparuwase atwara ata mukristu numwe
akibona aza gusenga kubera batinya uwo mupfumu. Uwo mupatiri Biju ni umu Patiri wumuhindi
ariko akorera ubutumwa muri Kenya. Hanyuma Patiri aca aritora agenda kubwira wa mu pfumu ati:
Wa mupfumu we, jewe sinkironka umukristu numwe aza gusenga bose bahevye kubera wewe, ubu
rero nanje ndaje undoge hama mpfe! Uwo mu Patiri baca bumvikana nuwo mupfumu ko bazohura
ku munsi wImana imisa yo ku mutaga isohoye bagahurira imbere yisengero. Niho rero wa mupfu-
mu yaza azanye ihembe ryinka rinini azana numurizo winka namase yinka! Patiri nawe yari ya-
tumiye abandi ba patiri nabakristu benshi hari huzuye! Wa mupfumu aca aratangura kuroga Patiri akoresha ivyo
bintu vyiwe, agatera ugwamo avuga ati: huuuuuh huuuuh! Aho rero ngo yariko aratera ubwoba Patiri kugira ngo
agire ubwoba hama shetani imwinjiremo! Arahuha ivyo bintu nkiminuta15. Patiri nawe aguma ahagaze nkibuye.
Patiri arahava aramubwira ati: Ivyo bintu ugize uyu mwanya wose ataco ndaba vyakunaniye! Nya mupfumu nawe
ati: Mpa iyindi minota 15 mbaze ntororokanye nayandi mashetani yose! Patiri nawe ati: a nyina wazo ntuyisige
niziri muhira zose ntusige nimwe. Patiri aguma ahagaze nkigiti! Noneho wa mupfumu biramunanira. Patiri aca
aramubwira ati: Ko vyakunaniye reka jewe nkugirire agasabisho. Patiri yegera wa mufumu amukoza umusalaba mu
ruhanga aca agwa hasi ubwonyene, abakristu bamuha induru. Mu nyuma yaravyutse arataha, na Patiri arataha naba-
kristu nabo nyene bataha banezerewe. Kuva ubwo uwo mupfumu abanyagihugu ntibabaye bakimutinya ariko baca ba-
ramwomora kuri uwo musozi! Iyo sengero bari barahevye kuza gusengeramwo yarisigaye yuzura abantu mbere naba-
ndi bo kuyandi ma paruwase bakaza ari benshi. Uraba wumva birenge ni wewe ubarigwa! Wewe wiruka urondera
ibintazi ngo ugirire nabi abandi, barakubesha nta mahoro uzokwigera uronka. Bavukanyi beza bImana murarema mwi-
zere Imana yoyo isanzwe ibagwanirira ntimwihore. Turafise intambwe ya Yuda itugwanirira ariyo Yezu Kristu. Imana
ibahezagire kandi ndakengurukiye abanwanyi banyandikira mu minsi nzobaha inyishu yibibazo vyanyu. Aline Kamariza.
Mwiriwe Dawe Muvyeyi! Ngomba nisinzirire ataco ninona. Dawe, ndaguhaye urufunguruzo
rwinzu yanje. Ivyanje vyose, ubuzima, ubwenge, ndabigushikirije. Warampaye inema iheta zose:
nijuru nimirije kujamwo. Mwiriwe Dawe Muvyeyi wanje. Iminwe yanje, ndayishize mu minwe ya-
we. Itiro rigiye kwihariza rino joro. Rungika umwuka wawe ku ndoto zanje, kugira ngo ejo aho bu-
kera ubuzima bwanje buzobe bushuritse. Mwiriwe Dawe muvyeyi. Intoke zawe zirateranya amaso yanje
ngasinzira. Itiro ririko rirasoboka. Mu gicugu, ndindiriwe na vyinshi. Ariko ndyamye umutima utekanye, ndirimba no-
ngera nsenga. Kuko Dawe, ndazi ko uguma ku musego wanje. Ni hagira uwushaka kunkuramwo umutima, uramuhindu-
kiza nkuko umukenyezi ahindukiza umwana wiwe ariko ararota. Si ndi mweranda Mana yanje, si nkwiye kubumbatirwa
mu maboko yawe ngo unkize igikonyozi. Jewe ntaco ndi, ndumwana mutoya, nta kindi mfise atari indirimbo zanje. Nta
gaciro nsumvya inyoni ihagaze ku mashami. Kandi sinzi ico unkundira. Inzira zose zinshikana iwawe. Itiro ngiryo rira-
shitse mwijoro ritekanye.Mwiriwe Dawe, ni wakire umutima wanje, ndawushize mu minwe yawe. Marie ol
DUCISHEMWO DUTWEGE: Umusi umwe, umuke-
nyezi yari yikoreye imitemere, nayo yabogabogamwo
ivyo avuye gusoroma. Ashitse mu nzira yumva umuduga
uriko urahinda uturutse inyuma yiwe. Ugira umushi-
kire aca arawuhagarika kuko yabona usa nuwa patiri
mukuru wa paruwasi yabo. Nya mudereva aca araha-
garara aramubaza ico yipfuza. Uri uwundi ati:
abonye iki cuma ugenderamwo gisa nica patiri
mukuru nca ndaguhagarika kugira unyunguruze none
mbabarira nyakuvyara ugaheka, ndaguhagarikiye ubusa
nukuri! Wa mudereva ati: Urira ntaco ndakunguruze. Wa
mukamakare aca arayinanara yicara inyuma ahage-newe
gupakirwa ibintu. Wa mudereva akubitije akajisho inyuma
abona yicaye, mugabo yagumye yikoreye ya mitemere.
Niko kumubwira ati: Erega nyoku tura iyo
mitemere uyishire mu muduga. Uri uwu-ndi ati:
akubwiye ko iki cuma gisa nica patiri mukuru,
patiri nawe yunguruza abantu gusa, sindigera
mbona yunguruje imizigo ndakakwambura. one
nyakugira amahoro, oya nukuri ntiwogira kunyunguruza
nukunguruza iyi mitemre, nawenu iyi ndayitwaza sino-
kugora nkuremereza kabiri.

You might also like