You are on page 1of 4

Kw’Isoko

ry’Ubuzima
mu muryango w’abakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
Site: www.isokoryubuzima.es.tl
Igiciro 60 fr
" ’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima
12/12/2010 Idominika ya gatatu y’ubushikiro – Umwaka A - °50/2010
Imana irtyorore ibikorwa turimwo.
Egome ugukora turakora tukanaruha. Ariko mu gihe c’ubushikiro, ni twitegurire kwakira Yezu mu kwibaza tuti:
mbega Yezu yoshika, yodushimira ibikorwa dukora? Umuntu ahemba
uwamukoreye. Umuntu avuye kurima mw’itongo ryiwe ntawe aja gu-
saba impembo. Imana ihera abayikoreye. Mu gihe c’ubushikiro bama
batwigisha ingene Yezu azogaruka mu gihe tutazi; ngo abakoze ibi-
shimisha Imana bazoronka impera y’ijuru. Yezu akiri kw’isi yarako-
ra. Agitangura kwigisha, abantu bamubona nka „mweneYozefu“
umubaji. Umuntu yitegereje imigani Yezu yakoresha biraboneka ko
yari n’ubwira bw’ibikorwa. Yezu yari azi ubuhinga bwo kwubaka
amazu; yar’azi ko bayubakira ku rutare, yar’azi n’ingene abantu ba-
rima bagatera imbuto. Ivyo yakora vyose, yabikora ngo uko Mana
Data ashima, ati: jewe na Data turi kumwe. Yezu yifata nk’uwaru-
ngitswe n’Imana Data. Kubera ivyo ntitwotangazwa n’ukubona
ingene Yezu yitwararika gusenga ngo ubumwe bwa Mana Data na
Yezu busayangane, butamanzurire no muri Ekleziya yiwe. Mur’ibi biganiro bihuza Yezu na Mana-Data havamwo
ubutumwa bwa Yezu bw’ugukiza abantu. Twebwe tuvuga ko ata wukorera ubusa canke ngo umukozi aberwa
n’impembo. Impembo ya Yezu, n’uko abantu boronka ubuhirwe bwuzuye, bw’imyaka yose. Birakwiye ko natwe
ibikorwa vyacu twobiha intumbero atari iy’ugushikira amafranga gusa; twokwitwararika kubirangura tugamburu-
kira Imana ngo ininahazwe. Ishaka ry’Imana ntirizirana n’ubuhirwe bw’abantu. Imana ni yo nyen’ubuhirwe nya-
bwo. Ireneo Mweranda yavuze ati: iteka ry’Imana n’uko abantu bagira ubuzima bwuzuye. Uwaturemye ntashobora
kutwipfuriza amagorwa. Uwukora ibikorwa nk’ubutumwa yokwigana Yezu mu kurondera ineza y’abantu bose. Mu
bushikiro twama twibuka harya Bikira Mariya yemeye ubutumwa bw’umumalayika Gabrieli ati: ni bibe nkuko
ubivuze. Bikira Mariya mu kuvyemera yarategereye ko yinjijwe mu mugambi w’ugukiza abantu ari kumwe n’uwo
azovyara. Mu bushi-kiro, muze dutyorore ibikorwa vyacu n’uburyo tubikora, tubikore ku neza ya bose ngo Imana
ininahazwe. Ibiko-rwa rero imbere ya vyose tubifate nk’ubutumwa. Igisabisho ni kidukomeze mu butumwa turi
kumwe n’Ekleziya ari yo muryango wacu. Basomyi namwe banywanyi bacu, Imana n’idufashe gukora neza kuruta
twigana Bikira Mariya.
i mungirire ikigongwe. Ntabara mundasaneko. Ndaremvye, ndasinzikaye, naratakaje isura, nacitse intabwa.
Ntawukimbabaye, ngeze ahatemba. Murahaga ntacoyimena nanje nshonje ntacoyivuna. Agatu-
guta kabaca irya n’ino nanje igikonyozi kiriko kiranyinjira mu magufa, nabuze ico nambara.
Amajambo ya-nyu, akarimi kanyu, nabihaze. Iyo mumbonye mwikomesha induru! Canke muki-
vugisha ibisabisho. Ivyo vyose ntaco bíriko biramfasha..Hari igihe ngira intambara mu mutima,
nanka kwiya-kira uko ndi, nkibaza nti : “ubwo ivyo ni jewe bishikiye”? Ubutindi n’urupfu tura-
reha. Aho ndi ku musego ndembejwe n’ububabare, abitwa abagenzi barabira kure, bakambarira
ngo “tuzogaruka kukuraba”. Ariko ndazi ko baba bariko baranyikura, bagaca bampenda. N’aba-
banyi barampevye, n’incuti zose zarampevye. Mukama, Yezu, turaguhereje abo bose basinzika-
jwe n’ububabare mu buryo butandukanye, abarembejwe n’ingwara yo ku mubiri canke yo ku
muti-ma, abarwariye mu miryango canke mu biralo. Yezu, Warababambiwe, urasesa amaraso kubwabo, urabaro-
nkera intsinzi mw’izuka ryawe. N’ubabe hafi, ubiyereke, ubamenyeshe ko ubakunda, ko uri kumwe nabo. Babone
ko uko wari uri kera ariko uri n’ubu. N’utekanye imitima yabo, utekanye imitima y’ababavura n’ababarwaje. Eka
twese n’utwuzuzemwo umutima w’urukundo ngo tube hafi y’uwo wese abikeneye, kugirango turi kumwe nawe,
Twumvirize iryo Imana ituyagira kw'izina ry'Umukama ni bababere akarorero, babi-
IDOMINIKA YA GATATU Y'UBUSHIKIRO - A gishe kurinda no kwiyumanganya.
IGISOMWA CA MBERE : Iz. 35, 1-6a. 10 INKURU NZIZA: Mt. 11, 2 - 11. Uri umwe yimirije
Imana niyo ije kubakiza. kuza, canke turorere uwundi ?
Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Izaya: Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Matayo:
Intara yagadutse n'inezerwe! Ibisaka ni bihimba- Muri irya minsi, aho Yohani Batista yari mu mvuto,
rwe, bitotahare, bishurike nk'amashurwe, ni bita- amaze kwumva ibikorwa vya Kristu, yamutumyeko
mbe, bitarike! Yagabanye ubuninahazwa bwa Liba- abigishwa biwe ngo bamubaze bati: « Uri umwe yi-
ni n'ubutore bwa Karmeli na Sharoni. Bazobona mirije kuza, canke turorere uwundi?» Yezu na we
ubuninahazwa bw'Umukama, n'ubutore bw'Imana arabishura ati: «Genda
yacu. Komeza amaboko yarushe, mugorore intege mubwire Yohani ivyo
zacitse, humuriza ab'imitima yatuntuye muti: « Rya mwumvise n'ivyo mwa-
umutima amenyo, mureke kugira ubwoba. g'uyo bonye impumyi zirabona,
Umukama Imana yanyu: igihe co guhorwa kirashi- abacumbagira barata-
tse, Imana yabibutse, niyo ije kubakiza.» Amaso mbuka, abanyamibembe
y'impumyi azoca akanura, amatwi y'intumva azi- barakizwa, ibipfamatwi
buke. Ibimuga bizosimba bugeregere, ururimi rw’i- birumva, abapfuye bara-
biragi rutere imvyino z'agahimbare. Abo Umukama zuka, aboro barigishwa
yarokoye bazogaruka, bazoshika i Siyoni bivuga Inkuru nziza. Bisubiye,
amazina, uruhanga rwabo rusayangane akanyamu- arahiriwe umuntu ata-
neza imyaka yose; bamane urweze n'agahimbare, zotsitara kubera jewe! »
amaganya n'amarushwa babaze. Mu gihe ba bigishwa bariko barataha, Yezu yaciye
IGISOMWA CA KABIRI : Yak. 5, 7-10 i mukomeze yiganira ishengero ibirora kuri Yohani, ati: «Mbega
imishaha yanyu, kuko amâza y'Umukama ari hafi. mwagiye kuraba iki mu gahinga? Ikibingobingo
kizungagizwa n'umuyaga? one se mwagiye kura-
Ivyo dusoma mw'ibaruwa ry'Umutumwa Yakobo:
ba iki? Umuntu yambaye iziremvye?» Ariko aba-
cuti zanje: i mugumye umutima, gushika aho
mbaye iziremvye babarizwa mu ngoro z'abami.
Umukama azozira. i murabire ku murimyi araro-
one mwagiye kuraba iki? Umuhanuzi? Ego cane,
rera ivyiza azokwimbura mu murima wiwe, akiyu-
je ndabibabwiye, ndetse aruta umuhanuzi. iwe iyi
manganya gushika aronke imvura y'agatasi n'iy'u-
nyandiko iroreshwako ngo g'iyi intumwa yanje
rushana. amwe, ni mwiyumanganye, mukomeze
nitangije imbere yawe ngo igutegurire inzira. 'u-
imishaha yanyu, kuko amaza y'Umukama ari hafi.
kuri ndababariye: mu bana b'abantu, nta n'umwe
Benewacu, ni mureke kwidodomberanira, mwoye
asumba Yohani Batista; ariko mu bari mu Bwami
gutsindwa mu rubanza. Itegereze, umucamanza aba
bw'Ijuru, umuto muri bo aramuruta.
ahagaze ku rugi! Benewacu, abahanuzi bavuze

“Imana yabibutse, niyo ije kubakiza”. “Amaso y’impumyi azoca akanura, amatwi
y’abatumva azibuke. Ibimuga bizosimba bugeregere, ururimi rw’abaragi rutere
imvyino z’agahimbare”
Bavukanyi, aya ni amajambo yuzuza meza amaboko yarushe, mugororore intege zacitse,
umwizero abantu. Yavuzwe kera humuriza ab’imitima yatuntuye muti: “Rye umutima
n’Umuhanuzi Izaya. None muri iki amenyo, mureke kugira ubwoba. guwo Umukama
gihe c’Ubushikiro, igihe c’umwite- Imana yanyu; Imana yabibutse. iyo ije kubakiza.
guro w’ukwakira Umukiza agiye ku-za, ivyabuwe Amaso y’impumyi azoca akanura, amatwi
n’Umuhanuzi nivyo abwiye intumwa za Yohani, ko y’abatumva azoca azibuka; ururimi rw’abaragi
biriko birarangurwa na we, kandi bikaba ari vyo ruzotera imvyino z’agahimbare”. Iryo jambo
biranga Umukiza. Iri jambo ry’Umuhanuzi Izaya rimenyesha yuko abangarijwe mu mahanga bazosubira
ritubwira ko abantu barishikirijwe bari abantu banga- mu gihugu cabo bagasubira gusenga Imana yabo mu
jwe, bamwe mu zabo, bamaze igihe kirekire iyo bagi- ndirimbo no mu mvyino z’agahimbare; yuko
zwe imbohe, iyo babereye abaja. Aho hantu bajanywe bazokwongera gusomerwa Ijambo ry’Imana, ko
bakagirwa imbohe hari kure y’igihugu cabo, nta ma- bazosubira guhereza amashikanwa Imana. Iri jambo
sengero bafise, nta ruhimbi bafise, nta mazaburi bariri- ryuzuza abantu umwizero w’uko naho igicumuro
mba. Bameze nk’abagovye ururimi, bameze nk’abatu- n’ubugaba vyangaza umuntu kure y’Imana, Imana
mva kuko atawubasomera ivyanditswe vyeranda. Iri itamuheba. Na kera turibuka ko aho abavyeyi ba mbere
jambo ry’Umuhanuzi Izaya, ni ijambo ribuzuza agahi- bagambarariye Imana, bagaca baja kwinyegeza,
mbare bo bari barihebuye. Baruhijwe n’ibikorwa vy’u- bakangara, Imana yabarondeye ikababwira ijambo rye-
muruho; iri jambo ribuzuza umwizero w’uko Imana rekeye uwuzobasubiza umu bunywanyi bw’Imana:
itabahevye ngo ibahebereko. Imana yatumye umuha- “ zokwankanisha n’umugore; uruvyaro rwiwe n’u-
nuzi Izaya kubabwira iryo jambo ry’ihumure ngo “ Ko- ruvyaro rwawe nti bizocana uwaka; uwuzovuka kuri
uwo mugore azoguhonyora umutwe” . Ni ryo jambo hanuzi. Ni we mukiza yaje kudukura ico gicumuro ca-
tubwiwe uyu musi, muri iki gihe c’Ubushikiro. Igicu- twangarije kure y’Imana; ni We aduha kwumva ijambo
muro cangaje, kandi cangaza abantu, bagacika nk’isi ry’Imana ubugaba bw’umutima bwabuza abantu kwu-
yagadutse, bagacika nk’igisaka, kizotsindwa. Igicu- mva. None hari uwobura kwumva ko umwizero wiwe
muro gituma umuntu ataba acama ivyamwa vy’ubu- wongerekanye yumvise iryo jambo? Uwimirije kuza ni
tungane, vy’ukugororokera Imana, vy’ubweranda. we w’uwo. Umukiza azohumurira abantu amaso ngo
Ivyabuwe na Izaya tubona birangukira muri Kristu. Mu bihweze ubwiza bw’Imana. Azobagoborera ururimi
guha inyishu intumwa za Yohani, Yezu nti yagize ngo ngo bahaye Imana, bayisenge bayininahaze, bayishi-
“gende mumubwire ko ari jewe”. Yezu yabatumye kuja kanire. Yezu niwe mukiza, ni we azura abapfuye, ni
gushikiriza Yohani ivyo babonye kandi biyumviye kuri We atyorora abanyamibembe. Ko twagizwe bazima na
Yezu Kristu; ngo : impumyi zirabona, abacumbagira Kristu umukiza, ni dukomeze ukwo kwizigira, tuge-
baratambu-kam abanyamibembe barakiram abo ama- ndere urukundo twoye kwidomberanira. Natwe duku-
twi apfuye barumva, abapfuye barazuka, aboro bari- nde tubere Kristu, Umukiza, abo acako ngo dusubize
gisha inkuru nziza. Ivyo navyo ni ibikorwa biranga umwizero abatakiwufise, dutezurire abaruhijwe n’ama-
umukiza. Yezu lero ni we arangura ivyavuzwe n’aba- rushwa, ubukene n’inzara, ubumuga n’umwiheburo.
Amasakramentu
Amasakramentu aradusubiza mu bunywanyi hamwe na Kristu
Imana ni munyakigongwe; yaradukunze iherezako kugira ngo ntihagire n’umwe atakara.
Itako mbere irungika Umwana wayo w’ikinege Yezu Kristu, ngo atubere incungu y’ibicu-
muro vyacu. Ni nawe nkomoko y’Amasakramentu ariyo twita ibimenyetso vyeranda.
Ubuzima bw’Imana niho tuburonkera. Kugira dutegere neza ubwo buzima bwihishije mu
masakramentu, tworabira akarorero kuri wa mushingantahe mu bafarizayo yitwa Nikode-
mu, yagendeye Yezu mw’ijoro araheza amubwira ati: ” Rabbi, turazi ko wewe uri Umwi-
gisha yatumwe n’Imana kuko na none atawoshobora kugira ibimenyetso ukora atari ku-
mwe n’Imana.” Yezu aramwishura ati: “ Ni ukuri ni ukuri ndabikubwiye: Uwudasubiriye
kuvuka ntiyoshobora kubona Ubwami bw’Imana.” Nikodemu yibaza ko ari gusubira mu
nda ya nyina ngo yongere kuvuka. Yezu aramukurira inkoni ku gishitsi ati: “ Ni ukuri ni ukuri ndabikubwiye,
uwudasubiye kuvuka ku bw’amazi (y’Ibatisimu) na Mutima Mweranda (gukomezwa), ntashobora kwinjira mu
bwami bw’Imana.(Yoh 3,1-8).“ Imana yaraduhaye amabwirizwa ngo tuyagenderemwo, adushikane mu buzima bu-
dahera. Ariko ni kenshi tuyarenga. Kristu araha ubuzima abamwakira mu masakramentu. “ di umuzabibu na-
mwe muri amashami. Uwugumye muri jewe nanje nkamugumamwo ni we yama vyinshi, kuko tutarikumwe
ataco mwokwishoboza.”(Yoh 15,5-8) Umuryango uragaburira abawo. Kristu nawe mu muryango w’Ekleziya aba
imfungurwa y’ubuzima bwamaho mu bamwemera bose. Umuryango urarwaza abawo. Kristu na we mu muryango
w’Ekleziya arakiza abiwe igicumuro ari co nkomoko y’akabi kose. Umuryango uratira abashingantahe b’ingingo.
Yezu Kristu na we mu muryango aritorera abazomushingira intahe bafashijwe na Mutima Mweranda. Umuryango
uraremesha uwusinzikajwe n’indwara. Kristu na we mu muryango w’Ekleziya araremesha uwurwaye, akamukiza
canke akamubera impamba y’ukumushikana kwa Data n’iragi ry’ukuzukira ubuzima budahera. Ubwa mbere na
mbere ubuzima bwose bwari muri Jambo w’Imana… Jambo yigize umuntu aza kw’isi ngo abantu baronke ubuzima
burangutse. Ubwo buzima bw’Imana Kristu yatuzaniye, yabushikirije umuryango w’agatangaza ariwo Ekleziya.
Mukristu wese aho uri hose, wewe waronse ibatisimu ukongera ugakomezwa muri Mutima Mweranda, uratumiri-
we kumenyesha hose urukiza rw’Imana mu bantu bayo ariyo Nkuru Nziza y’Urukiza. Manirakiza Francois.

Ingo Mukama Yezu, turakunyotewe!


Turamaze imisi itari mike muri ca gihe gihambaye c’Ubushikiro. Turiko turegereza wa musi turindiranye igishika,
aho duhimbaza Yezu Umukiza wacu yigize umuntu mu kubanza kuba umwana, akabana natwe. . None rero harage-
ze ko twisuzuma, tukaraba aho tugejeje kumwitegurira. Ugusanganira Umukiza bisaba kwitegura mu buryo butari
buke. Abantu batari bake barashira umwitwarariko mwinshi ku kwitegurira ivy’umubiri gusumba gutegura
imitima. Igihambaye gusumba ibindi s’impuzu zisayangana tuzokwambara, s’ivyokurya biryoshe tuzoteka, s’ama-
tara yaka tuzocana mu nzu...Igihambaye, n’intambwe tugezeko tera imbere mu bweranda, mu kwisuzuma no
gukosora amanegugwa yacu, kugirango hazoshike imitima yacu izoba iberewe no kwakira umucunguzi. Bavuka-
nyi, Mur’iki gihe c’ubushikiro, twijukire amasakramentu kuruta uko twahora: twakire ikigongwe c’Imana kandi
duhurumbire imfungurwa y’ubuzima Yezu yadusigiye, kugira ngo tubashe kwitegurira neza umuzo wiwe. Twiteho
abavukanyi bacu bari mu bukene, bugarijwe n’amaganya mu buryo butandukanye. Tubagendere, tubaremeshe;
tumenye abarwaye bacu, tubasuhuze; nti twibagire no kwikora ku butunzi bwacu (canke ku bworo bwacu), ngo
dusabikanye n’abugarijwe n’ubukene. Yezu ari mur’abo bose twirengagiza kandi bakeneye ko tubitaho.
Ter’impundu twigine, izigire, urukiza ruri hafi
1.Umukama ari mu kuza, aje azanye amahoro y’Imana
2.Umkama ari mu kuza ng’adukize ubuja bws shetani
3.Umukama ari ari mu kuza ngo aze kuba kw’isi hamwe n’abiwe
Usabire bagenzawe bitiranwa n’abo beranda
Umusi Aberanda dusaba Injili y’uno musi
Kuw’Imana,12/12 Yohana Fransiska Mt. 11, 2-11 Uri umwe yimirije kuza canke turorere uwundi ?
wa Chantal
Ku wa 1, 13/12 Lusiya Mt 21, 23-27 Ubwami bwose budashira hamwe buzohona
Ku wa 2, 14/12 Yohani w’umusalaba Mt 21, 28-32 i mwemere inganji yanje, mukunde ivyo nigisha
Ku wa 3, 15/12 Valeriyano Luka 7,18-23 Impumyi zirabona, abacumbagira baratambuka…
Ku wa 4, 16/12 Adelayida Luka 3, 4-6 Ijwi riterera akamo mu gahinga riti: Tegura inzira y’Umukama
Ku wa 5, 17/12 Modesto Mt 1, 1-17 Yezu Kristu yamuka kuri Ibrahimu no kuri Dawudi
Ku wa 6, 18/12 Zozimo, Rufus Mt 1, 18-24 Umwigeme azosama inda ayivyaremwo umuhungu “Emmanueli”
PARUWASI MUREMERA : UMURYAGO W’ABAKRISTU URABUGABUGA ABASASERDOTI .
Muri paruwase Muvyeyi w'Ikigongwe yo ku Muremera muri Diyoseze Ruyigi, amezi
ya Myandagaro na Nyakanga twashimye ko yoba ayo gusabira no kwitwararika gutu-
nga abasaserdoti bacu kurusha uko twahora. Hambavu y'igisabisho, aya mezi ara-
ngwa no kugemurira abasaserdoti ibizobatunga mu mwaka wose. Imibano yiba-
nda cane cane ku ndya zibikika. Paruwase yose igizwe n'ibisata icumi. Igisata cose
cararonse umunsi w'Imana waco wo gushikanira Imana ibizotunga Abasaserdoti ya-
duhaye, ibicagutse navyo bikazokwunganira mu bikorwa vy'ugutez’imbere Paruwa-
si yacu mu mpande zose z'ubuzima. Eka n'abana bacu bari mw'Iseminari yo mu
Dutwe ntitubibagira. Abakozi ba Leta hamwe n'abadandaza ntibasigaye inyuma!
Isango yabo igeze, abashingantahe n'abapfasoni baratondesheje amashikanwa imbere
y'Altari, ntimwari kuraba umutima w'ukwicisha bugufi bari bafise ! Ejo bundi hoho
hari abakristu babiri bagiheza Kaminuza, bararavye hasi hejuru ubukene bwa paruwase mu bijanye n'amasabama-
na; mu mafaranga bahembwe ubwa mbere, baciye bakuramwo ayashika 300 000, basimbira i Bujumbura nk'akara-
vyo baza baduganye icuma kigezweho co gusamiriza amajwi. Baciye bagishikiriza Patiri Mukuru wacu Aloys CA-
MBARA, nawe aca agishikiriza abakristu bose. Abakristu baranezerewe cane ! Imibano ntitangwa
no kudodora kw’irembo ry’abasaserdoti, ije kubaramutsa. N'abaserukizi nyene 76 bo mu gisata
ca Muremera, baragendeye umubano w'Abasaserdoti. Abakristu 83 baje baserukira igisata Ryaruyigi
barongowe baraye bahavuye! Bose nyene nti-baza umutwe musa ! Mu majambo bagiye barashi-
kiriza, bagira bati : mwama mwatugendeye mu bisata no mu mibano mutugemuriye
ivyiza vy'Imana, tweho ni kuki tutobagendera ? Ngo ni akarorero keza bahaye igihugu
c'Imana bajejwe. Barashimishwa ka-ndi no kubona ko kuri Paruwase yacu dufise abasaserdoti
batatu. Ivyo abakristu bagiye barabi-garukako babishimira Imana n'Umwungere wa Diyoseze
yacu, kuko ntibikunda kuboneka. Emwe baratwengeje abaraho! Babwiye abasaserdoti bati : « a
mwebwe turazi ko munyoterwa nico gituma twabazaniye n'utwo gutembutsa akajumbu ! » ... Ukwo kuramukanya
kwugururwa igihe cose n' Inkuka ya Misa : Baza gusangira amasaka babanje gusangira amasakaramentu ! Uvyihweje
ntaco wosubira kuvuga. “Abari basangiye ukwemera bari basangiye n'itunga” (Ibik4, 32)! Mutima Mweranda
ari ku kivi muri Paruwase yacu ya Muremera pe ! Stanislas NDAKAZI – Muremera
Bavukanyi bo muri Paruwasi Muremera, turabakeje kur’uwo mutima wo kwitwararika ikibeshaho abungere banyu. Bira-
boneka ko mukunda Ekleziya nk’umuryango wanyu koko. Ese akarorero kanyu natwe koduha intege, tukagirira igishika
Ekleziya yacu n’abungere bayo, tukarazwa ishinga n’ukuba ivyabona vya Yezu Kristu. Ese Yezu twiteze kwakira kuri No-
heli yodukomereza urukundo rwa Ekleziya, maze tukarazwa ishinga n’icokoyikomeza, igashinga imizi, ubwami bw’Ima-
na bugakwira hose; kukaba nkako, birabereye ko abungere bacu baroranirwa mw’ibanga ryabo, bakaronka uburyo bu-
kwiye bwo gukiza imitima, Birabereye kandi ko tworangwa n’umutima w’urukundo mu mibano yacu, tukatababarana,
tukaremeshanya, tukitwararikana. Mukama Yezu, ingo, utunywanishe mu rukundo rwawe, tunywanire muri Ekleziya;
DUCISHEMWO DUTWEGE. go harabaye umuntu yagiye mu gihugu ca kure cane.
Umunsi umwe yagiye gutembera mw’itongo ry’a-bapfuye. Yarihweje ivyanditse ku
misalaba yo ku nta-temwa, akaza arasoma amazina y’abapfuye n’imyaka bapfuye bafise.
Hari abari bafise imyaka ibiri n’amezi atanu, imisi umunani n’iminota 4, imyaka itatu
n’amezi 5, isaha imwe n’iminota mirongo ibiri n’itandatu. Yasanze uwaramvye cane yari
afise imyaka itandatu n’amezi indwi n’amasaha 4 n’iminota icenda. Yaciye yibaza ati: Mbe abantu b’aha ko batara-
mba ni kuber’iki? Ima-na yoba ibahana gurtyo kuber’i-ki? go abone umuntu aciye hafi y’itongo ry’abapfuye aca
amubaza n’umubabaro mwinshi ati: ko abantu bo mur’iki gihugu bapfa ningoga ni kubera iki? Uri uwundi ati: mu
gihugu cacu ntiduharura imyaka nk’abandi bantu. Umuntu wese yama afise ikaye
yandikamwo imisi, amasaha n’iminota amara ari mu kanyamuneza kuzuye. Iyo apfuye,
mu guharura imyaka amaze twebwe tuharu-ra iminsi yose yabayeho ari mu
kanyamuneza kuzuye. Tumaze guteranya amasaha n’iminota, nivyo duca twan-dika ku
musalaba wo ku ntatemwa yiwe. Muvukanyi, musomyi w’ikinyamakuru cacu, nawe
uharuye neza ibihe vyose wabaye uhiriwe, ubona ufise imyaka ingahe?
SOKO RY’UBUZIMA... komera! Ewe kinyamakuru cacu ubu usa neza. Impapuro ni
nziza n’indome zirasomeka neza... Komera kw’ibanga utuyagire ya Mana idukunda

You might also like