You are on page 1of 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr 52/12

6/1/2013

Umunsi mukuru wUkumenyekana wa YezuUMWAKA-C

ako iyo Kristu amenyekana.


Ico nicivugo Umwepiskopi Mikaheli NTUYAHAGA yatoye ngo kigaragaze icipfuzo ciwe igihe yatorwa ngo abe umwepiskopi wa mbere wi Bujumbura. Yezu yari kutumarira iki tutamuzi ngo tumutabaze tumwizigiye? Turi mu mwaka wukwemera. Ntidushobora kwemera uwo tutazi. Paulo Mweranda yanditse ati: one, bokwambaza bate uwo bataremera? Bokwemera bate uwo batarumva? Bokwumva bate ata numwe yabigishije? (Ro. 10, 14). Kugira ngo ukwemera gutere imbere mu Burundi, nuko abakristu boshingira intahe ukwemera kwabo. Ukwemera nako ntiguhagaze gusa ku kuvuga amajambo ku munwa ngo emera Imana imwe rudende... Ivyo vyonyene si vyo vyotuma Uburundi burangwa nurukundo rwa Yezu. Ugushingira intahe Yezu, nukumenyesha abandi ivyo natwe twamenye; ariko, igihambaye nukumushingira intahe mu gushira mu ngiro ivyo twemera nivyo twigisha, tukigana Yezu, ubuzima bwacu bukamushingira intahe. Uyu Munsi dushemeza ya nyenyeri yeretse abami aho Umukiza ari. Mu Burundi dukeneye abantu benshi bameze nkiyo nyenyeri, bereka abantu aho bosanga Imana, aho boronderera urukiza. Abantu kenshi usanga tuyaga ivya politike, ingene ubuzima buzimvye, amakuru yinkino zumupira, nibindi vyinshi. Turakwiye no kuyagira abandi ivyiza Imana yatugiriye bigatuma dukunda kuyisenga. Hari abantu basoma ijambo ryImana muri iki kinyamakuru cacu bakaryoherwa; muri bo hariho abaca batwandikira, bamwe bakaturungikira message ngo badusangize akanyamuneza namahoro bakuye mu vyo basomye. Hari aho dusoma igitabo canke ibinyamakuru tugakorwako mu mitima, ariko tukavyigumizamwo ukamengo biraba twebwe twenyene. Tumenyere gusangira nabandi akanyamuneza dukura mu vyo dusoma canke tuyagirwa nabandi. Tuyagire abandi ivyiza Imana yatugiriye. Iyo tuvyigumijemwo, tuba tumeze nkinyeneri zitaboneka kuko zitaboneshereza abandi. Abamajusi barumvise inkuru yUmukiza wisi yavutse. Bamurikiwe numuco wo mwijuru, baciye babanguka, bafata urugendo ngo nabo baze gushikanira no gusenga umwami Yezu, umucunguzi wisi. Nuyu musi, umwe wese, ayobowe numuco wUmukama, arahaguruka, agafata inzira ngo agende kwihweza Imana. Ko Imana itarambirwa no kudusanganira, kutuyagira, kutwuzuzamwo urukundo rwayo, natwe ntiturambirwe: tubanguke mu kuja kuyisenga, tuyishikanire ubuzima bwacu nimitima yacu, tuyage hose ivyiza vyayo, tuyimenyeshe hose. Herodi yaranse kwinjira mu muco wumucunguzi. Nuyu musi mu nzira zacu turahura na ba Herodi benshi: abo nabo nabateremera Yezu, bakamuhama mu guhama abagendanyi biwe. Kukaba nkako, umuco wama ugwanya umuzimagiza. Mu mitima yacu, turashobora kuba dufise igice cinyifato nkiya Herodi. Ivyo dukora bitari mu kuri biguma bituzingamitse, bikatwagiriza, imitima yacu ikaguma yugarijwe mu mwijima wigicumuro. Yezu mwiza, twebwe twarakumenye. Dushaka kwigumira mu muco wawe. ta handi tuzeye ubukiriro atari iwawe. Ibibazo vyose dufise tubitura wewe. ta rundi rutare twegamiye atari wewe. Duhe kugendera mu muco winkuru nziza yawe. Udufashe twigumire mu nyonga zawe, tugendere mwishaka ryawe. Tuzokuyagira nabandi bakumenye, tuzosemerera bose bakumenye.

Menyekana hose Yezu, kundwa, ninahazwa nabantu bose.

Soma kandi ukundishe abandi gusoma ikinyamakuru kwisoko ryubuzima. Remesha abarwaye, abihebuye, abapfunzwe, ba ntahonikoran babo bamenye ko Yezu abakunda. Andikisha abo ushoboye ngo baze bararonka ikinyamakuru kwIsoko ryUbuzima . Ukwiyandikisha ku mwaka, namafranga ibihumbi bitanu (5000F).

TWUMVIRIZE IRYO IMANA ITUYAGIRA


UKUME YEKA A KW'UMUKAMA IGISOMWA CA MBERE : Iz : 60, 1 - 6 Ubuninahazwa bw' Umukama bwagusaze wese. Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Izaya: Yeruzalemu we, haguruka, tamanzura umuco wawe waserutse, ubuninahazwa bw'Umukama bwagusaze. ayo umwijima watwikiriye isi, umuzimiza wajimije ibihugu; ariko weho Umukama yakugarukiye, ubuninahazwa bwiwe buhagaze hejuru yawe. Intara ziza zigana umuco wawe, abami na bo birukira izuba rirasiye iwawe. Tereza amaso irya n'ino urabe bose bakoranye kandi baje iwawe; abahungu bawe baje bava kure, abigeme bawe na bo baje bareruwe. i wabibona uzoheza unezerwe, agahimbare kakwuzure, kuko ivyiza biva hakurya y'ibiyaga bizosesekara iwawe, amatungo y'ibihugu azotaha iwawe. Isinzi ry'ingamiya n'ibitwazi vya Madiyani na Efu bizokubita iwawe hazime. Abo muri Seba bose bazoba bazanye inzahabu n'isenga baninahaza Umukama. IGISOMWA CA KABIRI: Ef.3,2-3.5-6: 'abapagani bemerewe gutorana hamwe natwe iragi ry'Umukama. Ivyo dusoma mw'ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi : cuti zanje: gira ngo mwarumvise ingene Imana yanteye iteka kubera mwebwe, ikampishurira rya Banga rya Kristu ritamenyeshejwe abakera, nkuko ubu ryahishuriwe abatumwa n'abahanuzi biwe beranda muri Mutima. Ubu n'abapagani bemerewe gutorana hamwe natwe iragi ry'Umukama, ubu turi ingingo z'Umubiri umwe, dusangiye umuhango umwe muri Kristu Yezu, kubera Inkuru nziza dusangiye. INKURU NZIZA: Mt. 2, 1 - 12 : Tuvuye mu Buseruko ngo tuze gusenga Umwami yavutse. EPIPHA IYA I IKI?: Nijambo rivuye mu rurimi rwIkigreki, risigura ku menyekana. Ni co civugo nyamukuru co mwIjambo ryImana ryuyu musi. Ku misi yImana no mu misi mikuru yose muri Liturugiya igisomwa ca mbere nInkuru Nziza vyama bifise icivugo kimwe. Ibimenyetso vyinzahabu, mira, nibindi biri mu gisomwa ca mbere, bihuye nivyaba Majusi baje gushikana. Ariko igifatanya ivyo bisomwa si ivyo gusa. Hari uru gendo rugana Yerusalemu yikwije Umuco, ikimenyetso caho Kristu ari, aho isinzi ryabantu rigana. Umuco niwo kimenyetso cukuri kiranga Mesiya(Umukiza): Igihugu cagendera mu mwijima cariboneye Umuco wagatangaza. Umuco wirukana umuzimiza, uwo nawo ukaba ari ikimenyetso cubusa nkuko tubisoma mu gitabu cAmamuko. (Gn 1,2). Mu Nkuru Nziza ya Matayo (Mt 2,1.12) Yezu aramenyekana ko ari Umwami. Aba Majusi bavuye mu buseruko bwizuba baca i Yerusalemu babaza bati: Umwami wAbayahudi yavutse ari hehe?. Yezu rero ni Umwami. Matayo rero akatubwira iyo nkuru, ashiraho nibihu-

Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Matayo: Aho Yezu yavukira i Betelehemu mu Buyudeha ku ngoma y'umwami Herodi, Abamajusi bashitse i Yeruzalemu bavuye mu buseruko bw'izuba, bavuga bati: Umwami w'Abayahudi aheruka kuvuka ari hehe? Twabonye inyenyeri yiwe iserutse, duca tuza kumusenga. Umwami Herodi avyumvise bimutera akoba, we n'ab'i Yeruzalemu bose. Akoranya rero abakuru mu basaserdoti n'abigisha bose, ababaza iyo Kristu azovukira. a bo bamwishura bati: 'i Betelehemu mu Buyudeha, kuko ariho umuhanuzi yavuze aho yandika ati: "Ewe Betelehemu ya Yuda, nturi muto mu miryango ya Bene-Yuda, kuko umwami azorongora igihugu canje Israeli azova iwawe. Araheza Herodi yihereranya bano Bamajusi, baramufoborera neza ikiringo c'aho iyo nyenyeri yababonekera; arabagenekereza Betelehemu, ababwira ati: Gende, mubaririkize neza ivy'uyo mwana; muramutse mumubonye, muntumeko, nanje ngende kumusenga. Bahejeje gukebukana n'umwami, barijura. Ya nyenyeri bari babonye mu buseruko ibatanga imbere iragenda; ishitse hejuru y'aho nya mwana yar'ari, irahagarara. go babone nya nyenyeri, barahimbarwa cane. Binjiye mu nzu, bahasanga nya mwana na Mariya nyina wiwe, baramupfukamira, baramusenga. Baraheza bapfundurura ibikemanyi vyabo, bamushikanira inzahabu, isenga n'imira. Ivyo biheze, baburirwa mu ndoto ngo ntibasubire guca kwa Herodi, baca bajana iyindi nzira, bitahira iwabo. shane. Iruhande yuyo Mwami Mesiya hari nuwundi mwani Herodi. Uyo wa kabiri ari nubwoba aratinya uwambere. Co kimwe no mu gitabu cIhunguka aho Umwami Faraoni yatinya abana ba Israeli agategeka ko babica. Ubu si Misiri igira ubwoba, ni Israeli: Ngo umwami Herodi atekerwa nubwoba hamwe na Yeruzalemu yose. Aba Majusi nikimenyetso rero cabapagani baronse urukiza muri Kristu umwami wisi yose. Umuhanuzi Izaya mu gisomwa ca mbere, avuga isinzi ryibihugu riza rigana Yerusalemu namatungo yabo. Ati: ni mwitegereze. Nisinzi ryabantu bibihugu vyose baza bagana iyo Umuco waKristu uri. Umuco ntuva mugisagara, ariko uza murico, wagishwayemwo. Mu bagana ico gisagara: hari aba nya Israeli bavuye mu buja, nabanyamahanga bakwegakwezwe nuwo muco. Isi yose rero igana uyo muco. Kristu rero numuco waje kumurikira isi yose, nintara, ata gucanamwo, bagenda munzira imwe, inzira yubumwe. Ari naco gituma bose bahamagariwe kugendera muri uwo muco, kuba mu bumwe, no gusangira umubiri umwe. Epiphaniya rero nintango yivyo vyose, ngo twese twunge ubumwe mu kwemera, twirinde ibidutandukanya, mu vyukwemera, ivyiyunviro vyatuma abantu bankana canke bacanamwo, ngo hame haja imbere kubana mu

mahoro, kuganira, nukurekuriranira. Yezu rero yaraye hagati yacu, ariko intsinzi yiwe, ntibonekera, mu bimeze neza gusa. Iruhande yaba Majusi bamuninahaza, hari na Herodi naba nya Israeli, umutima uhagaze, bamuhigira. Hari abamurondera bashaka ku muninahaza, nabandi bashaka kumugandagura. Ariko aguma ari isoko ryakanyamuneza nukwizera no mubihe bigoye nyene, nigihe womenga ikibi kiriganje, intsinzi ni iya Yezu. Ni muri uyo mwanya nyene wibihe bigoye, Imana iba iri hafi yawe, ngo igushikirize intsinzi. Aba Majusi, abanyamahanga, abapagani, barahinduye inzira

ntibasubira kwa Herodi atari kumuhunga, ariko arukugira ngo bashingire intahe guhinduka, bihindura ubuzima, bikazana akanyamuneza. Muri uyu mwaka wukwemera dusabe Umukama ngo akabure muri twebwe inyota yabakristu ba mbere, bumvise Ijambo rya Yezu bagaheza bagakwira isi yose bamenyesha iyo Nkuru nziza. Dukurikire urunyenyeri, rutumurikira arirwo Kristu, gurtyo twese tuzoba nkabamwe umuhanuzi Danieli atubwira (Dn 12,3), ati: kubera ukwemera kwabo, bagendeye, bakigisha ubutungane abantu isinzi nabo nyene nkinyenyeri zimurikira isi imyaka nimyaka.

Miryango yo mu Burundi, terintambwe mu bweranda mwisunze umuryango wi Nazareti


Ukumenyekana kwa Yezu kudahereye mu miryango, ntikuzoshinga imizi. i co gituma tubashikirije bimwe bimwe mu vyo Papa Yohani Paulo wa kabiri yashikirije imiryango mu misa yasomeye i Songa (Gitega) kuwa 6 yakanga 1990. Miryango yi Burundi, ndabashimiye cane ko mwaje tugakoranira hamwe muriki gisabisho. Ndakiranye igishika nurukundo umwumwe wese muri mwebwe. Umwanditsi Luka atubwira ko umwana Yezu yakurana ubukomezi nubwitonzi, ko inema yImana vyari kumwe (Lka 2,40) Igihe yari mu gisengero afise imyaka 12, yaratangaje abakuru babasaserdoti bi Yeruzalemu mu kwishurana ubwenge butangaje ibibazo bamubaza. Paulo mweranda nawe ati: i mwambare umutima wikigongwe, wicisha bugufi, wiyumanganya; ni mwengengane, murekuriranire Uyu musi mu miryango yacu, hategerezwa kurangwa nurukundo nukwihanganiranira. Tuzazi ko amakuba yashikiye Uburundi yatumye imiryango isanzara, bamwe bagapfa abandi bagahunga. Ariko mu muryango niho hambere hari ishure ryurukundo niryo kugiriranira ikigongwe. No mu gisabisho ca Dawe wa twese, tuvuga ngo uturekurire ibicumuro vyacu nkuko natwe tugirira ikigongwe abatugiriye nabi. Mu miryango niho abana bigira kwubahana no kuba mu bumwe. Miryango yo mu Burundi, ni mwisunge umuryango mweranda wi Nazareti. Imico kama yigihugu canyu irubahiriza iteka ryurugo numubano wabubatse. Muvuga muti: Urugo rugira babiri; ivyo navyo birahuye nivyo Imana isaba mu nkuru nziza. Imico yanyu kandi irubahiriza ugufashanya kwabavyeyi mu ndero yabana. Muvuga muti: umwana nuwa babiri . Ku vyerekeye ikibazo cigwirirana ryabantu, abavyeyi nibo bafata ingingo yurugero rwabana bifuza, bagatandukanya imvyaro bakurikije uburyo bwo kugenzura ibihe vyirondoka vyumukenyezi; babikorana urukundo, umwumvikano nukwubahana, nkuko Ekleziya ibibasaba. Bavyeyi, ni muhe abana indero rukristu, musengere hamwe nabo, mubakundishe Imana hakiri kare. Ni mugirane nabo Ekleziya yintango. Kanatsinda muvuga muti: umwana ni umurima wisangi dusangiye nImana. Abashinzwe ubutumwa nyunganirango ni babandaye kwitwararika ibibazo bihanze imiryango, bayifashe kugira ishingiro riberekeza ku muryango wa Yezu, Mariya na Yozefu. Igihe Yezu yari mu gisengero Bikira Mariya yaramubajije ati: Mbega mwananje watugize ibiki ? Urabona aho twahereye tukurondera?Yezu yishuye ati: ntimwari muzi ko mbwirizwa kwama mu bikorwa vya Data? Bavyeyi, mbega mwoshimishwa nuko umwe mu bana banyu ababwira ngo: nshaka kwihebera Imana ? Erega ukwihebera Imana gufise ishingiro mu ndero runtu nindero rukristu umwana akura mu muryango. Miryango yo mu Burundi, tera intambwe mu bweranda mwisunze umuryango wi azareti Tugire amahoro ya Kristu!

Twabonye inyenyeri yiwe iserutse duca tuza kumusenga. (Mt2, 2). go babone ya nyenyeri, barahimbarwa cane. Binjiye mu nzu, bahasanga nya mwana na Mariya nyina wiwe, barapfukama baramusenga. Baraheza bapfundurura ibikemanyi vyabo, bamushikanira inzahabu, isenga nimira. (Mt2,10-11). Mukama Yezu, warimenyekanishije ku baje bakurondera bavuye imihingo myinshi. Inyenyeri yawe yarabarongoye. Twebwe twagize amahirwe yo kukumenya mu kwemera, nuduhe kuzoteba tukubona imbonankubone mu buninahazwa bwawe. Haguruka Burundi, wihambirire ku
Mukama Imana yawe, umenye ko yakugendeye. Nube igihugu cImana koko, nayo ibe hagati yawe. Umuco uzorasira iwawe uzokwira nahandi. Ni nde ga Mukama adaha icubahiro nubuninahazwa izina ryawe? Kuko ari wewe musa mweranda, kuko amahanga yose azoza gukubita ibipfukamiro imbere yawe, kuko ya mateka yawe yuzuye ubutu-ngane amenyekana (ivyah 15,4)

Ndumunywanyi wikinyamakuru kwisoko ryubuzima kuva kigitangura kugeza uyu musi. Cagiye kinyubaka, caramfashije kugira akayabagu kijambo ryImana. Ubu ndashimira Imana kubera abo yaciyeko ngo ico kinyamakuru kibeho. Imana nibakomeze, ibahezagire. Munywanyi usoma iki kinyamakuru, nugishigikire, wakure abo bose banyotewe ijambo ryImana baze kwIsoko kugira ngo baronke igikuriro cumutima; kuko ijambo ryImana nubutunzi, nubwenge kandi nubwitonzi nyabwo. (Abakolosi 3,16-17) Jean Marie Vianney Muhevyi

Tubifurije umwaka mwiza mwese, umwaka mwiza wukwemera, wukumenya nukumenyesha Yezu Kristu.

Dushemeze Imana ku munsi ku munsi Iz 60,1-6 Zab712-13 6/1 D Epifaniya 7/1 8/1 9/1 10/1 11/1 12/1
L Raymond M Lusiyano M Ibatisimu ya Yezu J Aldo B Alfred S Tatiana Ef 3,2-3a.5-6 Mt2,1-12 1Yoh3,22-4,6 Zab 2,7bc8,10-11 Mt4,12-17.23-25 1Yoh 4,7-10 Zab 71,1-2,34,7-8 Mc6,34-44 1Yoh4,11-18 Zab 71,12,10-13 Mc 6,45-52 Yoh4,19-5,4 Zab 71,1-17 Lka4,14-22a Yoh5,5-13 Zab 147,12-20 Lka5,12-16
1Yoh5,14-21 Zab 149,1-1-9b

Ewe Betlehemu ya Yuda, ntabwo uri muto mu miryango ya Bene Yuda, kuko umwami azorongora igihugu canje Israeli azova iwawe Yezu nawe yaragendura Ubugalile bwose yigishiriza mu masinagoga, yigisha Injili yUbwami, akiza nubumuga nindwara zose zigihugu go bururuke amato, Yezu aja abona igihugu cabantu, bimutera imbabazi kuko bari nkintama zitagira umwungere, ac aja mu kubigisha Yezu rero arabavugisha ati : humura ni jewe, nti mutinye. Arurira mu bwato hamwe nabo, umuyaga nawo uraturura. Umutima wumukama uri kuri jewe, kuko yansize ngo mburire inkuru nziza aboro, andungika gukwiza mu baboshwe ubukiriro Mukama, ubishatse wonkiza. Yezu nawe aramvura ukuboko aramukorako, ati : ndabishatse, kira; nya mibembe ica irakira Uwo gukura ni we, nanje ngasubira hasi

Yoh3,22-30

Iteka ryurugo rifatiye ku rukundo(ibikurikira). Abayobowe na Mutima wImana, baba afise itunga riruta ayandi matungo yose; bagenzwa nurukundo, umubano wabo urangwamwo amahoro. Hari abo tubona bisasira ibisayangana ariko babuze urukundo muri bo, ugasanga ingo zabo zirara ziraka bukeye zikazima, amatungo yabo aho kubatera akanyamuneza, akababera inkomoko yumubano mubi. Saba Imana iguhe ibigukwiye, ntuyisabe umurengera, kuko wohava uzibira iyo vyavuye, umutima wawe ugatwarwa nukwirukira ivyisi bihinda bihera, ukibagira guha ikibanza mu mutima wawe no mubuzima bwawe Imana yakuremye. Mu kirundi bavuga bati: Ntazibana zidakubitana amahembe. Birashika ko abubakanye hagira ivyo badahurizako bagashavuriranira, mbere no gutata bikabashikira. Hano kwisi ubuzima niko bumeze, vyose ntivyama ari vyiza, hari ibidutera umunezero nibindi bidushikira bikadutera umubabaro. Paulo Meranda ahanura Abanyakolosi ati: nkuko Umukama yabarekuriye Muramutse mutase, ni mwengengane, muheze murekuriranire, ( Abanyakolosi 3,13 ). Arongera guha impanuro ingo zabakristu, agasaba umwe wese kurangura neza ibanga rimwega; ati: Mwa bagore, ni mugamburukire abagabo banyu nkuko bibereye mu Mukama. Mwa bagabo, ni mukunde abagore banyu kandi ntimubirabuze umutima. Mwa bana ni mugamburukire abavyeyi banyu muri vyose, nivyo binezereza Umukama. Mwa bavyeyi, ntimuturubike abana banyu ngo ntibaranduke umutima ( Abanyakolosi 3,18-21). Umubano mwiza mu rugo urahimbara Imana nabantu; umuryango niryo shingiro ryigihugu na Ekleziya. Ubumwe nurukundo mu miryango ni vyo soko ryamahoro arama. Ni intango yubuzima twizigiye mu Mana. Frera Evode sabimana

Umunywanyi aratwandikira: Jewe ndabandikiye mbabaza ikibazo abantu benshi eka mbere nibaza ko ari Abakristu benshi babatijwe bakanakomezwa muri Mutima Mweranda bibaza. Mbega hoba hariho igisabisho kizwi canditse Umukristu avuga avuye gusangira. Nipfuza mbere ko inyishu mwompa mwoca muyishira mukinyamakuru KWISOKO RYUBUZIMA kugira ngo Abakristu benshi baronke umuco babone kuguma baganira nUmukama mu mategeko ya Ekleziya. Jewe igihe nabatizwa muri 1995 ntaco bigeze batwigisha. Bakanibona Vianney. Iyinshu: Muvukanyi wacu muri Kristu, Munywanyi wikinyamakuru cacu, turagushimira cane ko ukunda gusoma ikinyamakuru cacu, ugatako ukanatwandikira. Imana niguhezagire. Ku bijanye nico kibazo cawe: ni waba ufise igitabo cabakristu, urazoraba ku rupapuro rwa 82 gushika 84. Harimwo ibisabisho bavuga bahejeje gusangira. Ivyo bisabisho vyanditse usanga ari vyinshi, umwe wese asoma ico yumva gisumvya ibindi kumumara inyota yo kwigina umushitsi wiwe, Yezu Kristu Mana nzima yigize imfungurwa ninyobwa ngo turonke ubuzima. Muri vyo bisabisho, harimwo ico bakunda kuvugira rimwe bahejeje gusangira, naco niki: Mutima wa Yezu ungire mweranda, mubiri wa Yezu
unkize, maraso ya Yezu umpaze, mazi wavuye mu rubavu rwa Yezu unyuhagire, magorwa ya Yezu unkomeze, nawe Yezu mwiza unyumve, unyegeze mu nguma zawe, ntundekure ngo dutane, undwanire umwansi mubi, umpamagare nze iwawe, mbe nkuninahaze ndi kumwe naberanda bawe, imyaka yose. Amen.

Mu gihe woba wipfuza kugura igitabo cabakristu, wobariza kuri bureau dvanglisation (muri zirya nyubakwa zirimwo ikinyamakuru Ndongozi) canke kuri diffusion du livre; bahita kuri Librairie des Militantes de la Sainte Vierge, hahanganye ninyubakwa za Ndongozi. Ndakwifurije akayabagu keza kijambo ryImana. Imana iguhezagire. Nkuko wabisavye iyi nyishu tuzoyishira no kwisoko ryubuzima. Bakanibona Vianney. ABARU DI BARAZI GUTWE ZA: Ku munsi mukuru wukwikukira kUburundi, hari umukecuru yagiye kurorera aho bahiganwa mu kuvuza ingoma. yihweje ingene basimba neza, yumva araryohewe. Vyakabaye kera, abona abasimbiye rimwe ari babiri, nawe ubwo nyene aca arikiriza asimbira hejuru, aca arwira ukuboko, kuravunika. Baca bamutahana agenda araboroga. Umwuzukuru ngo amubone, amubaza ati: Mbe nyoku wavunitse uriko urakora iki? Nyokuru ati: ariko ndimenyereza gutamba ingoma ngo mu mwaka uza azobe ari jewe ntwara agashimwe.

You might also like