You are on page 1of 4

Kw’Isoko

ry’Ubuzima
mu muryango w’abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
Site: www.isokoryubuzima.es.tl
Igiciro 60 fr
"N’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima
21,22,23/04/2011 Iminsi itatu irongora Pasika– Umwaka A N°17/2011
Tuzirikane imisi itatu irongora umusi mukuru wa Pasika
Ku wa Kane Mweranda Yezu yaturaze urukundo
Umunsi wa Kane Mweranda niwo utangura muri ya minsi itatu irongora umunsi mukuru wa
Pasika, iyo minsi ikadufasha kandi ikadutumirira kuzirikana cane amabanga y’icungurwa rya-
cu. Ku munsi wa Kane Mweranda barahereza inkuka y’imisa nkuko bisanzwe, akaba ari naho
rero twibuka aho Yezu yagira Isakramentu ry’Ukaristiya hamwe n’iry’Ubusaserdoti arikumwe
n’Abatumwa biwe cumi na babiri ari nabo yasigaranye ububasha bwo gutagatifurisha ayo ma-
sakramentu igihugu ciwe. Muri iryo Sakramentu ry’Ukaristiya niho tuzirikana urukundo Yezu
yadukunze mukudashima kudusiga twenyene agashima kubana n’ukugumana natwe, akatwiha wese mu bishusho
vy’umukate n’umuvinyu: ikimenyetso c’isezerano rishasha kandi rizokwamaho; ikimenyetso c’urukundo kuko ya-
ratwihaye, aratwihebera yongera aratwitangira. Yezu aremeza ko uwuriye umubiri wiwe akanywa n’amaraso yiwe
aguma muri We nawe akamugumamwo (Yo.6,56) . Ni iteka ntangere rero ryo kwigumanira n’Umukama. Kuri
uwo munsi wa Kane Mweranda twibuka kandi aho Yezu yasangira ubwanyuma n’Abatumwa biwe akongera aka-
basezera. Bari kumeza Yezu yafashe umukate, arakenguruka, arawumanyura, arawubaha, avuga ati:
“ Iki ni Umubiri wanje uza gutangwa ku bwanyu. Ivyo murabigire munyibuka”. Bamaze gufungura, agira kwa
kundi, afata igikombe, avuga ati:“Iki gikombe ni Insezerano rishasha mu Maraso yanje aza guseseka ku bwa-
nyu”(Lk.22,19-20). Yezu yabategetse kuzokwama bagira iryo Sakramentu ry’Ukaristiya ari ryo Sakramentu ry’Uru-
kundo bamwibuka. Nico gituma mu Misa zose Umusaserdoti asubiramwo ayo majambo Yezu yavuze ku wa Kane
Mweranda; akaba ari naho yagiriye Isakramentu ry’Ubusaserdoti mu kubaha itegeko ryo kwama babigira bamwi-
buka. Murazi ko umuntu ariko arasezera asiga araze abiwe; na Yezu yasize aturaze urukundo ati: “Ndabahaye
itegeko rishasha: ni mukundane. Nkuko ndabakunze, ni mukundane namwe. Urukundo muzokundana ni rwo
ruzorangira bose ko muri abigishwa banje”(Yo. 13,34-35); kandi ati: “Muzoba abagenzi banje, mukoze ico
mbategetse. Sinkibise abasuku, kuko umusuku atamenya ico shebuja akora; ndabise abagenzi banje, kuko ivyo
nabwiwe na Data vyose nabibamenyesheje”(Yo.15,14-15). Kuri uwo munsi wa Kane Mweranda Yezu yaragize
ikindi kimenyetso gihambaye: “Ukwoza ibirenge Abatumwa biwe”, ikimenyetso c’ukwicisha bugufi
kwiwe, akigira umushumba asa n’abantu. Iyumvire nawe Imana yicisha bugufi imbere y’umuntu
ikiremwa cayo, hanyuma ikamwoza ibirenge! Yezu yaciye ababwira ati: “Ko lero jewe Mukama
Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero ngo
namwe mwigenze nkuko nabagiriye”(Yo. 13,14-15), ivyo bikaba bisigura ko dutegerezwa gusukuri-
ranira hagati yacu. Yezu, n’utanyoza ibirenge, ntaco nzoba ngisangiye nawe; ni ntemera ko wicisha
bugufi imbere yanje ngo unyereke urukundo umfitiye, sinshobora kuba umugenzi wawe. Urukundo rwiturwa
urundi, nayo Imana ishaka kuba umugenzi wacu. Ukwozanya ibirenge rero hamwe no guhimbaza isakramentu
ry’Ukaristiya mu majambo no mu ngiro, ni iragi Yezu yaturaze. Kuri uwo musi wa Kane Mweranda, bahejeje gusa-
ngira baca bakura Yezu mw’itaberenakuro bakamushira ahandi bateguye neza. Ivyo bikamesha ca gihe c’i Getse-
mani n’ukuburabuzwa atakiri mu biwe. Niho rero baheza bagatumirira abakristu guteramira Yezu hamwe bamwi-
murira bibuka amagorwa yagize atakiri mu biwe. Uwo munsi rero usozerwa n’uguteramira Yezu mw’Isakramentu
ry’Ukaristiya. Ni duteramire Yezu tumusabe kuba maso ntidutsindwe n’inyoshambi, aduhe kandi kumenya
gusangira n’abandi twibuka ko yatwihayeko imfungurwa.
1. Umukama Yezu yaritanze, tumwakire turye duhembuke, umubiri wiwe n’imfungurwa, n’amaraso yiwe n’ikinyobwa.
R/ Umubiri wiwe wabay’imfungurwa, Amaraso yiwe nayo n’inyobwa, muze turye iyo mfungurwa Umukama yaritanze.
2. Ufis’umutima witeguye, niwakire Yezu mwibanire; akund’imitima itunganye, akiz’uwo wese amwakira.
3. Tumwakire tudakekereza, az’akwiye muri iyo hostiya; Tumwakire turye duhimbarwe, turonk’ubuzima buhoraho.
4. Mw’isakkramentu ry’Ukaristiya, nih’abamushonje bamwakira; Urano Mukam’uranyihaye,nizigiye kurok’ubuzima.
Ku wa gatanu mweranda: Ni twihweze uwasogoswe.
Ku wa gatanu Mweranda, urukundo Yezu yabuye ku wa kane mweranda ruribonekeza mu
kudupfira ku musalaba. Kur’uwo musi, Ekleziya iradusaba kwifatanya na Yezu mu bubaba-
re yagize kubwacu. Ukwisonzesha n’ugutabara abagowe, ni ibimenyetso biboneka duhama-
gariwe gukora ngo tugire umwimenyerezo wo gutegeka ingingo z’umubiri wacu no kwi-
matura ku vyo kw’isi, cane cane turangwe n’urukundo rutwerekeza kuri ba ntahonikora.
Kur’uwo musi, turakwiye gufata akanya k’agacerere tukazirikana urukundo Yezu yaduku-
nze gushika aho adupfira ku musalaba, agapfa urw’agashinyaguro kubera twebwe.
Ibirori vyo ku wa gatanu mweranda. Kenshi, ibirori vyo ku wa gatanu mweranda biro-
ngorwa n’inzira y’Umusalaba; hari n’igihe bayigirira hanze, bakikuza ikibuga c’isengero,
ibirori nyezina bikabona gutangura; navyo bikaba bigizwe n’ibice bikurikira:
Igice ca mbere: Ukuzirikana urukundo rwa Yezu yitanze ku bwacu. Kuri Altari, nta bita-
mbara biba bishashe. Mu gacerere, Umusaserdoti araca bugufi akubika inda hasi imbere
y’Altari: n’ikimenyetso c’ukugaya ibicumuro vyatumye Yezu abambwa ku musalaba.
Haheze akanya aratumirira abakristu kwinjira mu birori vy’uwo musi, no kuzirikana ingene Yezu yadukunze aga-
herezako. Haca hakurikira ibisomwa vyeranda dutumiriwe kwumviriza n’icubahiro cinshi. Umuhanuzi Izaya atu-
bwira ko n’aho umusuku w’Imana azobabara, azoronka iteka. Mu gisomwa ca kabiri, tuzirikana ingene Yezu yita-
nzeko inkuka ku bwacu, gurtyo akatubera umuhuza hamwe n’Imana. Mu nkuru nziza, turazirikana ibijanye n’uku-
babara kwa Yezu (Yohani 18, 1-19.42). Umusaserdoti ayoboye ibirori aratanga insiguro kugira ngo abakristu batege-
re ko ibicumuro atari vyo bifise ijambo rya nyuma, ko urukundo n’ikigongwe c’Imana arivyo dukesha intsinzi.
Igice ca kabiri: Igisabisho rusangi. Ni igihe co gushira hamwe mu gutakambira Imana ngo urukiza rwa Yezu
Kristu yapfiriye bose rushike hose, ku bantu bose, ku migwi yose y’abantu, mu mpande zose z’isi. Abakristu bara-
tumiriwe guherezanya ubwira ico gisabisho, no kuzirikana neza ico bariko baratura Imana.
Igice ca gatatu: ugushemeza umusalaba wa Yezu. Kuva ku rwinjiriro rw’isengero, Umusaserdoti aragira uruge-
ndo agana Altari, afise umusalaba upfutse. Aza arapfukura uwo musalaba buhoro buhoro ngo abantu bawihweze
neza, bazirikane ingene Yezu yadukunze, bifatanye nawe mu bubabare yagize aho yiremeka umusalaba ku bwacu.
Ivyo biheze, abar’aho bose baratumirirwa kwerekana mu buryo buboneka icubahiro bafitiye umusalaba wa Yezu.
Mu nyuma umusaserdoti arahezagira imisalaba abakristu bafise mu ntoke canke bambaye.
Igice ca kane: Kwakira Yezu m’Ukaristiya, kikaba ari icibutso c’inkuka yiwe yatanze ku musalaba ku bwacu. Kuri
Altari babanza kuhasasa igitambara cera, umusaseroti agaca agenda gutora inzimano z’Ukaristiya akazishira kuri
Altari. Aca atumirira bose kuvuga Dawe wa twese. Hagaca hakurikira ugusangira. Bahejeje gusangira umusaserdoti
aca atwara amahostiya asigaye muri ca kibanza baraye bateramiriyemwo Yezu. Nta kintu na kimwe gisigara kuri
Altari atari umusalaba. Ekleziya isaba abakristu kubandanya kwihweza mu gacerere umusalaba wa Yezu, bazirika-
na ingene yatwitangiye.
Ku Musalaba (2) niho yitangiye
Ng’uyu Umukama yashimye kudupfira, ngo aducungure, adukize shetani
Ku musalaba aremera kubambwa, yicwa nk’umuja ari umwana w’Imana
Rab’Umukama urwo yakunz’abantu, yemera gupfa arik’akiz’abantu
Mu gucumura twarikuye ku Mana, rab’uko Kristu adusubije ku Mana
Muze rero duheb’akabi kacu, twank’inabi, twinywanire n’Imana
Dushengerer’umusalaba wa Kristu watuzaniye urukiza rw’Imana
Mukama twariyibagiwe, n’utugirire ikigongwe
Akabi tutifuj’imbere yawe niko twakoze tubabarire
Ububegito bwacu bwaratuganje none Mukama tubabarire
Ibibkorwa bibi vyose twakoze Mukama turavyigaye tubabarire
Tur’abononyi turabizi suh’umutima w’ukwihangana duhurumbire ivyo ushima

Tuzirikane amajambo Yezu yavugiye ku musalaba :


“Dawe barekurire ntibazi ico bakora„ ; “Mana yanje wampebeshejwe n’iki”?
“Ndakubariye ivy’ukuri: uyu musi urabana nanje mw’iparadizo”;
“Ng’uyo nyoko wawe...wa mukenyezi we ng’uyu umwana wawe”; “Ndanyotewe”;
“Vyose birarangiye”; “Dawe ndaguhereje umutima wanje”. Yezu arumva amaganya
menshi imbere y’ububabare bumurindiriye, araririra Imana ariko ntazibukira ishaka ryayo. Kuri
Yezu nta ruhebwa abaho: Umusuma yari abambwanywe nawe yaraciye bugufi yitura ikigongwe
ca Yezu, aca amujana mw’ijuru. Ni witure ku kigongwe c’Imana, Yezu anyotewe umutima
wawe, kandi akuraze nyina wiwe. Mbega ibitangaza! Urupfu rwiwe rwatuzaniye intsinzi.
Yaraduhaye akororero k’uburyo bwo gupfa neza: n’uguhereza Imana imitima yacu. Warakoze
Yezu, wewe wabambwe ku bwacu ukaducungura.
Kuwa gatandatu mweranda: Igiteramo ca Pasika
Kristu ni we muco wacu. Mu giteramo ca Pasika, turatangura kwigina aho Yezu yatsinda urupfu. Ekleziya
iradutumirira gukoranira hamwe mu ngoro y’Imana ngo dusangire akanyamuneza ko guteramira iyo ntsinzi y’izu-
ka rya Yezu. Imigirwa yo mu giteramo ceranda ca Pasika igizwe n’ibice bikurikira :
1. Ihezagirwa ry’umuriro n’itara rya Pasika: Imbere y’isengero haba hari igicaniro c’umuriro uza guhezagirwa
hanyuma ukadomekwako itara rya Pasika. Mu kudomeka iryo tara, Umusaserdo-
ti avuga ati: Umuco wa Kristu yazukanye ubuninahazwa n’ushwiragize umwiji-
ma ukwiye imishaha n’imizirikanyi yacu. Abakristu baba bakikuje uwo muriro,
bafise amatara mu ntoke. Uwo muriro batsa, ni ikimenyetso ca Yezu muco
wacu, atuboneshereza agaca adutuma akadutuma kuba umuco w’abandi. Baheje-
je kudomeka amatara, baca binjira mw’isengero n’amatara yaka, barongowe n’u-
musaserdoti afise itara rya Pasika, ikimenyetso c’umuco wa Kristu. Bashogoma-
nga mu kanyamuneza ntangere, bashimagiza Imana, bahayagiza intsinzi y’umu-
co wa Kristu. Amatara yose adomekwa kuri iryo tara rya Pasika. Inkuru nziza ya
Pasika iratangazwa icese, bose bagatumirirwa kwigina mu kanyamuneza iyo
ntsinzi y’akatabonetse.
2. Ukwumviriza ijambo ry’Imana: Ibisomwa vy’ijambo ry’Imana mu bwuzu-
re bwa kera navyo biributsa umugambi w’urukundo rw’Imana, ingene yarwerekanye mu kurema isi no mu gukiza
igihugu cayo. Mu bisomwa vyo mu bwuzure bushasha, Umusasedoti afasha abakristu gutahura ibijanye n’intsinzi
ya Pasika. Mu kwigina iyo ntsinzi, inkengeri n’ingoma birasubira kuvuga, Gloria ( Imana ininahazwe mw’ijuru) na
Alleluia bigasubira gusamirana. 3. Ibatisimu y’abakuze n’ugusubiramwo indagano z’ibatisimu: Umusaserdoti
arahezagira amazi ya Pasika. Amazi y’ibatisimu yibutsa amazi y’urupfu rwa Yezu kandi atanga ubuzima. Mu guhe-
zagira ayo mazi, bayashiramwo rya tara rya Pasika. Ni ikimenyetso c’uko duhambanwa nawe, tukazukana nawe,
tukaba ibiremwa bishasha. Ibatisimu ihejeje gutangwa, ishengero ryose riratumirirwa gusubiramwo indagano z’iba-
tisimu. Mw’ijambo rijanye n’ikarema y’uyu mwaka, Papa Benedigito aravuga ati: “ Kuva kera, Ekleziya yara-
nywanishije igiteramo ca Pasika n’ihimbazwa ry’ibatisimu. Muri iryo sakramentu, umuntu yinjira mu buzima
bushasha muri Yezu Kristu, akaronka na Mutima Mweranda yazuye Yezu mu bapfuye. Iyo ngabirano y’Imana
itegerezwa kwama ikaburwa muri twebwe imisi yose, tukagendera ibatisimu yacu tubinezererewe nk’abakristu
ba mbere“ . Baheje gusubiramwo indagano z’ibatisimu, Umusaserdoti arazunguruka mu mpande zose z’isengero,
ahezagira abakristu bose, akoresheje ya mazi bahezagije n’itara rya Pasika; ni ikimenyetso c’ububasha bwa Yezu
buca kur’ayo mazi bugartyorora uwakirana ukwemera inema y’ibatisimu, akemera kuzukana nawe.
4. Amabanga y’Ukaristiya: Inyuna y’ibatisimu, ugusubiramwo indagano no guhezagira ishengero, inkuka y’Imi-
a irabandanya nk’uko bisanzwe. Haba hageze ca kiringo c’ihereza hamwe n’ibikurikira vyose, gushika bagere ku
nzimano y’Ukaristiya.
Nd’umukristu ndahiriwe, Yezu ni we Mwami wanje, niwe ntsinzi yanje.
Ekleziya yisunze ivyo Yezu we nyene yivugiye (uwudasubiye kuvuka kubw’amazi na Mutima
ntashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana » - Yohani 3,5), iratumira uwo wese ashaka gushiki-
ra urukiza rw’Imana ko yoronka ibatisimu ya Yezu Kristu. Mu giteramo ceranda ca Pasika,
ntiduhagarare ku birori n’imigigwa gusa; ah’ubwo ni bidufashe kuzirikana iteka ntangere twa-
tewe aho twabatizwa. Ko iyo batisimu yatwinjije mu muryango w’abana b’Imana, Mutima
Mweranda nawe akatuzako, ntidufutanye ubutore twahawe n’Imana muri iryo sakramentu.
Ntidupfishe ubusa intsinzi Yezu yaturonkeye ku musalaba. Tuvavanure n’ingeso mbi, ntituba-
ngikanye Imana n’ibigigwamama, tureke kujuragirika no mu kuba akazuyazi. Tube abakristu
b’intahemuka mu gushingira intahe Yezu yavutse, agapfa hanyuma akazuka ku bwacu
Kristu ni Muzima, Alleluia Alleluia !!!
Mukama Yezu, mu bubasha bw’izuka ryawe, twumvire uturokoze ivyo tukuzamvye.
Turaguhereje abo witoreye ngo bamenyeshe inkuru nziza, n’ubahunde Mutima Mweranda kugira
ngo babashe gutahuza abantu bose ibitangaza vy’izuka ryawe. Turaguhereje abatwara Uburundi,
n’ubahe ubwira n’ububangutsi bwo gufasha igihugu kuva mu kaga, bisunze umuco w’ijambo ryawe
n’intsinzi y’izuka ryawe. N’uturinde umwina w’ivy’isi kugira ngo dahitemwo wewe, ubwenge n’i-
nguvu dufise tubikoreshe mu kugushingira intahe. Turakweretse n’abatarakumenya, abigeze kuku-
menya bakaguheba, abifuza kukumenya bagahura n’intambamyi z’aho baba, abatirimukijwe n’aba-
kristu baguhemukira, abiberaho mu kazuyazi batakunezwe, abahakana ubumana bwawe kandi bakakugwanya,
bagatoteza abayoboke bawe. Ububasha bw’izuka ryawe ni bukore ku mitima yabo, baguhindukirire. Mw’izuka
ryawe, waragize vyose bishasha. Shigikira ukwizera kwacu, twebwe turiko turahimbaza intsinzi yawe. Urupfu
ntirukidutera ubwoba ko uri muzima, ko ubuzima bwacu buri mu minwe yawe.
SANGANIR’INTSINZI Y’UMUKAMA
1. Kristu yazutse tumwigine sanganir’intsinzi y’Umukama
Ni muzima tunezerwe sanganir’intsinzi y’Umukama + R
2. Yari yabambwe n’abansi „
Bamubamvye ku musalaba „
3. Yezu yiyeretse abiwe „
Ni nyen’intsinzi n’inganji „
4. Ati ni mugire amahoro „
Nti mutinye natsinze urupfu „
5. Nyen’ingoma nyen’ubuzima „
Nyen’inganji nyen’amahoro „
6. Watsinz’abansi n’urupfu „
Ganza sabwa turakwemeye „

R. : Yazuts’Alleluia, Alleluia Alleluia

MUGABEKAZI WO MW’IJURU
R: Mugabekazi wo mw’ijuru, nezerwa alleluia alleluia
R’ ; Mugabekazi wo mw’ijuru
1. Uwo waberewe kuvyara nezerwa alleluia, yazutse nkuko yabivuze
2. Dusabire ku Mana nezerwa alleleuia, nezerwa himbarwa Mariya
Finale: Kuko nyene (2) n’ivy’ukuri, Umukama (2) yazutse Alleluia

YEZU TURAGUKUNDA
R. : TUKURIRIMBE YEZU WE, WIZUYE MU BAPFUYE
R:Yezu turagukunda. Ubu tura-
1. Waradupfiriye Yezu we shimagizwa waritanz’utiziganije
2. Abakubamba baratwenga shimagizwa batazi k’uzoc’uzuka kuzi ntakizokunanira. Yezu tura-
3. Waradutsindiye igicumuro shimagizwa uronger’udutsindir’urupfu gukunda. Wanesheje abansi bi-
4. Uragatsinda Yezu mukama shimagizwa uronger’udutsindir’urupfu wawe. Bari bavuze, nib’ur’Ima-
5. Ni wewe Yezu waducunguye shimagizwa tukuririmb’urabikwiye na, ubitwereke gir’utuve mu mi-
nwe; wabahinyuje unesh’uru-
UMUKAMA YEZU YATSINZE URUPFU pfu, ukigarura mu bapfuye.
1.Umukama Yezu yatsinze urupfu, yatsinze abamenja ni tumuhaye
Bari bamuhamvye bishimiriza bati yemwe bane ntakigaruka 1.Shetani umwansi wacu, Yari ya-
R : Alleluya ni tunezerwe Yezu yarazutse Alleluia, muze tunezerwe tuboshe Yezu Arayiganza; shetani
2. Abagore beza bavyutse kare bafis’utumoga mu dukarabo umwansi wacu ntikibasha kumara
Bakagir’ubwoba bakabazanya: mbega yemwe ni nde atwugururira abantu. Umusalaba wa Yezu Kristu
3. Bapfayokugenda mu kwizigira, bashitse basanga umumalayika wadukijije wadukuye mu kabi. Tuzo-
Yicay’iruhanda ya ca kibuye, baca baratinya bigir’inyuma wukunda tuzowibuka, niw’uzotujana
4. Wa mumalayika abahumuriza ati : mwa bagore murondera nde mw’ijuru.
Murondera Yezu yahambwe hano? Yezu yaratsinze Alleluia
5. Genda ku batumwa mubabarire k’atakiri mu mva ari muzima 2. Yez’ur’Umwami wanje. Si nkigu-
Azobarorera mu bugalile nka yahor’abibarira kengera, nti wari watubeshe, ur’u-
6. Mwami nyen’inganji turakwemeye, watsinz’abamenja n’urupfu nyene mwana w’Imana. Ndagusenga nda-
Nay’ingoma yaw’iragahoraho, Mwami nyen’inganji n’uganz’usabwe kwishimira. N’ibicumuro ndabiha-
kanye, ni vyo vyakwishe bitwankani-
R: ALLELUIA, ALLELUIA, ALLELUIA; sha nawe. Ni nde yobasha kumera
Inganji, inganji, inganji n’iyawe Mwami Yezu nkawe, apfe yisubiza muzima?
1. Intsinsi ya Yezu n’ikinyegezwa c’Imana,
3. Yezu azogaruka. Azoc’urubanza
2. Abamwishe bari bazi ko bikuy’umwansi +R’ wa munsi w’umuhero, Yezu azoga-
R’ :Twigine intsinzi ya Yezu ruka. Azoza vy’ijuru. Umu-salaba ni
3. Bararinze n’uruhafu bib’ivy’ubusa arazuka wo uzoba ku bicu urumenyetso
4. Ibipfukamunwa ntivyabujij’iryo zuka kumenyekana+R’ rw’aho aganza vyose. Abamwanki-
ye, babe bavumwe, n’abana biwe
5. Mukristu nawe shingir’intah’izuka rya Yezu. banezerwe.
6. Yezu ni muzima ubu no mu myaka yose+R’

You might also like