You are on page 1of 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr

27/4/2014

IDOMI IKA YA KABIRI YA PASIKA Umwaka A

17/14

Umunsi wImana wa Yezu Munyakigongwe.


Urukundo nikigongwe birajana. Uwutagira urukundo ntagira nikigongwe. Imana yaradukunze nurukundo ntangere, iraturekurira bimwe bitangaje. Abantu tubana nabi kuko tutazi kurekuriranira. Nico gituma Yezu yashimye ko muri Ekleziya boshinga umunsi wukuzirikana ikigongwe cImama. Ukwemera ikigongwe cImana kuratubera isoko ryurukundo ngo natwe turekuriranire. Kugira ngo uwo mugambi wImana utere imbere muri Ekleziya, Imana yatanguye gutora umubikira yitwa Faustina Kolowaska ngo amenyeshe abantu ico cipfuzo cImana. Mama Faustina yari umubikira yicisha bugufi cane, yibona nkumuntu muto cane. Mugabo nka Bikira Mariya, nta kindi yashaka atari ukugamburukira Imana. Umunsi umwe Yezu yashimye kumwiyereka aciye kuri iyo shusho, ku buryo abona imishwarara imeze nkamababa ava ku mushaha wiwe amwe yarera ayandi agatukura. Ayera amenyesha amasakramentu nubweranda, ayatukura amenyesha urukundo Yezu adufitiye. Aca asaba Mama Faustina ngo arondere umuntu azi gucapa ngo akore isanamu yivyo yabonye, gurtyo iyo shosho isigure ikigongwe cImana. Mu mwaka w1940, indwano yisi yose imaze gutangura, abakristu baragize ubwoba bwuko abatemera Yezu bazohava bonona iyo sanuma, baca barayinyegeza. Amahoro amaze kuboneka baciye bagarukana iyo sanamu aho yari iri. Papa Yohani Paulo wa kabiri yitegereje ingene abantu bakwiye kuzi-rikana ikigongwe cImana, yaciye ashinga ko Idominika ikurikira Pasika abakristu bozirikana ikigngwe cImana. Papa Yohani Paulo wa ka-biri ntiyashinze gusa uyu munsi wikigongwe cImana, yaraduhaye nakarorero kukurekuriranira. Mu mwaka w1983, umuntu yitwa Ali Agca yaramurashe gatatu ninkoho arakomereka, aca agwa hasi. Ariko naho yaguye hasi, Papa Yohani Paulo wa kabiri ntiyapfuye. Abapolisi ntibatevye gutora uwo yamurashe, baca bamujana kumufunga. Abacamanza nabo baciye bamucira ugupfungwa gushika gupfa kwiwe. Papa Yohani Paulo wa kabiri hakuryoherwa nuko bamufashe bakamuhana, yagumye amusabira. Umunsi umwe Papa Yohani wa kabiri yasavye ngo bazomureke azoje kuramutsa mu munyororo uwo nyene yamurashe gatatu arondera kumwica. Murabe kuri iyo foto ingene Papa Yohani Paulo wa kabiri yasanganiye Ali Agca nurukundo nikigongwe ntangere yigana ikigongwe Imana idufitiye. Yaramugiriye ikigongwe hamwe nabandi bose bamwoheje kumwica. Ntibidutangaze rero ko uyu munsi Papa Fransisiko agiye gutangaza icese ko Papa Yohani Paulo wa kabiri ari mu beranda bImana mu bwami bwijuru. Ese ikigongwe cImana twabonye kandi nikigongwe ca Papa Yohani Paulo wa kabiri cotera imbere mu mibano yabakristu no mu gihugu cose cUburundi. Dusabire abantu bose bagifise inzigo yakazikira, nabo bose bashaka kugirira nabi abo badasangiye ivyiyumviro, imigambi nibindi. Abatumvikana batarekuriranira ni benshi cane. Birateye intimba nukubona ingene abitwa abakristu bagenda kwambika ibara abandi mu kwihora kuko batumvikana. Papa Fransisko yama asemerera ati: Imana ntiruhishwa nugutanga ikigongwe! Mugabo twitegereje ukuntu twebwe abantu tubana nabi, twokwemeza ko bitugora gutanga ikigongwe kuko urukundo rwacu rudashemeye. Ese iyi dominika ya Yezu Munyakiogongwe yodufasha gutera imbere mu kurekurira abatugiriye nabi. Abakera barayamaze bati: Intibagira ntibana.

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA


IDOMI IKA YA KABIRI YA PASIKA -A IGISOMWA CA MBERE :Ibik. 2, 42-47 . Abari basangiye ukwemera bari basangiye n'itunga Ivyo dusoma mu gitabu cIbikorwa vyAbatumwa Abigishwa barashishikara cane mu vyo kwigishwa nAbatumwa nukugira ubumwe, mu vyo kumanyura umukate nugusenga. Kandi, ibitangaro nibimenyetso vyinshi bikagirwa n'abatumwa. Bitayeko, abari basangiye ukwemera bari basangiye nitunga: baramuka baguze ivyo batunze canke ivyimburwa, bagasabikanya ikiguzi, umwumwe akaronka ivyo akeneye. Bama mw'isengero iminsi niyindi, kandi bashize hamwe; utwo bafungura imuhira badufungurana urweze n'umutima mwiza. Uko niko bama baninahaza Imana, bagakundwa nigihugu. Umukama na we yama yongera iminsi yose kuri uwo muryango abo yitoreye. IGISOMWA CA KABIRI : 1P. 1, 3-9. Imana yarasubiye kuturema kubw'izuka rya Yezu Kristu mu bapfuye ngo turonke ukwizera gukomeye Ivyo dusoma mwibaruwa 1 ryUmutumwa Petero Imana Se wUmukama wacu Yezu Kristu, nihezagirwe! Ku kigongwe cayo, yarasubiye kuturema kubw'izuka rya Yezu Kristu mu bapfuye, ngo turonke ukwizera gukomeye, duhabwe rya toranwa ridatituka, ritagira akanenge mwabikiwe mwijuru, mwebwe ububasha bwImana burorereje gukiza kubera ukwemera kwanyu, mu gihe cimperuka. Ivyo birabanezereza naho nyene ubu mukibabazwa namakuba atari make, kugira ngo ukwemera kwanyu kurusha igiciro inzahabu bacishije mu ruganda kuze kubatera ishimagizwa, ininahazwa niteka ku munsi Yezu Kristu azokwihishurira: uyo Yezu, muramukunda naho mutigeze mumubona, kandi nubu naho mutaramubona, muramwemera, mukanezerwa akanyamuneza katavugwa kandi kuzuye ubuninahazwa, kuko muzi neza ko muzoshikira iherezo ryukwemera kwanyu aribwo bukiriro bwimitima.
Umusi wImana wa Kabiri wa Pasika. Umusi wImana wikigongwe cImana. Yezu araza ahagarara hagati mu bigishwa biwe ababwira ati: imugire amahoro!Abigishwa babonye Umukama barahimbarwa. Yongera ababwira ati: Imugire amahoro! Kumwe Data yantuma nanje niko ndabatumye. Arabahuha, avuga ati: imuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako nabo bizobagumako. Muvukanyi dusangiye ukwemera izuka rya Yezu Kristu Umucunguzi wacu, ingo tuzirikanire hamwe iri jambo ryImana kuri uyu musi wImana witiriwe Ikigongwe cImana. Nkako kuri uyu musi Yezu arerekanye ko ahaye abatumwa biwe ububasha bwugukura ibicumuro vyabantu ku bantu bemeye kuvyigaya. Ni aha avuze, ati: Abo muzorekurira ibicumuro bazoba

I KURU ZIZA: Yo.20, 19 - 31 . Iminsi umunani iheze, Yezu araza Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Yohani: Ku mugoroba wuyo munsi ariwo mubarwa wa mbere mu ndwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayahudi. iho rero Yezu yaza, agahagarara hagati muri bo ababwira ati: i mugire amahoro! Avuze artyo, abereka ibiganza vyiwe nurubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa. Yongera ababwira ati: i mugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje niko ndabatumye. Ababwiye ivyo, arabahuha ati: i muronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo bizobagumako. Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ariwe bita Didimo, ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: Twabonye Umukama, abishura ati: tiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro zayo, nurushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera. Iminsi iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo, ati: i mugire amahoro Hanyuma abwira Toma ati: Shira urutoke ngaha: ng'ibi ibiganza vyanje; zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko wemere. Toma amwishura ati: Mukama wanje, Mana yanje! Yezu na we amusubiza ati: Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ataco barinze kubona. Hari n'ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y'abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w'Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw'izina ryiwe. babirekuriwe, abo muzobigumizako nabo bizobagumako. Koko uyu musi twigine ikigongwe cImana, yo yama itugirira ikigongwe ku bubegito bwacu butubuza kuyemera mu kudaserura ukwemera kwacu mu bikorwa. Akarorero ni aka ka Toma, umutumwa wa Yezu, yatowe na Yezu, akigishwa na We, akamenyeshwa na We ko Yezu yategerezwa kubabara, akicwa, hanyuma ku musi ugira gatatu akizura mu bapfuye. Toma yaravyumvise, ariko ntivyamushika ku mutima, gushika naho yanka kwemera ko Yezu yazutse, abibwiwe nabandi batumwa, akavuga,ati: Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro zayo, nurushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera. Yezu yaramugiriye ikigongwe aho abonekereye abatumwa biwe ubwa kabiri haciye imisi umunani, Toma akabona kugaragaza ukwemera kwiwe mu kuvuga ati: Mukama wanje, Mana yanje. Ukwo kwemera kwa Toma, naho yakugaragaje abanje kubona, Ekleziya yarakugumije, nubu ayo majambo yukwemera ya

Toma turacayavuga harya Umuseserdoti akirije ihostiya ntagatifu, umubiri wUmukama kwikonsekarasiyo, tuti: Mukama wanje, Mana yanje. Kuri uyu musi, reka dutangarire Uwazutse adusanga aho turi hose. Umusi wikigongwe cImana uhimbazwa kuva mu mwaka wibihumbi bibiri (2000). Kwitariki 22 zukwezi kwa kabiri mu 1931, Yezu yiyeretse umubikira Faustina KOWALSKA, mu mubano wababikira wi Plock mu Bupolonye, araheza amuskikiriza ubutumwa bwikigongwe cImana. Yezu yavuga ati: Ndashaka ko hoba umusi mukuru wIkigongwe cImana. Ndashaka ko Umusi mukuru wIkigongwe cImana woba ubuhungiro naho imitima yose yirukira, cane cane abacumuzi. Yezu akabandanya avuga, ati: Kuri uyo musi ikigongwe canje cose kiriserura, ngashungururira urutaro rwuzuye inema ku mitima yegera isko ryikigongwe canje; umuntu uwo ariwe wese azokwirega kandi agasangira azoronka ikigongwe cuzuye cibicumuro vyiwe akire nibihano vyojanye na vyo; kuri uyo musi amasko yose Imana icishamwo inema arugururwa. Ntihagire rero umuntu numwe atinya kunyegera, naho ibicumuro vyiwe vyoba nkintukuzi yamaraso. Umusi mukuru wikigongwe wavutse mu bura bwanje ngo ubere isi yose uruhoza kandi urahamye ibwina bwurukundo rwanje rutagira iherezo. Abantu bazoronka amahoro ari uko bahindukirije umutima wabo kwisko ryikigongwe canje. Turatumiriwe rero, mukunzi wImana, kurya kwa Toma, kuja guhwana na Kristu yazutse, ngo twongere tumumenye, kandi twubahuke tugaragaze ukwemera kwacu, tuti: Mukama wanje, Mana yanje. Toma ni umuvunyi wabo bose bakekereza mu kwemera kwabo, bashaka kwemera babanje kwihweza neza bagasuzuma ko ico bashaka kwemera ari co, bashaka kwemera babanje kubona ivyemezo. Ariko rero ukwemera izuka rya Yezu Kristu ntibisaba kurinda kumenya ingene yazutse, abobitubwiye neza ni barya barinzi bari bacunze uruhapfu rwa Yezu, ariko urabona ingene baronse igipfukamunwa, bakemeza ko ari abatumwa biwe baje kumwiba basinziriye. Ico kinyoma kigakwira mu bayahudi bose. Yezu aratwigishije nubundi buhi-

rwe bushasha: Hahiriwe abemera batarinze kubona. Yezu yazutse yariyeretse wa mugore yari yazindutse ku ruhapfu, ariyereka abigishwa bI Emawusi, ariyereka abigishwa biwe ku mugoroba wizuka ryiwe, ico gihe Toma atariho ari. Natwe twemera dufatiye kuri iyo ntahe yAbatumwa, naho tutarinze gukoza iminwe yacu mu ntoboro za ya misumari, ngo dushire ikiganza cacu mu rubavu rwa Yezu. Toma amaze kwibonera intoboro za ya misumari, yaremeye ubutacisubirako, kandi amaze kumera nkabandi batumwa, yabaye icabona ca Kristu yazutse, ata bwoba agifise, atagitinya guterwa ubwoba nabansi. Ugukekereza kwiwe, ari na kwo gushobora kudushikira na twebwe nyene, kwahindutse ukuri nukwemera kutayegayega, mu kwatura akavuga, ati:Mukama wanje, Mana yanje. Umukiza yazutse yarashimye iryo garagazwa ryukwemera rya Toma naho atarishimagije kurya yabigiriye Petero avuze, ati: Uri Kristu, umwana wImana nzima. Yezu aca yerekana agaciro kukwemera kutarinze ibimenyetso, ukwemera kwa buriho, ukwemera kwubwo nyene nka kurya kwabemeye nabazokwemera batarinze kubona. Turahiriwe rero twebwe, naho tutarinze kubona Yezu muntu, tumwemera kandi tukemeza ko ari Imana yukuri nUmuntu wukuri, Umukama wacu nImana yacu. Umwanditsi wiyi njili yatumenyesheje ibikwiye kugira ngo tujijuke ko Umukiza wacu ari Imana kandi kugira ngo uwo wese ashaka kwemera Yezu amenye ko ata wundi abantu bazeyeko urukiza, ata rindi zina munsi yijuru, rishobora gukiza, atari izina rya Yezu. Dusome rero Ijambo ryImana dushirutse ubute kandi nicubahiro, dushaka kumenya neza Yezu Kristu, kugira ngo kubera ukwo kwemera, ukwemera kubonekera mu bikorwa, dushobore kuronka ubuzima nikigongwe kwizina ryiwe: ubuzima bwumutima muri ubu buzima bwaha kwisi, nubuzima budahera mwijuru. Yezu, wewe wazutse ngo ukomeze ukwemera kwacu nugukabura ukwizigira kwacu, turakwemera kandi turagusenga numutima wacu wose, kuko uri Kristu, umwana wImana nzima; ni ukuri uri Umukama ukaba nImana yacu.Patiri Ildephonse.

Mama Faustina Mweranda dusabire. Yavukiye mu gihugu ca


Pologne igenekerezo rya 25/8/1905. Yareranywe indero nziza mu muryango wagutse. Ntiyashoboye kwiga amashure menshi biturutse ku bukene bwabavyeyi biwe. Amaze imyaka 20, yagiye kwihebera Imana mu muryango wababikira bumugabekazi wikigongwe (congrgation des Religieuses de Notre Dame de la Misericorde). Ivyo bamushinga vyose yabikorana akanyamuneza atekanye kandi akitwararika no gushikiriza neza ibisabisho vyiwe Umukama. Yabera akarorero keza abamuzi bose. Naho yari umuntu muto muto, wamagara make, inkengerwa mu vyisi, Yezu niwe yateye iteka amugira umutumwa akomeye wikigongwe ciwe cintakama. Kristu yarahavuye amuronsa ubutumwa bwikigongwe cImana. Nabwo nubu: Kwibutsa no gukwiza hose ukuri kwivyanditswe vyeranda ku bijanye nurukundo nikigongwe Imana ifitiye umuntu wese; gusabira isi yose ngo isagwe nikigongwe cImana no gufasha isi yose kwambaza ico kigongwe, na cane cane mu buryo bukurikira: 1. Guha icubahiro isanamu ya Yezu Munyakigongwe. Iyo sanamu yanditseko ngo Yezu ndakwizigiye; iriko imishwarara yera niyitukura iva mu mushaha wa Yezu, ni ikimenyetso camazi namaraso vyavuye mu mushaha wa Yezu igihe asogoswe icumu ku musalaba, kikongera kikaba nikimenyetso curukundo nikigongwe vya Yezu yatwitangiye. 2. Guhimbaza umusi mukuru wikigongwe cImana kuwImana ukurikira Pasika; 3. Gutanguza Imisi icenda yo kwambaza ikigongwe cImana kuva ku wa gatanu mweranda, iyo misi igaherana nuwo musi mukuru wikigongwe cImana. 4. Gutanguza Umuhari wa Yezu Munyakigongwe.

DUSHEMEZE IMA A KU MU SI KU MU SI
27/4 D 28/4 L 29/4 M 30/4 M 1/5 2/5 3/4 2 PASIKA-A Ibik.2,42-47; Zab.117,2---24 1P1,3-9; Yo.20,19-31 Zita Ludoviko Mariya Katarina Piyo wa 5 Yozefu umukozi Atanazi Filipo na Yakobo Ibik.4,23-31; Zab.2,1---9 Yo.3, 1-8 Ibik.4,32-37; Zab.92,1-2.5 Yo.3,7-15 Ibik.4,17-26; Zab.33,2---9 Yo.3,16-21 Gn1, 262,3; Zab.89,2---16 i muronke Mutima Mutagatifu. Abo muzorekurira ibicumuro bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako nabo bizobagumaka

J V S

Uwudasubiye kuvuka ku bwamazi na Mutima ntashobora kwinjira mu Bwami bwImana. Ikivyawe numubiri ni umubiri Umuyaga uhuhutira aho ushaka kandi wumva ijwi ryawo, ariko ntumenya iyo uturutse, nuwuvyawe wese na Mutima nuko ameze Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo gucira isi urubanza, yamara yamurungitse ngo akize isi Umuhanuzi ntiyigera aninahazwa mu gihugu yavukiyemwo no mu muCol.3,14-15.17.23-24; Mt13.54-58 ryango iwabo. ta bitangaro vyinshi yahagiriye kubera ubugaba bwabo Ibik.5,34-42; Zab.26,1.4.13-14 Yezu yakira ya mikate, akengurukira Imana, ahejeje ayigaburira nya Yo.6, 1-15 bantu; yongera agabura na za fi nyene; bose bageza aho bashaka 1 Co.15, 1-8; Zab. 18, 2---5 Jewe ndi Inzira, nUkuri ,nUbuzima; ntawuja kwa Data, atanciyeko. Yo.14,6-14 Ko mwamenye, muzomenya na Data.

takibuza ko tuzoba basamurarwa bijuru. Ku musi wImana twahimbaje umusi muku-ru uhambaye cane wa Pasika ariwo shingiro ryukwemera kwacu muri Ekleziya Gatolika. Utwibu-tsa kwizura mu bapfuye kUmukama wacu Yezu Kristu. Uranyibutsa nanje umusi uhambaye wa-ho nahabwa ibatisimu kuko ariwo musi ninjira mu gitigiri cabana bImana aribo ba samurarwa bijuru. Yezu yabambwe azira iki? Yezu yabambwe azira ukwemera nurukundo afitiye Mana Se ariwe Dawe wa twese, yabambwe azira ubugamburutsi. Mu migenzo nimico vyaha iwacu, iyo umuntu umwemera kandi umukunda, utegerezwa nukumugamburukira mu vyo agutumye vyose. Ivyo nivyo Yezu Kristu yakoze. Ninsiguro yuko natwe hari ico dupfana nawe. Urwo rukundo nirwo kandi Mana Data adufitiye. Dutumirirwa natwe kwemera uwo Data yatumye kandi tukamwumvira kuko nimiyaga hamwe nibihuhusi vyaramwumviye kandi bitagira amatwi. Uko niko tuzoguma muri rwa rukundo. Yezu yabambwe nagakengerwe, ubwibone nagasuzuguro vyacu. Twebwe ntitwigeze dushaka gutahura ko ariwe Mana Mwana naho ibikorwa vyose yakora vyabiranga. Abico gihe baciye batangura kumubonamwo abo bagendana naho agendera: abasuma, abasambanyi, abambuzi, abicanyi, ngo agendera mu bapagani, ngo atumirwa nabatozakori,...Bo bibaza ko Mesiya azoza ngirango nindege nizindi ziyiherekeje, ntibategera ubutumwa bwiwe. Mugabo we yahereye kuryama mwibuye, agendera mu bwato busanzwe bwabarovyi, yagize naho ngo arateye imbere agendera ku ndogobwe abandi bagendera ku mafarasi. Naho Yezu ataje nkuwuhambaye, aratubwira ati: Nyemera kuko uwunyemeye azobaho. Kuko ndiho na mwebwe muzobaho (Yo.14,19), intungane izobeshwaho nukwemera kwayo, nimukundane nkuko nanje nabakunze, ni mungamburukire kuo muzoba mugamburukiye uwantunye. Bavukanyi bene wacu, ntakibuza ko tuzoba basamurarwa bijuru, kuko twese twaremewe kuba beranda. Nimuze twimenyereze gusoma Inkuru nziza ku musi ku musi kuko niho tuvoma uguhurumbira ubweranda, niyo ngaburo yabari kurugendo bagana uwabaremye. Bibiriya tumenye ko ukuyimenya atari ukuyiga gusa ahubwo nukuyisoma kenshi uzirikana. Reka isi imenye ko nkunda Data nkongera ngakora nkuko yantegetse. (Yo.14,31). Yezu yakunze Se yongera aramugamburukira. Ese natwe twomwigana. YA DWI Sylvestre (Tl.76955085) Paroisse Kanyosha. I MUKU DA E KUKO A JE ABAKU ZE (Yo.13,34). Bavukanyi, bakundwa bImana, Umukama Imana aradusaba kuba beranda nkuko nawe ari mweranda (Mt.5,48). Mu kuba beranda, dusabwa gukundana hagati yacu tutaravye iki canke kiriya, atakuvangura. Muri ibi bihe turimwo, ijambo urukundo riravugwa cane kandi rirakoreshwa cane. Icibonekeza nuko abarikoresha bariha insiguro zitandukanye bivanye nico umwe wese ashaka gushikako. Urwaruka rurakoresha cane ijambo urukundocanke gukunda, bagahendana maze bagasanga baguye mu busambanyi. Ubwo nabwo ni icaha gisambura umubiri nawo usanzwe ari ingoro ya Mutima Mweranda. Abakobwa baratwara inda zindaro, harimwo abafatwa nindwara zitari nke maze ubutunzi bwumuryango bukahahonera. Rwa rukundo ruyagwa ku munwa ruhinduka amarira, abahora bavuga ngo barakundana bagakebana nkinkoko nakagomba, bagatandukana umwe wese akagorerwa aho asanzwe abaye. Ba bigeme batwara inda barahagorerwa, hari nabadasubira ku mashure iyo bari basanzwe biga, ubuzima bwabo bukaba bubaye nabi mu kanya gato bazi ko bariko bararondera umunezero. Yezu ati: i mukundane nkuko nanje nabakunze(Yo.13,34). Urukundo atuyagira kandi adutegeka kugira ruratandukanye nurwo rwavuzwe hejuru. Nurukundo rwihangana, rugira neza, rurinda vyose, urukundo rudahera (1co13,7-8). Bene urwo rukundo ntirurondera inyungu, ntirurondera amaronko. Urwo rukundo ruragaragarira mu kurondera no mu kugendera amabwirizwa yImana na Ekleziya, maze tukaba intungane aho tubaye, mu vyo dukora, mu buzima bwa misi yose. Yezu ati: Urukundo mufitaniye nirwo ruzorangira bose ko muri abigishwa banje. Biragoye gusigurira umuntu ko uri umukristu ariko ingeso mbi zose zibarizwa iwawe, ataco wibanga. Abakorera mu biro, bakiriye neza ababagana baba berekanye ko bitayeho abandi maze bakabagaragariza urwo rukundo. Yezu yaratugaragarije urukundo nyarwo mu kudupfira ku musaraba kugira ngo aducungure, turonke ubuzima. Imana niyo yatweretse urukundo nyarwo eka mbere nurugero twokundana, yarakunze isi gushika itange umwana wayo wikinege. (Yo.3,16). Muri iki gihe ca Pasika twitandukanye nivyo vyose biteye kubiri nurukundo nyarwo, na none udakundana ntiyamenye Imana kuko Imana ni Rukundo (1Yo.4,8). Tumenye gutunganya ubuzima bwacu. Fratri Sadith KE EMA A-Iseminari kuru yi Bujumbura. DUCISHEMWO DUTWE GE: Umwigisha yabajije Hanyuma umwigisha ati: Ubu rero ko muzi aho umunyeshule yitwa Alberto ati: Woja ku kibaho Amerika iherereye, mwombwira umuntu yubuye kutwereka kwikarata ndondabihugu aho Amerika iri? Amerika? Ishule ryose rica ryishurira rimwe riti: i Alberto aragenda hanyuma ashira urutoke kuri Amerika. Alberto yayubuye.

You might also like