You are on page 1of 1

Umugabo wa nyina. Ikirumbo.

La foi ni ikimenyetso co kurumbira mu mana canke kurumbira


Imana. Iyo umuntu mu gihagararo yakuze ariko akaguma yumva adafise amahoro ataravugana
na nyina, akaguma yumva ataryama ngo aribone atarabonana na nyina, akaba atarya, anywe
amererwe neza atabihawe na nyina, aba yararumvye; aba yarazingamye. Bavuga ngo igito
gitabwa iwabo, Imana nta kundi yobigira kuko iba yaragendesheje nyene. Ubwo bivugwa ko
Imana yaduhaye ubwigenge, ni habeho kwubahana, umuntu namenye kwiyubahisha, n’Imana
bizoyishimisha. Gutemberera Imana ndumva vyumvikana, kuyitumira ndumva vyumvikana,
kuyisaba intererano navyo ndumva vyumvikana. Ariko guhora umuntu ayisega akanasegerereza,
ntivyumvikana. Umwana afise imyaka y’ubukure akomeza gutega amashi abavyeyi abatera
agahinda ntakindi. Imana itubabarire kuko twanse gukura. Idukize ubwoba butubuza kuba abantu
bakuru. Amen

You might also like