You are on page 1of 1

ISHENGERO RY’ABADVENTISTE Bujumbura,Ku wa / /2023

B’UMUSI W’INDWI MU BURUNDI


MISIYONI YA BUJUMBURA (MISOB)
INTARA MVUGABUTUMWA YA Kamenge
ISHENGERO RYA GAHAHE
Kuri Musitanteri wa Commune
Ntahangwa

Imvo : Gusaba uburenganzira bwo gukorera igikorane


c’Ivugabutumwa mu Kibanza kiri mu Carama

Turabaramukije amahoro ava ku Mwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abane namwe.
Turi n’iteka ntangere ryo kubandikira rino kete m’ubwubashi ntangere kubw’Icubahiro
mwahawe n’Imana twipfuza kubashikiriza igisabo cacu.

Nkuko Umwami wacu Yesu Kristo abidutegeka muri gitabo ca Matayo 28:18-19 ko
dutegerezwa kuvuga ubutumwa mu mpande zose z’Isi,nimuriyo ntumbero twipfuje gukorera
ivugabututumwa ku kibuga rusangi kiri iruhande mu Carama iruhande ya Maison Palma,Ico
gikorane kikazomara indwi zibiri,Kizotangura Itariki 19/8/2023 gushika 2/9/2023.

Turangije hano twizera ko muzozirikana iki gisabo cacu kubw’Igikorwa c’Imana,Murakoze


Imana Data wa Twese ihezagire ibikorwa vy’amaboko yanyu kandi Ibahe ubwenge,Ubutwari
n’Ubushishozi mukurongora Abenegihugu mwasizwe imbere.

Abakuru b’Ishengero:

IZONTUNGA Espoir

Hon. AHINGEJEJE Alfred

ITANGISHAKA Esthérique

Umunyamabanga w’Ishengero
BIZIMUNGU Roth

Amakopi ahawe:

1. Umukuru wa Zone Kinama


2. Commissaire Communale wa Kinama
3. Chef de Poste wa Kinama
4. Chef de Quartier Carama

You might also like