You are on page 1of 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr

"Nukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

9/10/2011 IDOMINIKA YA MIRONGO IBIRI NUMUNANI -Umwaka-A N39/2011 Ihwaniro mpuzamakungu ryUrwaruka i Madrid : Aho Imana iri ni agatangaza
Murazi ko i Madrid haheruka kubera ihwaniro mpuzamakungu ryurwaruka rirongowe na Papa Benedigito wa 16. Ica mbere cadutangaje ni ukubona urwaruka rurenga umuliyoni nigice ruvuye mu mihingo yose yisi ngo rwitabe akamo kumwungere wa Ekleziya gatolika. Ese ingene vyari bihimbaye kubona abakiri bato bangana uko baza kugaragaza ko bemera Yezu, kandi ko bashigikiye Ekleziya numwungere wayo. Ububasha bwa Yezu ni bwo bwonyene bushobora gukoranya urwaruka rwisi yose runganuko. Ubukuru Papa yahawe na Yezu, nubwo kuyobora igihugu cImana nabashaka kugendanira Yezu. Abaje muri iryo hwaniro baje bisunze ukwemera nigishika bafitiye Yezu. Icabaranga, ninyota yo kurondera Imana, ni ubumwe nakanyamuneza. Imbibe zmamuko, zamoko, zukutavuga ururimi rumwe, zabomowe nukwemera Yezu. Wamenga ni kuri wa munsi wa Pentekoti, aho abadasangiye ururimi batangajwe nuko bashoboye kuyaga bumvikana. Abatari bazinanyi na buhorobuhoro, nticababuza gushaka kwifotoreza hamwe, ngo batahane icibutso cubumwe bwabahuje. Ivyo twiboneye i Madrid vyaraduhimbaye, vyaradushitse ku nyota. Rwari urwaruka rwanyuzwe nImana pe! Baritabana igishika inyigisho zategekanijwe ngo zibafashe kwitegurira neza umubonano hamwe na Papa Benedigito. Bararinze uruzuba rukaze, mu kurorera mu mutekano ntangere ko Papa ashika ngo abayagire ivyImana. Emwe, vyari bitangaje, vyari akayoberabahinga. Kuva ku mugoroba ushira ijoro rirongora umusi wo gusozera ihwaniro, urwaruka rurenga umuliyoni nigice rwari rukoraniye ku kibuga cindege ngo basangire igiteramo co gusenga hamwe na Papa Benedigito. Igisabisho kigeze hagati, haciye haduka umuyaga wigihuhusi uvanze nimvura. Abaraho bose banyagirwa batekanye, barorera ko imvura ihita. Papa Benedigito abibonye yaciye ashimagiza ubutwari bwigaragaje mu rwaruka. Erega na we nyene yaranyagiwe. Ntiyakundiye abaje kumwungururiza mu kindi kibanza ngo imvura ibanze ihite. Yashimye kuguma mu kibanza yarimwo aturemesha. Imvura ihise, igiteramo carabandanije. Ikindi catangaje, nukubona ahantu hari urwaruka rurenga umuliyoni nigice hashobora kuba agacerere imbere ya Yezu muri Ukaristiya, iminota itatu igahera atagakoma. Abaraho baraharaye, barorereye ko buca ngo Papa Benedigito asome inkuka yimisa yo gusozera ihwaniro ryurwaruka.

Rwaruka, ni mwebwe kazoza kibihugu na Ekleziya


Papa yarasanganije igishika nurukundo Urwaruka, mu majambo aremesha, yubaka umutima. Iyumviririze namwe: Nkumusubirizi wa Petero, nipfuza kubakomeza mu kwemera. Ekleziya irakeneye ukwemera, urukundo, inguvu nububangutsi vyanyu ngo biyinagure Ese umuriro wurukundo rwa Kristu rwokwama rururumba mu mitima yanyu, ntirwigere ruzima Imana yampaye gushika ngaha ngo tubonane, tuyage twegeranye, tuzirikanire hamwe ijambo ryImana. Murarishira ku muzirikanyi, nti ribace mu myanya yintoke. Murareka iryo jambo rinage kandi rishinge imizi mu mitima yanyu. Kristu wenyene niwe azoshira amahoro mu mitima yanyu. Mwemere mumubere abagendanyi bintwari, bibanga Iyo ndamutso yashikiriye abari kwisi yose: Ndabaramukije nigishika cinshi, mwebwe mwese muva mu mihingo yose yisiEka na mwebwe nyene rwaruka mutashoboye kuba muri ngaha, ndabahoza ku mutima kandi nguma ndabasabira Urwaruka narwo, bari bafise umusesekara wakanyamuneza, bamwivuga mu gusubiramwo izina ryiwe ngo Benedigito !!! bongera bavuga bati: Nguru urwaruka rwa Papa (esta es, la juventud del papa); Papa nahangame (viva el papa).

Twumvirize iryo Imana ituyagira


IDOMINIKA YA 28 YO MU MWAKA - A IGISOMWA CA MBERE: Iz. 25, 6-10a Umukama azotegura inzimano kandi azohanagura amarira yabantu bose Ivyo dusoma mu gitabu cUmuhanuzi Izaya: Kuri urya munsi, Umukama Imana yingabo azotegurira ibihugu vyose, kuri uyu murambi, inzimano yinyama zinuze, yimivinyu iryoshe cane, inyama zinuze numuvinyu ukamuye neza. Uyo murambi azowukurako ivyambarwa vyo kugandara vyari bitwikiriye ibihugu vyose, nimpuzu yugufuba abantu yari ipfutse intara zose iyo ziva zikagera. Urupfu azorwirukana ubutakigaruka. Umukama azohanagura amarira yabantu bose, yongere akure iceyi ku gihugu ciwe cateterewe, eka agikure kwisi yose; kuko Umukama yabivuze. Kuri uyo munsi, bazovuga bati: Ngiyo Imana yacu twari tuzeyeko urukiza, Umukama niwe twari twishimiye; turanezerewe kandi turahimbawe kuko yaturokoye! Kuko ububasha bwUmukama buri kuri urya murambi. IGISOMWA CAKABIRI: Abanyaf. 4,12-14.19-20
Vyose ndabishobora muri Kristu ankomeza

Ivyo dusoma mwibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi: Ncuti zanje: Jewe ntibingora kwicisha bugufi canke kumererwa neza. Muri vyose na hose, narimenyereje guhaga no gusonza, kuba muri vyinshi no kuba mu bukene. Vyose ndabishobora muri Kristu ankomeza. Ariko rero, mwagize neza mu kuntabara mu marushwa yanje. Mu kubasubiriza mu nkoko, Imana yanje izobamara ubukene bwanyu bwose ku ngero yitunga ryayo, ibahe ititangiriye itama muri Kristu Yezu. Imana, Dawe wa twese, nininahazwe imyaka nimyaka. Amen. INKURU NZIZA: Mat. 22, 1-14 Mubwire abo mubona bose baze mu bugeni Twitabe ubutumire bwa Yezu, dufungure duhimbarwe! Ubwami bwijuru busa numwami yariko araringaniza inzimano zubugeni bwumuhungu wiwe. Mu bigize ubuzima bwabantu, harimwo imanza nimisi mikuru bituma hakorana abantu batari bake. Iyo ari imanza zumunezero hoho nkubugeni birahimbara kurusha. Muri izo manza bategura vyinshi, imfungurwa ninyobwa, ku buryo butari bumenyerewe. Uwusanganywe urubanza nawe atumira abantu bari mu migwi myinshi: abategetsi, abaryango, ababanyi, incuti nabagenzi. Muri abo, harabamwo abishikira kurusha abandi bihereye ku rugero rwimigenderanire bafitaniye nuruhara bafise muri urwo rubanza! Aho niho dusanga abatazwi, abakure canke abatobato badatumirwa, bavyumvise naho kandi bakabishobora baritumira, arivyo twita kuja kuvumba.

Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Matayo: Muri irya minsi, Yezu yishuye abakuru babasaserdoti nabashingantahe bigihugu mu kubacira uyu mugani, ati: Ubwami bwijuru busa numwami yariko araringaniza inzimano zubugeni bwumuhungu wiwe. Araheza arungika abasuku biwe guhamagara abatumire ngo baze mu bugeni, na bo baranka kuza. Asubira gutuma abandi basuku ngo babwire nya batumire bati: Naringanije inzimano, ibimasa nibindi bitungwa nabaze, vyose vyatunganye; ni muze mu bugeni. Ariko bo baravyirengagiza barigira, uri uwugiye kwirabira itongo, uri uwugiye kwidandariza; abandi na bo barafata ba basuku, barabakubita, barabica. Nya mwami ngo avyu-mve, arashavura, arungi-ka ingabo ziwe guhonya bano bicanyi nuguturira igisagara cabo. Hanyuma na ho abwira abasuku biwe ati: Ivyubugeni biri mu buryo, ariko abari batumiwe ntibari babikwiye. Genda rero mu mahwane yinzira, mubwire abo mubona bose baze mu bugeni. Nya basuku baca bihereza amayira, bakoranya abo bahasanze bose, ababi nabeza; inzu yubugeni iruzura. Umwami rero yinjiye kuraba abazimanwa, arabukwa uwutambaye ivyambarwa bikwiye ubugeni, amubwira ati: Mbega mugenzi, winjiye ngaha ute utambaye ivyambarwa bikwiye ubugeni? Uno na we aranuma. Nya mwami abwira abasuku biwe ati: Ni mumubohe amaboko n'amaguru, mumute hanze mu mwijima, iyo aja kuririra akomanya amenyo. Kukaba nkako rero, hahamagarwa benshi, hagashimwa bake. Imana yashimye kubana natwe, igasangira ubuzima natwe, ikunda kutwigisha ikoresheje ubuzima bwacu nyene. Imfungurwa nayo irafise ikibanza gihambaye mu nyigisho zayo. Yezu yarasangiye imfungurwa nabantu, mbere babayabaye (Mk.2,15-17); yaragaburiye abashonje imfungurwa yumubiri, aberekeza ku mfungurwa yumutima (Yoh. 6,1-15.32-59). Erega nubuzima bwiwe bwubutumwa mu bantu buzotangurwa nukuja mu rubanza gushigikira abageni bi Kana (Yoh. 2,1-11). Hariho rero agaheta! Aradutumira mu musi mukuru wubugeni, aho inzimano aturonsa itumenyesha urukiza nubwami bwijuru, hakaba hahiriwe abazoyitumirwamwo (Ivyah 19,9)! Duhiriwe duhishije kandi hakiri kare, kuko yama yayidutumiyemwo, inkuru nziza ya Matayo nayo ikaba yabitweretse ido nido. Naringanije inzimano, ibimasa nibindi bitungwa nabaze, vyose vyatunganye: ni muze mu bugeni (Mat. 22,4). Abanza mbere gutumira abaryango, abishikira, ba bana bo munzu. Muri iyo nzimano, ntaco umuntu asabwa kandi ntaco akora ngo aruhe, ku buryo

twovuga ko mu kwihereza azoba ariko arihungura akuya. Ico umutumire asabwa ni ukwemera, ukwizigira nugukunda uwamutumiye. Erega Yezu aza kurangura ivyabuwe nabahanuzi: kwegera isoko, tugafungura kandi tukanywa ata kiguzi dutanze (Izaya55,1). Igitangaje nuko bamwe batitavye, abandi bagafatirwa nivyo basumbisha iyo nzimano. Abo ni bamwe duhimbarwa nivyo turimwo tukibaza ko bidukwiye, tugaca twiyobagiza ubwo butumire, canke naho tukaguma twuza umwizero wuko ibibanza turimwo namateka bijanye ari ingwati yibindi vyose, nubwami bwijuru burimwo. Akarorero ntikari kure: ni wa mufarizayo yabona ko vyose yaronse, yumvise Yezu avuze abo twotumira mu misi mikuru, agaca yungamwo ati: Hahiriwe uwuzozimanwa mu bwami bwijuru (Lk.14,15). Mu karere Yezu yakuriyemwo, kwanka ubutumire cane cane iyo buvuye ku mukuru birahanwa bidasanzwe. Yezu we ni wa mukuru ashima kudukorera, yitonda kandi akicisha bugufi bivuye ku mutima (Mat.11,29), nico gituma arekera ubwigenge abari batumiwe ntibitabe. Ariko kandi, kubera ko iwe ata baza kuvumba, bose bahawe ikaze, inzimano nayo ikaba yama itunganye, aciye ayitumirira abandi ataco bari biteze, bariko bari-

temberera mu mahwane yinzira, hakabamwo abeza nababi. Ndiko ndabona akanyamuneza baciye bagira! Ni ka kandi uwuje kuvumba, agaheza akaguma kure arunguruka, kuko kumbure acoceye, ariko kandi kuko atari mu batumire ba mbere, nyenurubanza yamuhamagara ngo amuhe icicaro akagenda singishika singishika, akumva arahimbawe, asubiye inyuma naho akagenda arivuga amazina! Ivyo navyo bikatubera inyigisho: abatumiwe ubwa nyuma nibo bitaba kandi bakazanana igishika nugushaka. Yezu nawe araheza akabatangako akarorero: abambere bazoba abanyuma, abanyuma nabo babe abambere (Mat.19; 30). Ubwa mbere abo yatumiye yabahamagaye kabiri(Mat.22,3-4) nkuko babigenza i Yeruzalemu. Ubu mu kudutumira ntarambirwa kugira ngo dutore ikiruta ikindi, ntidukoreshe umwanya wacu mu vyo twiboherako birariye guhera, ngo dusange abatozakori nabanyakabi badutanze muri iyo nzimano yubwami bwijuru (Mat.21,31), hanyuma tuzorondere kwisigura mu kudondagura ivyo twakoze, nawe atubwira ko atatuzi. Mbega yemwe ninde atokwitaba iyo nzimano itumenyesha akanyamuneza kumuzo wa Kristu nivyiza atuvyagizamwo, ari navyo biduha iyo ngwati yubuzima bwamaho?

Yezu Kristu yaritanze ku musalaba ngo aduhe urukundo rwiwe.


Mwihwaniro mpuzamakungu ryurwaruka riheruka kubera i Madrid, harategekanjijwe igisabisho cinzira yumusalaba. Indinganizo yico gisabisho yari iyuko kibera hagati mu gisagara ca Madrid, ku mugaragaro. Hari hategekanijwe abatwara umusalaba ku cibukiro cose. Icibukiro cose muri birya 14 caserura ubwoko bwingorane, bwimitwaro, bwamananiza buranga igihugu catowemwo abatwara umusalaba. Abarundi nabanyarwanda badusangije kwikorera umusalaba ku cibukiro cicenda; cari cerekeye aho Yezu bamwambura ivyambarwa vyiwe. Abateguye iyo nzira yumusalaba babonye ko ico cibukiro cicenda gifitaniye isano hamwe namabi avugwa ku bihugu vyacu ( Uburundi nUrwanda) ayajanye nubwicanyi, uguhohoterwa mu buryo ubwari bwo bwose, cane cane ugukorerwa ivya mfurambi. Murako kanya rero, twovuga ko Ekleziya yo kwisi yose yari yerekeje igisabisho cayo ku Bihugu vyacu; nayo ikaba yari iserukiwe na Papa ubwiwe, abepiskopi, abasaserdoti, abihebeyImana, abashinzwe ubutumwa mwEkleziya nisinzi ryurwaruka baraho. Ibindi vyibukiro vyari vyerekeye imisalaba abantu bikoreye mu buryo butandukanye: Amacakubiri mu bemera, ugutotezwa kwabemera, ingwano zurutavanako, ubutimbe mu kwemera, kuba impunzi canke umwimukira, gukumirwa mu buryo butandukanye, agacinyizo kintwaro zigwanya ukwemera, ukubura akazi, gucinyizwa ningwara canke ubumuga, ingwara zintakira nka sida nizindi, ubukene ninzara. Twese twari tunywaniye mu gisabisho dusabiranira, dufashanya guhereza Imana imitwaro itandukanye yo mu bihugu vyacu nimibano yacu. Papa Benedigito nawe ati: Ni muhange Yezu ku musalaba, tumusabe aduhe ubwitonzi mu misalaba tubamwo. Urukundo Yezu yadukunze gushika aho ababara, akabambwa ku musalaba akongera agapfa ku bwacu, ni rudutume natwe kugira umutima wo kubabarana, wo kuba hafi yabaruhijwe ngo tubarasaneko.. Ni twerekeze amaso kuri Bikira Mariya, we muvyeyi twagabanye musi yumusalaba, kuri Kalvariyo. Ati duciye mu magume yububabare, tumusabe adukingire, adufashe kuguma duhagaze mu kwemera, kwigumya nkuko yabigize, turi kumwe nawe musi yumusalaba. Imana ntiri kure yacu mu mitwaro yacu no mu magume turimwo.

Usabire bagenzawe bitiranwa nabo beranda


Umusi Aberanda dusaba
Ku wImana, 9/10 Deniziyo Ku wa 1, 10/10 Fransisko wi Borijiya

Ku wa 2, Ku wa 3, Ku wa 4, Ku wa 5, Ku wa 6,

11/10 12/10 13/10 14/10 15/10

Firmino Sraphin, Wilfrid Edouardo, Yanwari Kalisto, Yusto Tereza wi Avilla

Injili yuno musi Mt. 22,1-14 Ni mumubohe mumute hanze mu mwijima iyo aja kuririra Lk. 11, 29-32 Uru rwaruka ni urwaruka rubi, rurondera ikimenyetso Lk. 11, 37-41 Mwebwe Abafarizayo, mwoza urwato ninkoko inyuma gusa Lk. 11, 42-46 Muragowe mwa Bafarizayo kuko mukunda ibibanza vyimbere Lk. 11, 47-54 Muragowe mwa bigisha kuko mwatwaye urufunguruzo rwubumenyi Lk. 12, 1-7 Ico muzoba mwavugiye mu muzimagiza bizotangazwa izuba ryaka Lk. 12, 8-12 Uzonyemera wese imbere yabantu,Umwana wumuntu azomwemera....

Yezu arabakunda. Mu gusozera ihwaniro mpuzamakungu ryurwaruka ryabereye i Madrid mu kwezi guheze, amwe mu majambo Papa yabashikirije ngo abaremeshe naya: Rwaruka nkunda, Ndiko ndabihweza aha mukoraniye, ingene mwasidukanye niyonka muvuye mu mihingo yose yisi. Umutima wanje urahimbawe no kubabona; nca mbona urukundo nigishika Yezu ariko arabarabana. Ego cane, Umukama arabakunda, abita abagenzi biwe (Yoh.15,15). Araje kubasanganira, ashaka kubaherekeza ku rugendo murimwo, ngo abashikane mu buzima bwuzuye, aberekeze kwa DataRwaruka, uyu musi Yezu arababaza nkuko yabajije abatumwa, ati: Mweho muvuga ko ndi nde? Ni mumwishurane urukundo nubutwari nkuko bibereye abafise umutima utarakomantara. Umwe wese namubwire ati: Yezu, ndazi ko uri Umwana wImana, ko wanyitangiye. Ndashaka kukugendanira ntatirimuka. Ndashaka kugenzwa nijambo ryawe. Uranzi kandi urankunda. Ndakwizigiye, ndeguriye ubuzima bwanje mu maboko yawe. Ndashaka ngo umbere ubukomezi, umbere akanyamuneza kibihe vyose Ntawushobora gutandukanya Ekleziya na Kristu, nkuko atawoshobora gutandukanya umutumba numutwe. Yezu ni muzima muri Ekleziya yiwe, niwe ayibeshejeho. Ndabinginze rwaruka: Kunda Ekleziya yabibarutse mu kwemera, ikabaha kumenya Yezu nibitangaza vyurukundo rwiwe. Rwaruka nkunda, kugira ngo ubunywanyi mufitaniye na Yezu bukure, birakwiye ko mwomenya uruhara ruhambaye mufise muri Paruwasi, mu mibano rukristu canke mu mihari. Murakwiye kandi kumenya akamaro kinkuka yimisa, ko kuronka isakramentu ryikigongwe, tutibagiye ukudatezura mu gisabisho no kuzirikana ijambo ryImana. Ubunywanyi mufitaniye na Yezu buzovyara muri mwebwe igishika co gushingira intahe ukwemera kwanyu, aho muba naho mugendera. Bamwe bazobagwanya abandi babarabe irarirari Ariko, ntimwigungane Kristu. Menyesha abandi akanyamuneza mufise ko kwemera Imana. Isi irakeneye ko mwerekana ukwemera kwanyu. Isi irakeneye Imana. Ntimutinye guserura ukwemera mufise, ntimutinye kugendera ukwemera kwanyu muri Ekleziya gatolika EKLEZIYA YUBURUNDI IRAHIMBAWE NUMUKUNZI WAYO AZOSHIRWA MU BWERANDA Kwigenekerezo rya 23 Gitugutu 2011, i Roma, Nyenubweranda Papa Benedikito 16 azokwinjiza mu rutonde rwaberanda umweranda mushasha. Nawe ni MUSENYERI GUIDO MARIA CONFORTI akaba ari we yatanguje umuryango wabamisiyonari babasaveriano bamaze gushika no mu Burundi. Uwo muryango wifatikanije na Ekleziya yUburundi uratumiye bose guhimbaza uwo musi wagakura, kwigenekerezo rya 23 Gitugutu kwishengero iri ku musozi wa Siyoni Gikungu, i Bujumbura. Muri iyi numero yo Kwisoko ryUbuzima no mu zindi zibiri zizokurikira tuzobamenyesha ubuzima bwuwo mweranda mushasha Guido Maria Conforti, urukundo afitiye abarundi be nabantu bo kwisi yose. Vyose muzobisanga ku rupapuro ruzozanana nizo numero. ABARUNDI BARAZI GUTWENZA: Hari umugabo ya-ri umukozi wa Leta yahengereye ku mwisho, aja guso-rora. Afata ibiyeri, insongo, kanyanga arapo-peranya. Emwe ziramushika pe! Ngo agire arataha, zimutsinda mu nzira, aca yiryamira mu mufurege. Abahaciye, baramubona kuko ukwezi kwaraka. Ngo bamuvyure, basanga ni intere. Baca bibaza ko ari ibisuma vyamukubise, bikamusiga ari intere. Baca bamujana kwa muganga. Bamushikanyeyo, muganga ngo amukoreko, yumva yatimvye nkikiziga no gukakaza ntakakaza. Aca abwira abamu-zanye ati: Umuntu yapfuye kera, mujane mu buruhu-kiro. Baca baramujanayo. Aha buri mu guca, za nzoga ziramuvako. Umugabo araraba ahantu ari, araha-yoberwa. Agize arakabakaba, yumva aryamye hagati mu biziga, aca aravyuka atuna ku muryango ngo nibugurura ace asohoka. Haheze akanya, bazana uwundi muntu yapfuye mu buruhukiro. Babaye bacugurura, wa mugabo yirasa hanze, ariruka. Abakozi bamuja inyuma basemerera bati: Fata, fata, fata umupfu aratorotse! Niko kuja kubwira dogiteri bati: Muri ba bapfu, umwe aratorotse!

You might also like