You are on page 1of 5

Kw Isoko ry Ubuzima

mu muryango w abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzima.es.tl

"N ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry Imana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr N39/12

23/9/2012

IDOMINIKA YA 25 Y UMWAKA

UMWAKA- B

Isasa ry inama y umuryango wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura (SYNODE)


Inama y umuryango wa Diyoseze ni ihuriro ry abatowe mu basaserdoti, mu bihebey Imana n abakristu b abalayike kugira ngo bunganire Umwepiskopi ku neza y umuryango wa Diyoseze iyo iva ikagera. Ni inama ikorana gake, kure na kure. Itumwako n Umwepiskopi wenyene iyo abonye ko muri Ekleziya canke mu gihugu hari ibibazo vy inkoramutima bikeneye uruhara rw imirwi yose igize Ekleziya. Iyi nama nayo ya diyoseze nkuru yacu ya Bujumbura nayo nyene yatumweko n Umwungere wacu, ari kumwe n abamufasha, bafatiye ku mabi menshi yabaye mu gihugu cacu c Uburundi, ubwicanyi cane cane, imitima ya benshi igakomereka. Iyi nama rero ifise intumbero yo kurabira hamwe uruhara n umuganda Ekleziya yogira dufashijwe n inema y Imana mu gufasha gutsimbataza amahoro arama biciye mu kurekuriranira no mu gusubiza hamwe kw abarundi bose. Icivugo c iyi nama ni : Ukurekuriranira n ugusubiza hamwe . Ni igihe rero gihambaye mu buzima bw Ekleziya yo muri diyozese yacu ya Bujumbura, ndetse n igihugu cose. Twese dutumirirwa kwumva ko iki gihe kituraba, twese, nk abana bagize umuryango wa diyoseze yacu yose. Dutegerezwa gusabira iyi nama, dukoreshe na ca gisabisho dufise co kuyisabira. Nkuko mumaze kubimenya, iyi nama iriko ibera muri Foyer de Charit y i Bujumbura; yatanguye itariki 17 ikazohera kw italiki 29 z uku kwezi kwa Nyakanga. Ibibazo biriko vyigwa muri iyo nama n ivyavuye mu nyishu za vya bibazo twishura mu mirwi ku maparuwasi yacu; ibibazo vyari vyashikirijwe abakristu bose ngo baterere ivyiyumviro inama y umuryango wa Diyoseze yacu. Abayirimwo bose ni 100, barimwo Umwepiskopi wacu, abasaserdoti 22, abihebeye Imana 22, abakristu b abalayike 22, n abandi batowe n Umwepiskopi ubwiwe 22. Iyi nama izosozerwa n inkuka y imisa, kw igenekerezo rya 29 Nyakanga, muri Cathedrale Regina Mundi igihe c isaha zitatu zo mu gitondo. Twese turatumiwe muri iyo nkuka y imisa. Ukurekuriranira n ugusubiza hamwe ni ingabirano itangwa n Imana . Tubandanye rero tuyitwara mu bisabisho vyacu, tugiriranire ikigongwe, dusubize hamwe bivuye ku mutima (2Abakorenti 5,18).
Igisabisho co gutura Imana inama y umuryango wa Diyoseze yacu.

Mana nzima, ni wewe Mana Muryango wa Data na mwana na Mutima Mweranda. Ni wewe urema abantu bose ukabaremana agshusho kawe. Turagukuriye ubwatsi. Turagushimiye ko waduhaye Uburundi ukabutaka ivyiza vyinshi, ukabidusangiza twese, kugirango bidutunge, bizodutungire abana, abuzukuru n abuzukuruza. Tweho yamara twarabaye ba bahe biyake, turahumanya agashusho waturemanye. Urabona nawe Mukama ingene twafutanije igihugu cacu, abantu bakicwa, abandi bakangazwa, imfuvyi n abapfakazi bakabura uwo bitura, ingwara z ivyaduka zikaba umurengera, ibidukikije navyo nyene bikahahonera. None n utugirire ikigongwe Mukama. Jambo wawe waturungikiye ari we mahoro wacu, aratwigisha ko uri isoko ry urukundo n ikigongwe. Ni naho tukwituye n umwizero mwinshi muri iki gihe twijukiye ingendo y amahoro n ugusubiza hamwe. Turagusavye rero umuco n ubutwari vya Mutima Mweranda ngo duhinduke, tubashe kurekuriranira. Tugire abatumwa b ukuri, b ubutungane, b urukundo n ikigongwe, arivyo nkingi z amahoro. Hezagira ibikorwa vy inama y umuryango wa Diyoseze yacu, biranguke kw izina ryawe. Tubigusabishije Yezu Kristu Umukama wacu. Amen. Bikira Mariya mugabekazi w amahoro, dusabire.

Twumvirize iryo Imana ituyagira


IDOMINIKA YA 25 YO MU MWAKA- B IGISOMWA CA MBERE: Sag. 2, 12. 17-20 Ababisha ntibubaha ubuzima bw intungane Ivyo dusoma mu gitabu c Ubwitonzi: Abiyumvira inabi mu mitima yabo bahora bibwira bati: Ni muze dutege umutego umuntu w intungane, kuko adutesha ibikorwa vyacu, yama adutonganya ngo turenga amabwirizwa y Imana, ngo dutukisha indero y abasokuru twaronse. Reka turabe ko ivyo yivugisha ari ivy ukuri, maze turabe amaherezo yiwe. Uwo muntu wintungane ni yaba ari umwana w Imana, Imana izomuhagarikira imukure mu minwe y abansi. Ni muze tumutuke tumuturubike, turabe ingene yitonda n aho ukwiyumanganya kwiwe kugarukira. Ngo tumwice nk umubisha, ko avuga yuko hari uwumuhagarikira. IGISOMWA CA KABIRI: Yak. 3, 16; 4, 3 Ubwitonzi bukomoka ku Mana Ivyo dusoma mw ibaruwa ry Umutumwa Yakobo: Bakunzi banje: Ahari ishari n amahane, niho hari umudugararo n amoko yose y ibikorwa bibi. Ariko, ahari ubwitonzi bukomoka ku Mana, hama ingingo, na yo ikavyara amahoro, impuhwe, umwumvikano, umutima w ikigongwe, inda nziza, ntibugira nkunzi, ntibwiyorobeka. Kandi imbuto z ubutungane zibibwa mu mahoro, zikavyara abantu barwanira amahoro. Muri mwebwe, intambara n imitongano biva hehe? Ubwo, ntibiva ku ngeso mbi zanyu zija zirarwanira mu mitima yanyu? Muripfuza ariko Bakristu benewacu, ni ukuri, Ijambo ry Imana ni ijambo ry ubuzima! Ingo tuzirikane ico duhejeje kwumva kiduha umuco uboneshereza inyifato zimwe zimwe zacu. Yakobo Mweranda yatanguye kutubwira, mu gisomwa ca kabiri ati: Ahari ishari n amahane, niho hari umudugararo n amoko yose y ibikorwa bibi . Ego ni vyo. Nibuka abantu batari bake baje kunsaba impanuro muri iyi ndwi. Umwe muri abo ni umushingantahe yabuze amahoro mu muryango wiwe. Umukenyezi wiwe yagiye iwabo aranka kugaruka mu rugo. Narashoboye kwumviriza ico umw umwe avuga ku bijanye n ingorane zabo; emwe si ibindi, vyose bishingiye mw ishari, amahane n ubwishime. Ku wa 5 namaze umusi wose ndiko nkurikira urubanza rw umupfakazi ababanyi barenganije, bashaka kumutwara itongo ku nguvu. Ejo, umukobwa umwe yaje kumbarira ingorane afitaniye na se wiwe. Yambwira ariko ararira amajambo mabi rwose se amubwira; uyo mukobwa ashaka gusubira mw ishule ngo yige kuko afise iciyumviro co kwihebera Imana, ariko se wiwe aravyanka. Eka n utundi turorero twinshi.... Bakristu benewacu, mu gihe tugezemwo, turabona hirya no hino ko abantu babura amahoro; mu rugo kwa naka, babana nabi, bararwana n ibindi. Hariya kwa ntuze, abana

ntimuronke mugaca mwica; ishari rirabatwara, ariko ntimushikire ico mushaka, mugaca mutera intambara mugatana mu mitwe. Ntaco muronka kuko mudasaba; murasaba, ntimugabane, kuko musaba nabi: musaba itunga ngo mwimerererwe neza gusa. INKURU NZIZA: Mk. 9, 30-37 Umwana w umuntu aza kugwa mu minwe y abantu Ivyo dusoma mu Njili yanditse Marko: Umunsi umwe Yezu yariko aca mu Bugalile ari kumwe n abigishwa biwe, na we Yezu ntagombe ko bimenyekana, kuko yariko ara-bigisha ababwira ati: Umwa-na w umuntu aza kugwa mu minwe y abantu, bamwice, amaze gupfa, iminsi itatu ishi-ze, azozuka. Ariko bo ntiba-tegera iryo jambo kandi baga-tinya kumusiguza. Bashika re-ro i Kafarnaumi. Ashitse mu nzu, Yezu arababaza ati: Mwaharira ibiki mu nzi-ra? Barahora, kuko bari bahaririye mu nzira ngo bamenye umukuru muri bo. Araheza aricara, aha-magara bamwe cumi na babiri, arababwira ati: Uwugomba kuba uwambere n abe uw inyuma ya bose n umusuku wa bose. Hanyuma azanye umwana mutoyi, amushira hagati yabo; amubumbatiye ababwira ati: Umuntu wese yakiriza yompi umwe muri utu twana kubwanje, nije aba yakirije yompi; na we uwunyakirije yompi sije aba yakirije yompi, aba yakirije yompi uwantumye. ntibasonera abavyeyi, baratukana; hariya handi umupfasoni wa naka aragirira ishari rwose mugenzi wiwe, bama bashavuriranira... Ijambo ry Imana ry uyu musi, riratubaza ikibazo gihambaye dusabwe kuzirikana no kwishura: Muri mwebwe, intambara n imitongano biva hehe? Ubwo ntibiva ku ngeso mbi zanyu zija zirarwanira mu mitima yanyu? Bikomoka mu vyo mukunda ikirenga, vyama birwanira muri mwebwe ubudahengeshanya. Muripfuza ikintu, mugabo mubonye ko mudashobora kukironka, mugaca mwiyumvira no kwica. Muracambirwa ikintu, mubonye mudashoboye kukironka, mukaja mu vyo gutata no guhamana. Na kare ahari inzigo, ishari n ayandi mabi yose ntihabura ingaruka mbi z ubwoko bwose. Bakristu, ayo majambo umutumwa Yakobo yabwiye abakristu biwe, uyu musi Imana irashaka kuyabwira twebwe nyene, ikadusaba kuzirikana no kwisuzuma kur ivyo vyose vyama bitubuza amahoro cane cane mu ngo, mu mibano, mu mitumba, mu bigwati. Nkuko umutumwa Yakobo abitwiganiye, ahari ishari n amahane hama umudugararo n ibikorwa bibi. N ivy ukuri, umuntu atanguye kugirira ishari mugenziwe, bimushikana kure. Iryo shari naryo ryaka indaro mu mutima w umuntu rikamutuma agira ivyipfuzo bibi biguma bigwanira muri we. Uwutahabereye intwari, yipfuje ntaronke, aganzwa n ivyipfuzo vyiwe, akica. Uwutwawe n inambu y itunga ry uwundi ariko ntarironke, aca atangura kumurwanya. Iyo si inyifato y umukristu. Iyo ni inyifato y ubupagani, yoshwa na shetani. Bakristu, muri iki

gihe, benshi baraganzwa n ishari n amahane; si yo nyifato iranga umukristu. None kugira ngo ivyipfuzo vyawe biranguke wogira iki? Umutumwa Yakobo arakubwiye ko ataco ufise kuko udasaba; ko usavye ntugabane uba usaba nabi. None rero ko uronse akaryo ko kuzirikana aya majambo, saba ubwitonzi buva ku Mana kuko ari bwo burimwo vyose: amahoro, umwumvikano, impuhwe, umutima w ikigongwe, inda nziza... Saba ubwitonzi, gira ubwitonzi! Yakobo Mweranda ati: Ariko, ahari ubwitonzi bukomoka ku Mana, hama ingingo, na yo ikavyara amahoro, impuhwe, umwumvikano, umutima w ikigongwe, inda nziza, ntibugira nkunzi, ntibwiyorobeka. Kandi imbuto z ubutungane zibibwa mu mahoro, zikavyara abantu barwanira amahoro. Saba ubwitonzi bukomoka ku Mana. Mwebwe abubakanye mubura amahoro mu rugo, ni musabe ubwitonzi! Rwaruka, sabe ubwitonzi ngo mubane n abandi mu mahoro....Ariko ubwo bwitonzi buva ku Mana ni ubuhe? Twobumenya gute? Twobukomeza gute mu mitima yacu? mu ngo zacu? mu mico yacu? Yezu uyu musi yaduhishuriye inzira n itegeko twokurikira ngo dukomeze ubwo bwitonzi; nshobora kubigereranya n itegeko rikuru ridusaba kubana mu mahoro no gukomeza ubwo bwitonzi. Ati: Uwugomba kuba uwambere n abe uw inyuma ya bose n umusuku wa

bose. Ng iryo itegeko dusabwe kugamburuka: kuba umusuku; ariko ntimurambirwe, Yezu yongereyeko ayandi majambo asigura neza iryo tegeko n igituma twokwicisha bugufi ku rugero yaduhaye: hanyuma, Yezu azanye umwana mutoyi, amushira hagati yabo; amupfumbatiye ababwira ati: Umuntu wese yakiriza yompi umwe muri utu twana ku bwanje, ni je yakirije yompi, na we uwunyakirije yompi si je yakirije yompi, aba yakirije yompi uwantumye . Umukristu yemera kubera uwundi umusuku ni uyo yakiriza yompi uwundi KUBWA YEZU; amwakiriza yompi kuko muri we abona Yezu amubamwo, akakiriza yompi Imana yamutumye. Ng ubwo ubwitonzi buva ku Mana Yakobo avuga. Reka nshishikare ndabishimangire, ninjire mu buzima. Mushingantahe, ugiye kubera umusuku umukenyezi wawe kuko muri we ubona Yezu, muri we wakira Yezu n Imana nyene. Na we Mupfasoni, shima guheba ishari n amahane yose kuko mu mugenzi wawe ubona Yezu; ni we mukuru, na we uri umusuku wiwe; nturi umusuku w umugabo, uri umusuku wa Yezu. Bakristu benewacu, dukunde rero gukora vyose kubwa Kristu, hamwe na we no muri we nyene; ngiryo ishimikiro y ubukristu bwacu, in omnibus Christus, nkuko Paulo Mweranda abivuga ati: Kristu ni we vyose akaba ari muri vyose.

Shetani ntisinziriye. Natwe ntidusinzire.

Umubikira Maria Laura Mainetti yari yihebeyimana mu muryango w abigeme b umusalaba mu gihugu c Ubutaliano. Indagano za mbere yazigize muri Myandagaro 1959, baca bamushinga ibanga ry uburezi bw urwaruka. Yabikoranye ubwira bwinshi cane, yari yarategereye ko urwaruka rukeneye aho rushingira imizi kugira ngo bagere mu bigero vyiza. Bose yababonamwo Yezu umukunzi wiwe. Mu kwezi kwa Ruheshi 2000, hari akagwi k abigeme bafise hagati y imyaka 16 na 17, baje kumubwira ko bamukeneye vyihuta, aca arabitaba nkuko yahora yama abigenza iyo hari abamutabaje. Mu vyukuri, ako karwi kakora kw izina ry idini rimwe ry abayoboke ba shetani. Uwo musi lero, kashaka kurangurira kur uwo mubikira umugirwa wabo wo guhereza inkuka shetani, iyo nkuka nayo igatorwa mu bantu ataco binona, b abagororotsi, ataco bazira ( victimes innocentes). Baramufashe rero baramucumagura n imbugita incuro zishika 19. Igihe yariko arasandaba, yararonse inguvu zo gusabira no kugirira ikigongwe abo bariko baramwica. Kw igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2008, Papa Benedigito wa 16 yaremeje ko Maria Laura Mainetti yabaye umumaratiri; yavuze ati: Yaratanze ubuzima bwiwe, abutanga asabira kandi arekurira abariko baramusinzikariza ubuzima . Yabaye incungu izize ubugome bwa shetani, buciye ku bantu bemeye kuyiyoboka. Bamwe bamwe mur abo baba baragiranye amasezerano na shetani nyene. Erega n ubu ubugome bwa shetani buguma bwibonekeza mu buryo butandukanye. Ibibazo vy ubuzima vyarabaye umurengera abantu bagahungira mu babemerera inyishu zisambura imitima n ubuzima bwabo. Hari igihe abantu bashaka ivyoroshe, bagahurumbira ibidasaba kwigora canke kwihangana. Inyishu ngo ni zikureho ububabare n ubukene bwose, kandi zize buno nyene. Mu nyifato nk izo harimwo umutego: mu ntango bisa n ivyoroshe, bisa n ibitanga inyishu nziza; ariko mu nyuma usanga bitoroshe. Hari uruhererekane rw ivyiyumviro bibiba mu bantu ubuziramana, ubugarariji, ukwikunda, umwina w ivy isi. Birateba bikaza ku ntabwe yo kutagira ico umuntu yibanga: ubwicanyi, ubusambanyi, urwanko, ububisha bw ubwoko bwose. Ivyiyumviro vy ubugarariji shetani ibiba mu bantu, bituma ariyo ishirwa imbere, abayiyoboka bakaba intagondwa, bagasibanganya ubukuru n iteka vy Imana kandi bakabikora ku mugaragaro. Paulo Mweranda niwe atubwira ati: Ni mwambare ibirwanisho vy Imana ngo mushobore kurwanya imitego ya shetani, kuko tutarwanya abafise umubiri n amaraso, ariko turwanya abafise inganji, abafise ubutwari, abaganza iyi si y umwijima na ya mitima iyerera mu kirere (Abanyefezi 6,10-17). Ububasha bw amaraso meranda ya Yezu Kristu ni budutwikire, Umumalayika Mikaeli aturwanire, Bikira Mariya atunyegeze mu mutamana wiwe. Abakwiye kuronka amahoro yiwe ni bande? Mwananje, naravuze nti: Ndabasigaranye amahoro, ndabahaye amahoro yanje: uko abantu bayatanga, siko ndayabahaye (Yo.14,27). Abantu bose bipfuza amahoro, ariko ibibazanira amahoro y ukuri ntibabibabaye bose. Amahoro yanje ari kumwe n abifata ruto be n abatekereza mu mutima. Amahoro yanje azoshimikira mu bwiyumanganyi bwinshi. Ni waba unyumva ugakurikiza ijwi ryanje, uzoshobora kwinovora amahoro menshi. (Igitabu c Ukwigana Yezu. urup.161).

Dushemeze Imana ku munsi ku munsi


23/9 D 25 Ord- B

Padre Pio

Ubwit 2,12.17-20 Zab 53,3-8 Unawe uwunyakirije yompi, sije yakirije yompi, aba ykirije yompi Yakabo 3,16 4,3 Mk. 9,30-37 uwantumye Imigani 3,27-34 Luka 8,16-18 Luka 8,19-21 Zab 14,2-5
44

24/9 L

Gerardo

25/9 M Hermano 26/9 M Kosima na 27/9 J 28/9 V 29/9 S


Damiyano Visenti wa Paulo Winceslas

Imigani 21,1-13 Zab 118,1 Imigani 30,5-9 Zab 118,29

Ntawudomeka itara ngo aryubike urujo canke ngo arinyegeze mu rutara, ariko arishira ahabona ngo abinjira babone iyo baca Mawe na benewacu, ni abumva ijambo ry Imana, bakarikora

163 Yezu ahamagaye bamwe cumi na babiri, arabaha ubukuru

Luka 9,1-6 Koheleti 1,2-11 Luka 9,7-9 Koheleti 3,1-11 Luka 9,18-22 Mikaeli, Danieli 7,9-14 Gabriel, Rafael Yoh1,47-51

n ububasha ku mashetani yose n ubw ugukiza indwara Zab 89,3-17 Umwami Herode yumvise ivyabaye vyose arazazanirwa, kuko bamwe bavuga bati ni Yohani yazutse, abandi bati ni Eliya yiseruye Zab143,1-4 Yezu araheza arababaza ati : Mweho, ku bwanyu ndi nde? Petero aba ariwe avuga yishura ati Uri Kristu w Imana Zab 137,1-5 Natanaeli aramubwira ati: wamenyeye hehe? Yezu aramubwira ati: hamwe
Filipo atari bwaguhamagare, aho wari musi y ifigiye, narakubona

Mwa bamalayika b Imana, ni mushimagize Umukama!


Ekleziya iratwibutsa ubutumwa Imana yahaye abamalayika bwo kudukingira no kurangura ico cose Imana ishaka. Abamalayika bakuru Ekleziya ibahimbaza kw igenekerezo rya 29 Nyakanga. Ni bo b aba: Umumalayika mukuru Gabrieli : niwe yaburiye Bikira Mariya ko Imana izokwigira umuntu mu mbanyi yiwe, ku bubasha bwa Mutima Mweranda. Niwe kandi yabuye ivuka rya Yohani Batista. Umumalayika mukuru Rafaeli, n intumwa y Imana ikiza; araramira abantu mu ngwara zabo. Niwe yatumwe n Imana gukiza Tobi na Sara. Umumalayika mukuru Mikaeli, ni ikimenyetso c intsinzi y Imana. Niwe yagwanije aratsinda Lusiferi n inteko ziwe igihe bagarariza Imana. Abo bamalayika b abagarariji batembagarijwe mu nyenga y umuriro. Lusiferi n ingabo ziwe n ubu barabandanya kugarariza Imana no gukwegera abantu benshi bashoboka mu nyenga y umuriro barimwo; ntibahengeshanya kujuragiza abantu babatega imitego y ubwoko bwose, babata mu ngoyi z ingwara, ububisha, igicumuro... Abamalayika bagumije ibanga nabo, bayobowe na Mikaeli barazwa ishinga no kwihweza Imana, kuyitangarira, kuyininahaza, kugamburuka ishaka ryayo mu kuyobora isi no kwerekeza abantu ku rukiza. Mikaeli rero n umumalayika mukuru, ashinzwe kuturwanira, kutuvuna mu ntambara. Mikaeli Mweranda Umumalayika Mukuru, tuvune mu ntambara, duhagarikire ya shetani mbi yoye kudutsinda; Imana n iyiganze, nico tugusavye dushimitse. Na wewe nyene nteko z ijuru, tsinda n inganji wahawe n Imana iyo shetani mbi, n ibindi birere bizerera mu bihugu, vyosha nabi abantu; bitembagarize mu muriro udahera Amen. Mikaeli, Gabrieli, Rafaeli, turwanire. Amen. Twibuke n abamalayika barinzi bacu: Kw igenekerezo rya 2 Gitugutu, Ekleziya idutumirira kubibuka. Umuntu wese arafise umumalayika murinzi wiwe. Ng iyi impanuro duhabwa na Padre Pio: Umumalayika murinzi wawe yama arazwa ishinga no kugutegurira ibihe vyiza biguhuza n Imana; yipfuza kukwosha ivyiza wokora, kuguterera ivyiyumviro bibereye mu gihe kibereye, no mu gihe wewe nyene utavyiteze canke utabibona. Kugira ngo umumalayika murinzi wawe abashe kugufasha, urinda nawe kumworohereza, mukundire mube abagenzi, heba amakosa ukunda gukora, gira inyota yo gusubiza hamwe n Umukama ( prier comme un enfant de Roi, urupapuro 158). Ni muze rero ntitwibagire ko dufise abagendanyi bataboneka Imana yaduhaye. Twame tubasaba batuyobore, baduherekeze ntidute inzira y ijuru.

Ikinyamakuru Kw Isoko ry Ubuzima .

Ikinyamakuru Kw Isoko ry Ubuzima ni ciza kuko gifasha aba-kristu bipfuza kugumya, gukomeza, kubungabunga n ukuvomerera ukwemera kwabo kubera Ijambo ry Imana, inyigisho n impanuro zitandukanye zijanye n ubuzima bw umubiri n umutima dusanga muri ico kinyamakuru. Abagisoma nabo nyene baravyivugira ko kibafasha cane. Jewe nari maze imyaka ibiri ndangurira ubutumwa muri ico kinyamakuru, kandi caramfashije kwinagura n ugushikiriza abandi nanje ivyo nahawe n Umukama, ubu umuryango wacu ukaba undungitse gufasha urwaruka rwitegurira kwihebera Imana mu muryango wa Bene-Paulo. Ndashimira cane abo twafashanije ubutumwa hamwe rero n abasomyi b ikinyamakuru Kw Isoko ry Ubuzima bagumye badutera intege mu kutubwira ko ivyo twandikamwo bibafasha cane, mbere na bo nyene bakaturungikira ivyo twandikamwo kugira ngo bafashe abandi mu gukomeza ukwemera Imana dusangiye, Imana nibahezagire. Kumenyesha Imana haba mu nyandiko canke n ijwi rirenga, ntivyoroshe, kuko hari igihe ivyo ushikirije bikora ku mutima w umuntu, bitamubabaje, agahinduka. Hari aho rero usanga uruhamo, naho ushigikirwa; ivyo rero ntivyigera bitandukana n uwumenyesha Inkuru Nziza. Ariko rero Umukama yaratubwiye ko turikumwe atazotuvirira gushika ku muhero w isi (Mt. 28,20), ari naco gituma rero tutotinya mu butumwa bwacu na kare ngo uwuhagarikiwe n ingwe aravoma . None rero ni tubandanye dushigikira ubutumwa n abatumwa muri Ekleziya y Imana yagenewe bose, mu kuzana ibuye nawe ngo tubandanye dukutsa ikivi mu kwubaka umuryango wacu w abemera. Ndangije ndabatumirira kandi gusoma cane iki kinyamakuru mbere mubikundishe n abandi, Imana ibandanye ininahazwa mu bayo, ni nayo nituye ndayisaba ngo ibahezagire kandi ibakomeze. Frera Sprio NIBIGIRA.

You might also like